Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 7

Ingene mwoha indero umwana wanyu

Ingene mwoha indero umwana wanyu

“Aya majambo ndagutegetse uno musi aze abe ku mutima wawe; kandi uze uyashimangire mu mwana wawe.”Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7

Igihe Yehova yashiraho indinganizo y’umuryango, yajeje abavyeyi ibanga ryo kwitwararika abana babo. (Abakolosayi 3:20) Bwa muvyeyi, urafise ibanga ryo kwigisha umwana wawe gukunda Yehova no kuzoba umuntu akuze kandi yitwararika ibintu. (2 Timoteyo 1:5; 3:15) Ukwiye kandi kumenya ikiri ku mutima w’umuhungu wawe canke umukobwa wawe. Ariko ntiwumve, akarorero utanga karahambaye cane. Ushize Ijambo rya Yehova mu mutima wawe ni ho uzoshobora kuryigisha neza umwana wawe.Zaburi 40:8.

1 NUTUME ABANA BAWE BOROHERWA NO KUKUYAGIRA

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga.” (Yakobo 1:19) Uripfuza ko abana bawe bumva ko bashobora kukuyagira bisanzuye. Barakeneye rero kumenya ko witeguriye kubatega ugutwi igihe bipfuza kukuyagira. Nutume mu rugo harangwa amahoro kugira biborohere guserura iryo bagona. (Yakobo 3:18) Hamwe bokwiyumvira ko uca ubakarira canke ukabanebagura, hari aho batokubwira vy’ukuri akari ku mutima. Niwihanganire abana bawe kandi wame ubasubiriza umutima mu nda yuko ubakunda.Matayo 3:17; 1 Abakorinto 8:1.

ICO WOKORA:

  • Nuhe akanya abana bawe igihe bipfuza kukuyagira

  • Nuze uraganira kenshi n’abana bawe aho kuganira igihe gusa hari ingorane

2 NUGERAGEZE GUTAHURA IVYO BASHAKA KUVUGA VY’UKURI

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Uwerekana ko ari n’ugutahura kwimbitse mu kintu, azoronka ivyiza.” (Imigani 16:20) Kugira ngo utahure ingene abana bawe biyumva vy’ukuri, hari igihe biba ngombwa ko utaraba gusa amajambo bakoresheje. Akenshi abakiri bato bararenza urugero mu vyo bavuga canke bakavuga ibintu mugabo atari vyo bashaka vy’ukuri guserura. “Iyo umuntu yishuye ku kintu ataracumva, ivyo bimubera ubupfu.” (Imigani 18:13) Ntiwihutire rero gushavura.Imigani 19:11.

ICO WOKORA:

  • Niwiyemeze kudaciramwo abana bawe canke ngo utwarwe n’agashavu, naho boba bavuze ibimeze gute

  • Nugerageze kwibuka ingene wahora wiyumva igihe wari mu bigero vyabo be n’ivyo wabona ko bihambaye

3 NIMUNAME RIMWE

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Umviriza mwananje, indero ya so wawe, kandi ntuhebe itegeko rya nyoko wawe.” (Imigani 1:8) Sebibondo na inabibondo bompi Yehova yarabahaye ubukuru ku bana babo. Mutegerezwa kwigisha abana banyu kububaha no kubagamburukira. (Abanyefeso 6:1-3) Abana barabibona igihe abavyeyi babo bataba “bunze ubumwe neza mu muzirikanyi umwe.” (1 Abakorinto 1:10) Bishitse ntimuhuze, nimwirinde kuvyerekana imbere y’abana banyu kubera ko bishobora gutuma bataba bakibubaha cane.

ICO MWOKORA:

  • Nimuganire maze mwumvikane ukuntu muzotoza indero abana banyu

  • Nimba wewe n’uwo mwubakanye mutabona kumwe ukuntu mwoha indero abana banyu, nugerageze gutahura iciyumviro ciwe

4 NIMWISHINGIRE UMUGAMBI

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Rera umwana wisunze inzira imubereye.” (Imigani 22:6) Kugira abana banyu baronke indero nziza ntibizopfa kwizana. Murakeneye kuba mufise umugambi w’ingene muzobamenyereza, aho hakaba harimwo n’ukubatoza indero. (Zaburi 127:4; Imigani 29:17) Gutoza indero si uguhana gusa, ahubwo birimwo n’ugufasha abana banyu gutahura imvo ziba zatumye mushinga amategeko. (Imigani 28:7) Vyongeye, nimubigishe gukunda Ijambo rya Yehova no gutahura ingingo ngenderwako ziri muri ryo. (Zaburi 1:2) Ivyo bizofasha abana kugira ijwi ryo mu mutima rikora neza.Abaheburayo 5:14.

ICO MWOKORA:

  • Nimufashe abana banyu kubona ko Imana atari umugani be n’uko bashobora kuyizigira

  • Nimubafashe kubona no kwirinda ivyobagirira nabi mu nyifato runtu, nk’ibiboneka kuri Internet no kuri ya mihora yo guhanahanirako amakuru (réseaux sociaux). Nimubigishe kwirinda abarondera kubahumbisha

“Rera umwana wisunze inzira imubereye”