Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 NIWIGANE UKWIZERA KWABO | YOZEFU

“Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye?”

“Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye?”

YOZEFU abadandaza baramujanye. Bariko bajabuka akarere kanini cane gashashe k’aho Uruzi Nili rushamikira imbere yo kwisuka mu kiyaga. Uko ahema akayaga kaho gashushe, arumva akamoto k’ibiterwa be n’amashurwe vyo mu mazi. Nuse n’uwubona abo badandaza bayoboye ingamiya zabo baca ku nkombe y’uruzi, berekeje mu kindi gisagara. Hamwehamwe baza barubuka ku nyanana canke ku nyoni yitwa igifatanzoka ziriko zigendagenda ahantu hajaga, zibabonye zigaca ziguruka. Yozefu aribuka iwabo mu misozi y’i Heburoni ihuhutamwo imiyaga. Ubu ageze iyo catawe, mu gihugu gitandukanye cane n’ic’iwabo.

Mera nk’uwubona inkende ziriko zirajwiragira ziri hejuru ku biti vy’ingazi z’itende no ku misukoni. Nk’uko nyene Yozefu adatahura ivyo izo nkende ziriko ziravuga, ni na ko adatahura imvugo y’abantu bagenda barahura. Kumbure aragerageza kuraba ko hari amajambo yotahura canke yohigira. Ariko ico azi coco ni uko iwabo atazopfa asubiye kuhakubita ijisho.

Yozefu afise imyaka 17 canke 18, ariko ingorane amaze gucamwo be n’izimurindiriye zobiza icuya n’abantu bakuze batari bake. Bene wabo baramugiriye ishari n’inzigo kubera se yamukunda cane, barahakwa kumugandagura. Ariko baciye bamugurisha kuri abo badandaza. (Itanguriro 37:2, 5, 18-28) Ubu, abo badandaza baramaze indwi nka zingahe bari mu nzira. Uko biri kwose, akamwemwe kagenda karabasya narirya bari hafi gushika mu gisagara kinini bazogurishamwo Yozefu be n’izindi mari bashoye. None Yozefu azobigenza gute kugira ngo ntadendebukirwe canke ngo yicwe n’umwiheburo? Tweho muri iki gihe twokora iki kugira ngo ingorane zo mu buzima ntizisenyure ukwizera kwacu? Inkuru ya Yozefu iratwigisha vyinshi.

“YEHOVA ABANA NA YOZEFU”

“Nayo Yozefu amanukanwa mu Misiri, maze Potifari umukozi wo ku kirimba ca Farawo, umukuru w’abacungera ubuzima, Umunyamisiri, amugura n’Abishimayeli bari bamumanukanye ng’aho.” (Itanguriro 39:1) Dusomye ayo majambo avuga ivyashikiye Yozefu, turashobora kwiyumvisha ingene uwo musore ategerezwa kuba yarumvise agashambara kamuvuyeko igihe basubira kumugurisha. Bamubona nk’imari gusa! Gerageza kumubona akurikiye shebuja wiwe mushasha yakorera ku kirimba c’umwami wa Misiri. Iyumvire bariko baraca mu mabarabara yo mu gisagara anyagaramwo abantu, yuzuyeko utuguriro, bagana ahari hagiye kumubera muhira.

Uti muhira? Aho hantu nta co hasa hasana n’aho Yozefu yita muhira. Yari yakuriye mu muryango wibera mu mahema kuko baza barimukanga, bakimukana n’imikuku yabo y’intama. Ariko aho mu Misiri, abantu b’abatunzi nka Potifari wasanga bibera mu mazu mezameza asize amabara. Abacukuzi b’ivya kera bavuga ko aho hambere Abanyamisiri bakunda cane imirima y’amashurwe itotahaye ikikujwe n’impome. Iyo mirima yaba irimwo ibiti bitanga igitutu, ahantu hatekanye hateze amazi ho gutera urufunzo, amashurwe yo mu mazi n’ibindi biterwa bikunda mu mazi. Inzu zimwezimwe zaba zikikujwe n’imirima y’amashurwe, zifise amabaraza yo gusamiramwo akayaga, amadirisha ari hejuru atuma akayaga kinjira mu nzu. Zaba zifise n’ivyumba  vyinshi, ushizemwo n’aho gufungurira be n’uburaro bw’abakozi.

