Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIGANE UKWIZERA KWABO | YOZEFU

“Ndabinginze mwumvirize iyi ndoto”

“Ndabinginze mwumvirize iyi ndoto”

YOZEFU ari kumwe n’umugwi w’abadandaza bamujanye kumugurisha. Araraba mu buseruko afise agahinda, yibaza icomuha akabacoroka akayanyaga. Hakurya y’imirambi yo mu buseruko, hari igisagara abamwo ca Heburoni, kikaba kitari kure cane y’aho ageze. Muri ayo masaha, se Yakobo aricaye mu rugo arindiriye yuko bwira. Ntazi namba ivyashikiye umuhungu wiwe akunda cane. Mugabo Yozefu ntashobora kubonana na se wiwe yikundira ageze mu zabukuru. Kandi arazi yuko atazosubira kumubona. Abo badandaza baguma bamushinze ijisho uko bayobora ingamiya zabo baca mu gace abantu bakunda gucamwo k’inzira ija mu bumanuko. Kubera ko bamuguze, bamugumizako ijisho. Ako gahungu Yozefu bakabona nk’imari bashora kure mu Misiri. Muri izo mari bashora, harimwo uburembo n’amavuta.

Ico gihe, Yozefu ntiyarenza imyaka 17. Nugerageze kumubona ahindukiye akagerageza kuraba mu kirere amaja mu burengero, iyo izuba ryagomba rirengere hejuru y’Ikiyaga Mediterane. Ntiyatahura ukuntu ubuzima bwiwe bwari buhindutse mu kanya isase bukamera nabi. Ntiyumva ingene abo bavukana habuze gato ngo bamugandagure, bagaca bamugurisha ngo abe umuja. Bitegerezwa kuba vyaramugoye kwigumya ngo ntakorore amosozi. Ntiyabona ukuntu kazoza kiwe kazomera.

Yozefu yaratakaje umwidegemvyo wiwe ariko ntiyatakaje ukwizera kwiwe

None vyagenze gute ngo Yozefu ashikirwe n’ivyo vyago? Kandi ni igiki dushobora kwigira ku kwizera kw’uwo muhungu akiri muto yagiriwe nabi yongera arankwa n’abo mu muryango wiwe?

AKURIRA MU MURYANGO URIMWO INGORANE

Yozefu yavuka mu muryango munini mugabo utarangwamwo agahimbare n’ubumwe. Inkuru dusanga muri Bibiliya yerekeye umuryango wa Yakobo irerekana neza ingaruka mbi zo kugira abagore barenze umwe. Uwo wari umugenzo umenyerewe Imana yaretse uragirwa mu basavyi bayo. Ariko yahavuye iwubuza igihe Umwana wayo yasubizaho ingingo ngenderwako Imana yari yarashinze mu ntango ivuga ko umugabo yogira umugore umwe gusa. (Matayo 19:4-6) Yakobo yari afise abana n’imiburiburi 14 yavyaye ku bagore bane batandukanye, ni ukuvuga abagore biwe babiri Leya na Rasheli hamwe n’abasukukazi babo Zilupa na Biluha. Yakobo kuva mu ntango yarakunda umugore wiwe Rasheli yasa n’irirenga. Ariko ntiyigeze agirira Leya mukuru wa Rasheli urukundo nk’urwo. Yari yamwabiriye kubera amayeri ya sebukwe. Abo bagore babiri bagumye ari abakeba, kandi ivyo vyaratumye haba ishari mu bana babo.Itanguriro 29:16-35; 30:1, 8, 19, 20; 37:35.

Rasheli yamaze igihe kitari gito ari ingumba. Igihe rero yateba akavyara Yozefu, Yakobo yaciye akunda uwo mwana wo mu busaza bwiwe kuruta uko yakunda abandi. Nk’akarorero, igihe umuryango wa Yakobo wagira uhure na mwene wabo Esawu yari yaripfuje kumwica, Yakobo yashimye yuko Rasheli n’akana kiwe Yozefu bagendera inyuma y’abandi bose, kuko ari ho hari umutekano kuruta ahandi. Uwo musi utoroshe utegerezwa kuba warabaye intibagirwa kuri Yozefu. Iyumvire ukuntu yiyumvise bukeye, igihe yatangara akibaza n’ibibazo abonye se wiwe agenda aracumbagira. Ategerezwa kuba yaratangaye yumvise icabitumye! Se wiwe, uwari ageze mu zabukuru mugabo agifise ingoga, yari yamaze ijoro ryose anyinyana n’umumarayika w’umunyankomezi! Kubera iki? Kubera ko Yakobo yipfuza guhezagirwa na Yehova Imana. Umuhezagiro Yakobo yaronse ni uko izina ryiwe ryahindutse riba Isirayeli. Ihanga ryose ryokwiswe izina ryiwe! (Itanguriro 32:22-31) Yozefu yahavuye amenya ko abahungu ba Isirayeli ari bo bokomotseko imiryango yogize iryo hanga!

