Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibikoresho vy’intambara: Anton Petrus/Moment via Getty Images; amahera: Wara1982/iStock via Getty Images Plus

NUGUME URI MASO!

Amahera amamiliyaridi ibihumbi arakoreshwa mu ntambara: None vy’ukuri hasohoka ayangana gute?

Amahera amamiliyaridi ibihumbi arakoreshwa mu ntambara: None vy’ukuri hasohoka ayangana gute?

 Amahera akoreshwa mu ntambara ni menshi cane.

  •   «Mu mwaka uheze ibihugu vyo hirya no hino kw’isi vyarakoresheje amahera arenga amamiliyaridi 2.000 vy’amadolari mu ntambara nyinshi. Ntibari bwigere bakoresha amahera menshi ukuraho mu myaka iheze.»​—Vyavuzwe n’ikinyamakuru The Washington Post, ku wa 13 Ruhuhuma 2024.

 Hari n’izindi ngorane ziterwa n’intambara, uretse gusohora amahera menshi. Ehe akarorero kamwe: Intambara yo muri Ukraine.

  •   Abasirikare. Abahinga bamwebamwe biyumvira ko abasirikare bamaze gupfa canke gukomereka bashika ku 500.000 kuva intambara itanguye, hakaba haciye imyaka ibiri.

  •   Abanyagihugu. Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rivuga ko abanyagihugu bamaze gupfa canke gukomereka barenga 28.000. Ariko rero, umutegetsi wo hejuru muri ONU avuga ati: «Ntidushobora kumenya neza igitigiri c’abantu intambara yasinzikaje.» a

 Igitigiri c’abantu bacumukujwe n’intambara hirya no hino kw’isi ni kinini cane.

  •   Imiliyoni 114. Igitigiri c’abantu bateshejwe izabo kubera intambara n’ubugizi bwa nabi buriko buba kw’isi yose kuva muri Nyakanga 2023.

  •   Imiliyoni 783. Igitigiri c’abantu badafise ivyo bafungura bikwiye. Ishirahamwe Mpuzamakungu PAM rivuga riti: «Intambara ni co kintu nyamukuru gituma haba inzara, kuko kw’isi yose, ibice 70 kw’ijana vy’abantu bataronka ivyo bafungura bikwiye ari abantu baba mu turere turimwo intambara n’ubugizi bwa nabi.»

 Intambara zoba zizokwigera zihera? Twoba twokwizigira ko hazobaho amahoro? Hoba hazogera igihe aho ata muntu n’umwe azoba akenye kandi abantu bose bagashobora kwimbura neza maze bakaronka ibifungurwa bikwiye? Bibiliya ibivugako iki?

Intambara

 Bibiliya yari yaravuze ko intambara zizoba hirya no hino kw’isi, izigereranya n’uwugendera kw’ifarasi.

  •   «Haca haza iyindi farasi y’ibara risa n’umuriro. Uwuyicayeko ahabwa gukura amahoro kw’isi kugira abantu bicane, ahabwa n’inkota ndende.»​—Ivyahishuwe 6:4.

 Uwo muntu w’ikigereranyo agendera kw’ifarasi akurikirwa n’abandi babiri bagereranya inzara ikwiragiye hose hamwe n’urupfu ruterwa n’ibiza canke ibindi. (Ivyahishuwe 6:5-8) Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’ubwo buhanuzi bwo muri Bibiliya, n’igituma twokwemera tudakeka ko ubwo buhanuzi buriko buraranguka muri iki gihe, nusome ikiganiro kivuga ngo «Abagendera kuri za farasi zine ni bande?»

Kazoza karangwa amahoro

 Vuba, ubutunzi bwo kw’isi ntibuzoba bugikoreshwa mu bijanye n’intambara. Ariko ivyo ntibizova ku kigoro k’abantu. Bibiliya ivuga iti:

  •   Imana «[izohagarika] intambara kw’isi yose.»​—Zaburi 46:9.

  •   Imana izokuraho ingaruka zose zibabaje zatewe n’intambara. «Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho. Nta kigandaro canke amaborogo canke ububabare bizoba bikiriho. Ivya kera bizoba vyavuyeho.»​—Ivyahishuwe 21:4.

  •   Imana izokwiyemeza neza ko abantu bose babaho mu mahoro. «Abantu banje bazokwibera ahantu h’amahoro, mu mazu atekanye n’ahantu ho kuruhukira hatagira inkomanzi.»​—Yesaya 32:18.

 Twisunze ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, intambara n’ibindi bintu biba muri iki gihe birerekana ko twimirije kuzobaho mu mahoro.

 Imana izozana gute ayo mahoro muri kazoza? Izobikora ibicishije ku ntwaro yayo iri mw’ijuru ari bwo Bwami bwayo. (Matayo 6:10) Kugira umenye ico ari co ubwo Bwami n’ico buzogukorera, nurabe iyi videwo ngufi ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?

a Miroslav Jenca, umufasha w’umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU i Buraya, itariki 6 Kigarama 2023.