Ja ku birimwo

Imana yoba ari inguvu itagira ubwenge?

Imana yoba ari inguvu itagira ubwenge?

Inyishu Bibiliya itanga

 Imana irakoresha inguvu ntangere mu biriho vyose. Ku bijanye n’ukuntu yaremye inyenyeri amamiliyaridi adaharurika, Bibiliya ivuga iti: “Raramurira amaso yanyu iyo hejuru murabe. Ni nde yaremye ivyo bintu? Ni Umwe asohora ingabo zavyo ku gitigiri, zose akazihamagara mu mazina yazo. Kubera umurengera w’inguvu rukozi, kandi akaba yuzuye ingoga mu bubasha, nta n’imwe muri zo ibura.”—Yesaya 40:25, 26.

 Imana yoba ari inguvu y’inyabubasha gusa? Oya, Bibiliya ivuga yuko ifise inyiyumvo, nk’urukundo n’urwanko. (Zaburi 11:5; Yohani 3:16) Irahishura kandi ko ivyo abantu bakora bishobora kugira ico bikoze ku Mana.—Zaburi 78:40, 41.