Ivyo bintu bikomakomeye vyoba vyaratangaje cane Yozefu? Bisa n’uko bitamutangaje cane. Ahubwo bishobora kuba vyaratumye arushiriza kwumva irungu. Ururimi rw’Abanyamisiri, inyambaro yabo n’ukuntu bitunganya vyamubereye bishasha. Ikitavuzwe coco ni ukuntu basenga. Imana basenga zari urwenda n’urwobeza! Barakora ivy’ubupfumu, bakabaho barajwe ishinga cane n’urupfu be n’ubuzima bw’inyuma y’urupfu. Ariko hari ikintu catuma Yozefu aticwa n’irungu ngo yihebure. Bibiliya ivuga iti: “Yehova abana na Yozefu.” (Itanguriro 39:2) Yozefu ategerezwa kuba yarabwira Imana akari ku mutima. Bibiliya ivuga yuko “Yehova ari hafi y’abamwambaza bose.” (Zaburi 145:18) Hoba hari ikindi cakomeje ubucuti Yozefu yari afitaniye n’Imana yiwe?

Aho kwihebura, uwo musore yarakuye amaboko mu mpuzu arakora igikorwa ajejwe uko ashoboye. Ivyo vyarahaye Yehova akaryo ko kumuhezagira, bituma shebuja Potifari adateba kumushima. Potifari yarabonye ko Yozefu yariko arahezagirwa na Yehova, Imana y’ab’iwabo n’uwo musore. Kandi nta nkeka ko iyo mihezagiro yatuma urugo rw’uwo Munyamisiri rutunga rugatunganirwa. Potifari yararushirije gushima uwo musore w’umunyamwete, ku buryo amushinga ivyo mu rugo rwiwe vyose.Itanguriro 39:3-6.

Yozefu yarabereye akarorero keza urwaruka rukorera Imana muri iki gihe. Nk’akarorero, igihe bari kw’ishure, vyoshika bakaba bakikujwe n’urwaruka batamenyereye rumeze ukuntu, rukunda ivy’ubupfumu n’ivy’amageza canke rwihebuye, ata cizigiro rufise. Nimba ivyawe ari ukwo vyifashe, niwibuke ko Yehova atahindutse. (Yakobo 1:17) Ntiyigera aheba abo bose baguma ari intahemuka kuri we kandi bagerageza kuba abanyamwete mu vyo bakora vyose. Arabahezagira cane, kandi nawe azoguhezagira.

Reka tugaruke kuri Yozefu. Uwo musore yariko arakura. Inkuru itubwira yuko yahavuye agera mu bigero, aba “mwiza ku mubiri, aba na mwiza mu kuntu asa.” Ubwo bwiza yari afise bwari bugiye kumukwegera, kubera ko kenshi iyo umuntu afise ubwiza usanga hari abamugomwa mu buryo butabereye.

Muka Potifari yaragomwe Yozefu, umusore w’umwizigirwa

“NTIYIGERA AMWUMVIRIZA”

Yozefu yari umuntu azira guhemuka, ariko muka Potifari we si ko yari ameze. Inkuru ivuga iti: “Umugore wa shebuja atangura kuraramurira amaso kuri Yozefu, avuga ati: ‘Ingo turyamane.’ ” (Itanguriro 39:7) Yozefu yoba yaragize icipfuzo co kwemera ivyo uwo mugore w’inshirasoni atasenga Imana y’ukuri yamusaba? Bibiliya ntiyerekana ko Yozefu atagira ivyipfuzo nk’ivyo abandi basore bagira. Ntiyerekana kandi ko ata bwiza Yozefu yabona kuri uwo  mugore yibera mu bihinda vy’umugabo wiwe atunze kandi ahambaye yakorera ku kirimba. Yozefu yoba yaribwiye ko shebuja ata co yokwigeze amenya? Yoba yari kwemera gukundana n’uwo mugore kugira yironkere ibintu?

Nta womenya ivyo Yozefu yiyumviriye vyose. Ariko inyishu yahaye muka Potifari iratwereka neza icipfuzo yari afise ku mutima. Yamubwiye ati: “Ehe databuja nta co yinona ku vyo njejwe mu nzu, kandi ivyo afise vyose yabishize mu kuboko kwanje. Nta wunduta muri iyi nzu, kandi nta kintu na kimwe yanyimye kiretse wewe, kuko uri umugore wiwe. None noshobora nte gukora ico kibi gikomeye ngacumura koko ku Mana?” (Itanguriro 39:8, 9) Iyumvire uwo musore ariko aravuga ayo majambo ashimitse. Ntiyashobora no kwubahuka kwiyumvira ico kintu inabuja yashaka ko yokora. Kubera iki?