Mu nyuma, Yozefu akiri muto cane yarashikiwe n’icago co kubura nyina, uwo yiyumvamwo gusumba abandi bose. Nyina yapfuye ariko aribaruka murumunawe Benyamini. Urwo rupfu rwaratuntuje cane se wiwe Yakobo. Iyumvire Yakobo ariko ahanagura amosozi Yozefu, amuhoresha ca cizigiro nyene cari carahojeje Aburahamu sekuru wa Yakobo. Emwe, Yozefu ategerezwa kuba yarakozwe ku mutima no kumenya yuko umusi uri izina Yehova yotumye nyina asubira kubaho! Ivyo bishobora kuba vyaratumye Yozefu arushiriza gukunda iyo “Mana . . . y’abazima” itugirira neza. (Luka 20:38; Abaheburayo 11:17-19) Yakobo amaze kubura umugore wiwe Rasheli, yagumye akunda cane abo bahungu babiri bavyaranye.Itanguriro 35:18-20; 37:3; 44:27-29.

Abana benshi bofatwa gutyo boca baba ibifyine, ariko Yozefu we yarigiye ku bavyeyi biwe kamere nyinshi nziza, bituma agira ukwizera gukomeye, aramenya no gutandukanya ikibi n’iciza. Igihe yari afise imyaka 17 ari umwungere afasha bamwebamwe muri bakuruwe, yarabonye ikintu kibi bakoze. Yoba yariyumviriye kubinuma kugira bamushime? Uko biri kwose, yakoze icari kibereye. Yarabwiye se ivyo bakoze. (Itanguriro 37:2) Ico kintu yakoze kiranga umutima rugabo gishobora kuba caratumye se wiwe arushiriza kubona ko uwo mwana yakunda yari intore. Ese ukuntu ari akarorero keza igitangaza abakirisu bakiri bato bozirikanako! Vyoshika bakiyumvira kunyegeza igicumuro gikomeye uwundi muntu yakoze, kumbure uwo bavukana canke umugenzi. Muri ico gihe, vyoba vyiza biganye Yozefu bagakora ibikenewe kugira ngo aboshobora gufasha uwo muntu bamenye ico gicumuro yakoze.Abalewi 5:1.

Turashobora kandi kugira ico twigiye ku muryango Yozefu yavukiyemwo. Muri kino gihe abakirisu ntibagira abagore barenze umwe. Ariko rero, hari imiryango myinshi y’abakirisu usanga igizwe n’abasubiye kurushinga irimwo abana badasangiye abavyeyi canke basangiye umuvyeyi umwe gusa. Inkuru y’umuryango wa Yakobo irashobora kwigisha iyo miryango yuko kugira nkunzi bishobora guhungabanya ubumwe mu muryango. Abavyeyi bo mu miryango mwene iyo vyoba vyiza bakoze ibishoboka vyose kugira bahumurize abana babo, baba ababo bwite canke ab’uwo bubakanye. Ivyo bobigira mu kubereka ko umwumwe wese akundwa, ko afise ingabirano yisangije kandi ko afise ico yoterera ku gahimbare k’umuryango.Abaroma 2:11.

ISHARI RISHINGA IMIZI

Yakobo yatonesha Yozefu kubera ko yari umwizigirwa kandi agakora ibigororotse

Yakobo yarateye iteka umuhungu wiwe Yozefu, kumbure kubera ko yagize umutima rugabo agakora ikibereye. Yaramukoreshereje impuzu ndende idasanzwe. (Itanguriro 37:3) Iyo mpuzu ikunze kuvugwa ko ari impuzu y’imirongorongo canke y’amabara menshi, mugabo nta bimenyamenya bihagije bivyemeza. Kumbure yari ikanzu ndende kandi nziza y’amaboko maremare yashika epfo ku birenge. Ishobora kuba yari impuzu yambara abantu bakomakomeye canke abaganwa.

