Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | URASHOBORA KUBA UMUGENZI W’IMANA

Woba wumva ko Imana ari umugenzi wawe?

Woba wumva ko Imana ari umugenzi wawe?

“Iyo ufitaniye ubugenzi somambike n’Imana bituma wumva ufise amahoro, wikwije kandi utekanye. Wumva ko Imana iguma yitwararika ineza yawe.”—VYAVUZWE NA CHRISTOPHER, UMUSORE WO MURI GANA.

“Igihe uri mu mubabaro, Imana irabibona, ikakugaragariza urukundo, ikagukorera ibirengeye ivyo woyisaba vyose.”—VYAVUZWE NA HANNAH W’IMYAKA 13 WO MURI ALASKA, MURI AMERIKA.

“Kumenya yuko ufitaniye ubugenzi somambike n’Imana ni ikintu gihimbaye cane gituma umuntu yumva ko atekaniwe!”—VYAVUZWE N’UMUGORE WO MURI JAMAYIKE YITWA GINA, AFISE IMYAKA NKA 45.

Christopher, Hannah na Gina si bo bonyene biyumva gutyo. Abantu benshi bo hirya no hino kw’isi, baremera badakeka ko Imana ibafata nk’abagenzi bayo. Weho bite? Woba wumva ko Imana ari umugenzi wawe? Woba wipfuza kuyiyegereza canke kurushiriza kuyiyegereza? Ushobora kuba wibaza uti: ‘Umuntu buntu yoba vy’ukuri ashobora kuba umugenzi w’Imana Mushoboravyose? Nimba bishoboka, umuntu yobigenza gute?’

KUBA UMUGENZI W’IMANA BIRASHOBOKA

Bibiliya irerekana ko umuntu ashobora kugiranira ubugenzi n’Imana ku giti ciwe. Aburahamu umwe sekuruza w’imiryango w’Umuheburayo, Bibiliya ivuga yuko Imana yamwise “umugenzi wanje.” (Yesaya 41:8) Ehe aka kamo Imana idutera muri Yakobo 4:8: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” Biratomoye rero yuko kugiranira ubugenzi n’Imana bishoboka. None ko Imana itaboneka, ‘wokwiyegereza’ Imana gute ngo ube umugenzi wayo?

Kugira turonke inyishu y’ico kibazo, reka tubanze turabe ukuntu bigenda kugira ngo abantu babe abagenzi. Mu bisanzwe, ubugenzi butangurira ku kumenyana amazina. Maze uko baza barayaga baseruranira akari ku mutima, ubugenzi bwabo burakomera. Vyongeye, igihe umwe wese yihata ngo akorere ikintu ciza mugenziwe, ubugenzi bwabo burakomera. Ukwo nyene ni ko bigenda ku bijanye no kugiranira ubugenzi n’Imana. Reka tubirabe.