Nk’uko Yozefu yabivuze, shebuja Potifari yaramwizigira. Yari amaze kumuzeza urugo rwiwe rwose, ukuyemwo umugore wiwe gusa. Wumva none Yozefu yari kwubahuka gute guhemukira shebuja? Yari kubihera he? Ariko hari n’ikindi catuma yumva atovyubahuka: yari azi neza ko akoze ico kintu, yari kuba acumuye ku Mana yiwe Yehova. Abavyeyi biwe bari baramwigishije ukuntu Imana ibona umubano w’ababiranye be n’uguhemuka. Yehova ni we yatanguje umubano wa mbere, kandi yaratomoye ico yari yiteze ku mugabo n’umugore. Yipfuza ko babana akaramata, bakaba “umubiri umwe.” (Itanguriro 2:24) Uwo wese yaba agomba kutavyubahiriza yarashobora kwikwegera uburake bw’Imana. Nk’akarorero, uwarondeye gufata ku nguvu umugore wa Aburahamu, inakuruza wa Yozefu, yarahatswe kwibonerako. Ni ko vyagenze no ku washatse gufata ku nguvu inakuru wa Yozefu, ari we muka Izahaki. (Itanguriro 20:1-3; 26:7-11) Ivyo Yozefu yari abizi neza, kandi yabifata nka nkama.

Ivyo Yozefu yishuye muka Potifari ntivyamuguye neza. Ako gashumba k’agashumba kashobora gute kumwankira, kakubahuka kuvuga ko ivyo agasaba ari “ikibi gikomeye”? Naho vyari ukwo, uwo mugore ntiyateshejwe ngo ate. Ashobora kuba yibwiye ati: ‘Ni ukuri yoba angaye!’, aca ararondera hasi hejuru ingene yomugondoza. Ako gatima yagize nta ho gataniye n’aka Shetani. Shetani yaragerageje Yezu bimuta ku w’amazi. Ariko aho guteshwa ngo ate, yaciye arindira kugeza aronse “akandi karyo keza.” (Luka 4:13) Abipfuza gukora ivyo Imana igomba bategerezwa na bo nyene kwumira kw’ibanga, ntibahemuke. Ni ko Yozefu yabigize. Naho muka Potifari yamugerageza “ku musi ku musi,” Yozefu yagumye yumiyeko. Bibiliya ivuga iti: “Ntiyigera amwumviriza.” (Itanguriro 39:10) Ariko muka Potifari yari inshirwarimenetse.

Umusi uri izina, abakozi bose bariko bakorera hanze. Muka Potifari yari azi neza ko Yozefu yokwinjiye mu nzu gukora akazi ajejwe. Yozefu yinjiye, akaryo ko kumufata kari kabonetse. Yaciye amufata impuzu aragumya, amubwira irya nyuma ati: “Ingo turyamane!” Yozefu yaciye ubwo nyene agerageza kumwiyaka, ariko uno yari yafashe impuzu aragumya. Ni kwo guca yigobotora, amutana impuzu yiwe, arayanyaga!—Itanguriro 39:11, 12.

Ivyo bishobora guca bitwibutsa impanuro intumwa Paulo yaduhaye igira iti: “Nimuhunge ubusambanyi.” (1 Abakorinto 6:18) Yozefu yarasigiye akarorero keza abakirisu b’ukuri bose! Ubuzima burashobora gutuma biba ngombwa ko tuba turi kumwe n’abantu batubaha amategeko y’Imana agenga inyifato runtu. Ariko ivyo ntibisobanura ko twoca tureka bakatwosha nabi. Uko vyogenda kwose, dutegerezwa guhunga inyosha mbi yabo.

None Yozefu vyamugendeye gute? Emwe, yarahaboneye. Muka Potifari ryaranize. Yaciye ayiha umunwa, ahamagara abandi bakozi ngo baze gutabara. Yababwiye ngo Yozefu yagerageje kumufata ku nguvu, ngo ariko yumvise ayihaye umunwa, aca ariruka. Yaciye agumana ya mpuzu ya Yozefu ngo ize kuba ikimenyamenya aza kwereka umugabo. Potifari atashe, mukiwe yaciye asubira gukorera Yozefu inkono ishushe, mbere asa n’uwuta amakosa ku mugabo wiwe kubona yarazanye uwo munyamahanga mu rugo rwabo. Uti none Potifari yavyakiriye gute? Inkuru ivuga iti: “Ishavu rica rirarurumba”! Potifari yaciye ata Yozefu mw’ibohero.Itanguriro 39:13-20.

