Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Ni ibiki vyofasha abana bawe gukunda Imana?

Nufatire ku vyaremwe kugira ngo ufashe abana bawe kumenya Imana no kuyikunda

Abana bawe bashobora kwiga gukunda Imana igihe gusa babona ibimenyamenya vyerekana yuko ibaho be n’uko ibakunda. Kugira ngo bashobore gukunda Imana, barakeneye kuyimenya. (1 Yohani 4:8) Nk’akarorero, barakeneye kumenya umugambi Imana yari ifise igihe yarema umuntu, igituma ireka imibabaro ikadushikira n’ico izokorera abantu muri kazoza.Soma Abafilipi 1:9.

Kugira ngo ufashe abana bawe gukunda Imana, utegerezwa kubereka yuko nawe uyikunda. Babonye ko uyikunda, boshobora kukwigana.Soma Gusubira mu vyagezwe 6:5-7; Imigani 22:6.

Wokora iki ngo ushikire umutima w’abana bawe?

Ijambo ry’Imana rirafise ububasha. (Abaheburayo 4:12) Nufashe rero abana bawe kumenya inyigisho zaryo z’ishimikiro. Kugira ngo Yezu ashikire umutima w’abamwumviriza, yarababaza ibibazo, akabumviriza akongera akabasigurira Ivyanditswe. Ukwiye kwigana uburyo Yezu yigisha kugira ngo ushikire umutima w’abana bawe.Soma Luka 24:15-19, 27, 32.

Vyongeye, inkuru zo muri Bibiliya zivuga imigenderanire Imana yagiranye n’abantu zirashobora gufasha abana kuyimenya no kuyikunda. Ibitabu be n’ibindi bintu vyasohowe ku bw’iyo ntumbero biraboneka kuri www.pr418.com.Soma 2 Timoteyo 3:16.