Ja ku birimwo

Imana yoba yaremye Shetani kugira ngo itugerageze?

Imana yoba yaremye Shetani kugira ngo itugerageze?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya yerekana ko Imana itaremye Shetani. Ahubwo, yaremye uwahavuye aba Shetani. Bibiliya ivuga ku vyerekeye Imana iti: “Igikorwa ciwe ntikigira akanenge, kuko inzira ziwe zose ari ubutungane. Ni Imana y’ubwizigirwa, itagira akarenganyo; ni we agororotse kandi atunganye.” (Gusubira mu vyagezwe 32:3-5) Dufatiye kuri ayo majambo, turashobora kuvuga yuko Shetani wa Mubesheranyi yigeze kuba atagira akanenge kandi agororotse, ni ukuvuga ari umwe mu bana b’Imana b’abamarayika.

 Muri Yohani 8:44, Yezu yavuze ko Shetani ‘atashikamye mu kuri,’ ivyo bikaba vyerekana ko Shetani yigeze kuba ari imvugakuri n’intungane.

 Ariko rero, cokimwe n’ibindi biremwa vya Yehova bifise ubwenge, uwo mumarayika yahavuye aba Shetani yari afise ubushobozi bwo guhitamwo gukora iciza canke ikibi. Mu guhitamwo kurwanya Imana no kwosha umugabo n’umugore ba mbere ngo bamwiyungeko, yarigize Shetani, bisobanura ngo “Umurwanizi.”—Itanguriro 3:1-5; Ivyahishuwe 12:9.