“BABABARISHA AMAPINGU IBIRENGE VYIWE”

Nta vyinshi tuzi ku kuntu amabohero y’Abanyamisiri yari ameze ico gihe. Ariko abacukuzi b’ivya kera barubuye ibisigarira vy’ayo mabohero. Basanze zari inyubakwa nini zikomeye cane zigizwe n’ubusho be n’ibibanza vyo mu kuzimu vyo gupfungiramwo abantu. Mu nyuma, Yozefu yavuze ko yapfungiwe  mu “cobo c’ibohero,” bikaba vyumvikana ko hari ahantu hatabona imbohe zavundira. (Itanguriro 40:15) Igitabu ca Zaburi kirerekana ayandi mabi Yozefu yaboneyeyo, giti: “Bababarisha amapingu ibirenge vyiwe, ubuzima bwiwe bwinjira mu vyuma.” (Zaburi 105:17, 18) Rimwe na rimwe, Abanyamisiri barabohera i mugongo amaboko y’abanyororo. Abandi babambika ivyuma bifata mw’izosi. Iyumvire amabi Yozefu yahaboneye, n’umubabaro yagize kubona afatwa nabi ukuraho, azira ubusa!

Ikindi womenya ni uko Yozefu atapfunzwe imisi mike. Inkuru ivuga yuko yaciye “aguma ng’aho muri iyo nzu y’ibohero.” Yamaze imyaka itari mike muri ukwo kuzimu! * Kandi Yozefu ntiyari azi nimba yotevye akarekurwa. Imisi iteye agahinda ya mbere yamaze mw’ibohero yavyaye amayinga, amayinga na yo avyara amezi. None muri ico gihe cose, ni igiki camufashije kutihebura?

Inkuru yo muri Bibiliya iratanga inyishu iremesha, iti: “Yehova agumana na Yozefu kandi aguma amugirira ubuntu bwuzuye urukundo.” (Itanguriro 39:21) Nta bohero, nta mapingu canke ubusho bwo mu kuzimu vyotuma ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova budashikira abasavyi biwe. (Abaroma 8:38, 39) Iyumvire Yozefu ariko ajojera Se wiwe wo mw’ijuru mw’isengesho, maze akaronka amahoro yo mu mutima atangwa gusa na ya “Mana y’uruhoza rwose.” (2 Abakorinto 1:3, 4; Abafilipi 4:6, 7) Hoba hari ikindi Yehova yakoreye Yozefu? Inkuru ivuga ko yatumye Yozefu abandanya kugira “ubutoni mu maso y’umukozi mukuru w’inzu y’ibohero.”

Biboneka ko abanyororo bahabwa ibikorwa. Yozefu rero yarasubiye guha Yehova akaryo ko kumuhezagira. Igikorwa cose yahabwa yagikorana ishaka n’umwete, ibisigaye akabirekera mu maboko ya Yehova. Yehova yaramuhezagiye, bituma yizigirwa yongera arashimwa nk’uko vyari vyaramugendeye akiba kwa Potifari. Dusoma duti: “Uwo mukozi mukuru w’inzu y’ibohero ashira mu kuboko kwa Yozefu imbohe zose zari muri nya nzu; kandi ikintu cose bakora ng’aho ni we yagikoresha. Uwo mukozi mukuru w’inzu y’ibohero nta kintu na kimwe cari mu kuboko kwa Yozefu yasuzuma, kuko Yehova yari kumwe na Yozefu kandi ico yakora Yehova agatuma kiroranirwa.” (Itanguriro 39:22, 23) Ese ukuntu Yozefu yumvise aremye abonye ko Yehova yaguma amwitwararika!

Igihe Yozefu yari mw’ibohero, yarakoranye umwete, Yehova aramuhezagira

Mu buzima, buraca bugacana ayandi. Biranashika tukarenganywa tuzira ubusa. Ariko ukwizera kwa Yozefu kurashobora kutubera icigwa. Tugumye twiyegereza Yehova mw’isengesho, tukaguma dukurikiza amategeko yiwe, tukihatira gukora ivyo agomba, bizotuma tumuha akaryo ko kuduhezagira. Ariko rero, Yehova yarahezagiye Yozefu mu bundi buryo buhambaye kuruta ubwo. Uti gute? Ibiganiro nk’ibi vy’ubutaha bizovyerekana.

^ par. 23 Bibiliya yerekana ko Yozefu yari afise imyaka nka 17 canke 18 igihe yatwarwa kwa Potifari, arahaguma gushika abaye umusore abushitse. Ashobora kuba yahamaze imyaka mikeyi. Igihe yava mw’ibohero, yari afise imyaka 30.Itanguriro 37:2; 39:6; 41:46.