Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Umuvyeyi mwiza yomera gute?

Woba wigisha umwana wawe gukunda Imana?

Umwana arakura neza igihe abavyeyi bakundana kandi bakubahana. (Abakolosayi 3:14, 19) Abavyeyi beza barakunda abana babo kandi bakabakeza nk’uko na Yehova Imana yakeje Umwana wiwe.Soma Matayo 3:17.

Data wa twese wo mw’ijuru arumviriza abasavyi biwe kandi akitwararika ukuntu biyumva mu mutima. Abavyeyi barakwiye kumwigana bakumviriza ivyo abana babo bipfuza kubabwira. (Yakobo 1:19) Barakwiye gutahura ukuntu abana babo biyumva mu mutima, naho boba bavuze amajambo ababaje.Soma Guharūra 11:11, 15.

Wokora iki ngo abana bawe bagire indero nziza?

Bwa muvyeyi, urafise uburenganzira bwo gushingira abana bawe amategeko. (Abanyefeso 6:1) Niwigane Imana. Iragaragariza urukundo abana bayo mu kubaha amategeko atomoye, ikabereka neza inkurikizi z’ukugambarara. (Itanguriro 3:3) Aho guhata abantu ngo bagamburuke, irabereka ivyiza biva ku gukora ikibereye.Soma Yesaya 48:18, 19.

Niwihatire gufasha abana bawe gukunda Imana. Ivyo bizotuma bigenza neza n’igihe mutazoba muri kumwe. Nk’uko Imana itwigisha biciye ku karorero iduha, nawe niwigishe abana bawe gukunda Imana mu kubabera akarorero keza.Soma Gusubira mu vyagezwe 6:5-7; Abanyefeso 4:32; 5:1.