Nta gukeka ko Yakobo yabikoranye imvo nziza, kandi na Yozefu ategerezwa kuba yarakozwe ku mutima n’ico kintu se yakoze cerekana ko amuha agaciro akongera akamukunda. Ariko iyo mpuzu yari guhava imuteza ingorane. Kimwe coco, niwibuke yuko uwo muhungu yari umwungere. Ico cari igikorwa c’amaboko kitoroshe. Niwihe ishusho uwo muhungu yambaye iyo mpuzu yiwe y’inyambarabami ariko araca ahantu h’ivyatsi birebire, yurira ku bitandara vy’amabuye, canke agerageza gukura umwagazi mu gisaka c’amahwa. N’ikindi kandi, ko bene wabo na Yozefu bari basanzwe bamwanka, ubwo iyo kanzu ntiyari gusongera isibe narirya yari ikimenyetso c’urukundo rudasanzwe Yakobo yari amufitiye?

Bibiliya yishura iti: “Bene wabo babonye ko se amukunda kuruta bene wabo bose, batangura kumwanka, kandi ntibashobora kumuvugisha mu mahoro.” * (Itanguriro 37:4) Naho ishari bene wabo na Yozefu bari bamufitiye rishobora kuba ryumvikana, bagize nabi gutwarwa n’ako gatima kabi. (Imigani 14:30; 27:4) Vyoba bimaze gushika ukagira ishari igihe uwundi muntu atewe iteka canke yitwararitswe nawe wavyipfuza? Niwibuke bene wabo na Yozefu. Ishari bagize ryatumye bakora ibintu bahavuye bicuza cane. Akarorero kabo kaributsa abakirisu yuko icorushiriza kuba ciza ari ‘ukunezeranwa n’abanezerewe.’Abaroma 12:15.

Nta gukeka ko Yozefu yabona ko bene wabo bamwanka. Yoba yaranyegeza ikanzu yiwe nziza igihe bene wabo baba bari hafi? Ashobora kuba yariyumvira kubigira. Ariko niwibuke ko Yakobo yipfuza ko iyo kanzu iba ikimenyetso c’ubutoni n’urukundo. Yozefu yipfuza kuguma ari umwizigirwa kuri se wiwe, akaba ari co gituma yama yambara iyo mpuzu. Yaradusigiye akarorero keza. Naho Data wa twese wo mw’ijuru atagira nkunzi, hari igihe atora bamwebamwe mu basavyi biwe b’intahemuka akabatonesha. Vyongeye arabasaba kuguma bitandukanije n’iyi si yononekaye kandi yataye ubuntu. Ukuntu abakirisu b’ukuri bigenza twokugereranya n’iyo kanzu idasanzwe ya Yozefu, kuko kubatandukanya n’abantu babakikuje. Rimwe na rimwe, ukwo kuntu bigenza kuratuma babagirira ishari n’urwanko. (1 Petero 4:4) Umukirisu yoba none akwiye kunyegeza akaranga kiwe nyakuri ko kuba ari umusavyi w’Imana? Nta vyo akwiye kugira, nk’uko nyene na Yozefu atari akwiye kunyegeza ya kanzu yiwe.Luka 11:33.

INDOTO ZA YOZEFU

Hadaciye igihe kirekire, Yozefu yararose indoto zibiri zidasanzwe. Mu ndoto ya mbere, Yozefu yarabonye we hamwe na bene wabo bariko baraboha imiganda y’intete. Imiganda ya bene wabo yaciye ikikuza umuganda wiwe wari uhagaze ugororotse, itangura kuwunamira. Mu ndoto ya kabiri, Yozefu yarose abona izuba, ukwezi n’inyenyeri 11 bimwunamira. (Itanguriro 37:6, 7, 9) Yozefu yari akwiye gukora iki ku bijanye n’izo ndoto zitomoye kandi zidasanzwe?

Izo ndoto zari indoto zivuye kuri Yehova Imana. Zamenyesha ibizoba muri kazoza, kandi Imana yipfuza ko Yozefu avuga ibijanye n’izo ndoto zari zifise ico zisobanura. Twovuga ko Yozefu yakoze ivyo abamenyeshakazoza bose bo mu nyuma bakoze, abashikirije ubutumwa n’imanza bivuye ku Mana abasavyi bayo bigira intumva.

Yozefu yabwiye bene wabo abigiranye ubwitonzi ati: “Ndabinginze mwumvirize iyi ndoto narose.” Bene wabo baratahuye iyo ndoto, ariko ntiyabaguye neza na gato. Bamwishuye bati: “Mbega ugiye koko kuba umwami wo kutuganza? Canke ugiye kutuganza koko?” Iyo nkuru yongerako iti: “Baronka rero imvo nshasha yo kumwanka kubera indoto ziwe no kubera amajambo yiwe.” Igihe Yozefu yabwira se wiwe na bene se indoto ya kabiri, na ho nyene ntivyabashimishije. Dusoma duti: “Se wiwe atangura kumuhambarira, amubwira ati: ‘Iyo ndoto warose isobanura iki? Mbega twe na nyoko wawe na bene wanyu tugiye kuza tukwunamire gushika hasi?’” Mugabo Yakobo yagumye avyiyumvira. Yaribaza ati: ‘Ubwo si Yehova yoba ariko arahishurira ivyo bintu umuhungu wanje?’Itanguriro 37:6, 8, 10, 11.

Yozefu si we musavyi wa Yehova wa mbere canke wa nyuma yasabwe gushikiriza ubutumwa buvuye ku Mana butoguye neza abantu, bugatuma mbere ahamwa. Yezu yabaye we muntu ahambaye kuruta abandi bose bashikirije ubutumwa nk’ubwo, kandi yabwiye abayoboke biwe ati: “Nimba barampamye, bazobahama na mwebwe.” (Yohani 15:20) Abakirisu b’imyaka itandukanye bose barashobora kugira ibintu vyinshi bigiye ku kwizera n’umutima rugabo uwo muhungu akiri muto Yozefu yagaragaje.

URWANKO RUSHIKA KU RUGERO RW’AGAHETA

Hadaciye igihe kirekire, Yakobo yararungitse Yozefu ngo aje kuraba bene wabo. Bakuruwe bari baragiye imikuku mu buraruko hafi y’igisagara ca Shekemu. Ico gisagara bari baherutse kugikoreramwo ibara ryatumye abahaba babanka urunuka. Birumvikana ko Yakobo yari arajwe ishinga n’ineza y’abahungu biwe, akaba ari co gituma yarungitse Yozefu kuraba uko bamerewe. Woba ushobora kwiyumvira ukuntu Yozefu yumvise amerewe? Yari azi ko bene wabo bari basigaye bamwanka urunuka! None bari kuvyakira gute agiye kubaraba arungitswe na se? Naho Yozefu yari azi ko bamwanka, yaragamburutse aragenda kubaraba.Itanguriro 34:25-30; 37:12-14.

Emwe, rwari urugendo rutoroshe rwasaba ko uwugenda n’amaguru amara nk’imisi ine canke itanu ku nzira. Igisagara ca Shekemu cari ku bilometero nka 80 mu buraruko bwa Heburoni. Mugabo Yozefu ageze i Shekemu, yaciye amenya ko bene wabo bari bungururije i Dotani, ku bindi bilometero nka 22 uja mu buraruko. Igihe Yozefu yateba agashika hafi y’i Dotani, bene wabo baramubonye akiri nka hariya. Bakimukubita ijisho, rwa rwanko bari bamufitiye rwaciye rubiragira muri bo ruraduga. Inkuru ivuga iti: “Babwirana rero bati: ‘Ehe! Ng’urya araje wa murosi. Ubu rero ingo tumwice, tumujugunyire muri kimwe mu vyobo vy’amazi; tuze kuvuga yuko igikoko c’ikimwenyi camurokeje. Duheze turabe ikizova mu ndoto ziwe.’ ” Mugabo Rubeni yaciye yumvisha bene wabo ko bota Yozefu mu cobo akibona, kuko yashaka kumurokora.Itanguriro 37:19-22.

Yozefu yarabegereye ata co yicura, yizigiye ko bomwakiriye mu mahoro. Ariko si ukwo vyagenze. Bene wabo baciye bamugurukirako! Barafashe ya kanzu yiwe idasanzwe barayitabagura, baramukwega bamujana ku cobo c’amazi cumye bamusunurirayo, agwayo. Yarinanase aravyuka, aca agerageza kwurira ngo ave muri ico cobo, mugabo biramunanira kwikurayo. Ari muri ico cobo, nta kindi yabona atari agace gato k’ijuru, akumva n’amajwi ya bakuruwe yagenda aragabanuka uko baja kure y’ico cobo. Yarabahamagaye abatakambira, ariko biziba amatwi. Baciye biyicarira, barafungura ata co binona. Igihe Rubeni atari ahari, barasubiriye kwiyumvira ivyo kwica uwo muhungu mugabo Yuda abumvisha ko nyabuna bomugurisha ku badandaza bahaca. I Dotani ntihari kure y’inzira bacishamwo ibidandazwa vyaja mu Misiri. Hadaciye n’akanya, umugwi w’abadandaza b’Abishimayeli n’Abamidiyani warahaciye. Imbere y’uko Rubeni agaruka, bari bamaze kugurisha mwene wabo shekeli 20 ngo abe umuja. *Itanguriro 37:23-28; 42:21.

Yozefu yakoze ikibereye, ariko bene wabo baramwanka

Ubu turi hamwe twahera iyi nkuru. Igihe Yozefu bariko baramujana mu bumanuko baciye mu nzira ija mu Misiri, wamengo nta co yari asigaranye. Yari yatandukanijwe n’ab’iwabo atabishaka! Yari agiye kumara imyaka itari mike atazi ibijanye n’ab’iwabo. Ntiyari kumenya umubabaro Rubeni yagize igihe yagaruka kumurondera agasanga ahari impene hasigaye ikiziriko. Ntiyari kumenya intuntu se wiwe Yakobo yagize igihe bamuhenda ngo umwana wiwe mukundwa Yozefu yapfuye. Ntiyari kumenya amakuru ya sekuru wiwe Izahaki yari ageze mu zabukuru, canke ya murumunawe Benyamini yari gukumbura cane. None Yozefu yoba ata na kimwe yari asigaranye?—Itanguriro 37:29-35.

Yozefu yari asigaranye ikintu bene wabo batashobora kumwaka, ico na co kikaba ari ukwizera. Yari azi vyinshi ku vyerekeye Imana yiwe Yehova. Kwaba ukuja kure y’umuryango, ingorane yagize ari ku rugendo rurerure rwo kujanwa mu Misiri ari inyagano, canke ukwumva ateterewe igihe yagurishwa ngo abe umuja w’Umunyamisiri atunze yitwa Potifari, nta na kimwe cari kumwaka ukwizera kwiwe. (Itanguriro 37:36) Muri ayo makuba Yozefu yaciyemwo, ukwizera kwiwe n’umwiyemezo yari afise wo kuguma yiyegereje Imana yiwe vyagumye birushiriza gukomera. Mu biganiro bizokurikira, tuzobona ukuntu ukwizera kwatumye Yozefu arushiriza kuba kirumara ku Mana yiwe Yehova no ku muryango yavamwo warimwo ingorane. Ese ukuntu vyoba ari vyiza twiganye ukwizera kwa Yozefu!

^ par. 15 Abashakashatsi bamwebamwe bavuga yuko bene wabo na Yozefu babona ko iyo mpuzu se wabo yamuhaye yerekana ko yipfuza kuzomuha uburenganzira bwa samuragwa. Bari bazi ko Yozefu ari imfura y’umugore wiwe yakunda cane, akaba ari we yari yipfuje gutwara ubwa mbere. Vyongeye, Rubeni imfura ya Yakobo yari yararyamanye n’incoreke ya se, aba aratetereje se wiwe. Ivyo vyatumye uburenganzira yari afise bwa samuragwa bumuca mu myanya y’intoki.Itanguriro 35:22; 49:3, 4.

^ par. 25 Ivyandikano vyo muri ico gihe nyene birerekana ko shekeli 20 ari yo muri rusangi bagura abashumba mu Misiri. Ivyo birerekana ko iyo nkuru yo muri Bibiliya ivuga ukuri no mu tuntu dutoduto.