Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IMANA IBONA GUTE ITABI?

Imana ibona gute itabi?

Imana ibona gute itabi?

Umwe Naoko yavugwa mu kiganiro gitangura, yariganye ingene yatsinze ingeso yo kunywa itabi, ati: “Narashoboye guhindura ubuzima bwanje kubera nize ukuri ku vyerekeye kamere z’Imana n’umugambi wayo.” Ukwo kuri Naoko yize kuri muri Bibiliya. Naho Bibiliya itigera ivuga itabi, iradufasha gutahura ingene Imana ibona ivyo kunywa itabi. * Kubimenya vyararonkeje benshi inguvu bari bakeneye zo kwirinda kunywa itabi canke kuriheba. (2 Timoteyo 3:16, 17) Reka turimbure zitatu mu ngaruka mbi z’itabi zizwi cane, duce turaba n’ico Bibiliya izivugako.

ITABI RIRIZIZIRA UMUNTU

Itabi ririmwo ubumara bwizizira abantu kuruta ubundi buzwi, ari bwo nikotine. Rirashobora gukabura ubwenge canke rikabutururuza. Itabi rirarungika mu bwonko nya bumara ningoga kandi ryisubiriza. Kubera ko umuntu akweze rimwe itabi aba akweze ingero imwe ya nikotine, uwunywa ipaki imwe y’itabi ku musi yinjiza muri we nk’ingero 200 ku musi, zikaba ari ingero ziruta iz’ibiyayuramutwe vyose. Ivyo bituma ubwo bumara bwizizira abantu bimwe bidasanzwe. Igihe umuntu amaze kuba umuja w’itabi bituma agira ingorane igihe anyotewe agatabi ntakaronke.

‘Muri abashumba b’uwo mugamburukira.’Abaroma 6:16

Woba vy’ukuri ushobora kugamburukira Imana uri umuja w’itabi?

Bibiliya iradufasha kubona ibintu mu buryo bubereye, mu kuvuga iti: “Ntimuzi yuko nimba mugumye mwishikiriza umuntu nk’abashumba bamugamburukira muba muri abashumba biwe kuko mumugamburukira?” (Abaroma 6:16) Igihe inyota y’itabi ari yo iyobora ivyo umuntu yiyumvira n’ivyo akora, ntateba gucika umuja w’ingeso itabereye yo kunywa itabi. Ariko rero Imana, izina ryayo akaba ari Yehova, ntishaka gusa ko twiyambura ingeso zonona umubiri wacu, ariko kandi ishaka ko twiyambura n’izonona umuzirikanyi wacu, ni ukuvuga ivyiyumviro vyacu. (Zaburi 83:18; 2 Abakorinto 7:1) Igihe rero turushirije kumenya no kwubaha Yehova, duca tubona yuko abereye guhabwa ibintu vyiza kuruta ibindi vyose dufise be n’uko tutoshobora kubimuha tukiri abaja b’ingeso ishikana ku rupfu. Gutahura ivyo biratuma tugira ishaka ryo kunanira ivyipfuzo bibi.

Uwitwa Olaf aba mu Budagi, yarahevye itabi ryari rimaze imyaka 16 ryaramwiziziye, akaba yari yatanguye kurinywa afise imyaka 12. Mu ntango yiyumvira ko kunywa itabi ata ngaruka mbi vyari kumugirako. Ariko uko imyaka yarenganye, vyahavuye bimukomerana. Avuga ati: “Igihe kimwe itabi ryari ryamperanye, ndabura amahoro ku buryo negeranije udusigazwa tw’itabi twose nari narataye mu gasahani k’umunyota w’itabi. Naratuvunguye ndatwegeranya, nca ndadutekera mu gipapuro natabuye ku kinyamakuru. Ntereje amaso inyuma, ndabona ko nari nteye isoni.” None yavavanuye gute n’iyo ngeso mbi? Yavuze ati: “Ikintu nyamukuru camfashije ni icipfuzo co guhimbara Yehova. Urukundo afitiye abantu n’icizigiro atanga vyaranteye intege zo kuvavanura rimwe rizima n’iryo tabi ryari ryaranyiziziye.”

ITABI RIRONONA UMUBIRI

Igitabu kimwe (The Tobacco Atlas) kivuga giti: “Abahinga baremeje ko kunywa itabi  . . vyonona hafi ibihimba vyose vy’umubiri bikongera bigatuma abarwara n’abapfa biyongera.” Birazwi ko itabi ritera indwara zitandukira nka kanseri, indwara y’umutima n’ingorane z’amahaha. Ariko rero Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS), rivuga ko itabi riri no mu bintu nyamukuru bituma abantu bapfa bahitanywe n’indwara zandukira, nk’igituntu.

“Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.”Matayo 22:37

Woba wovuga ko ukunda Imana ukayubaha igihe wemera kwizizirwa n’ingeso ihumanya umubiri yaguhaye?

Yehova Imana abicishije kw’Ijambo ryiwe Bibiliya, aratwigisha kubona ubuzima bwacu, umubiri wacu n’ubushobozi bwacu mu buryo bubereye. Umwana wiwe Yezu yarashimitse kuri ico kintu igihe yavuga ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.” (Matayo 22:37) Mu vy’ukuri, Imana ishaka ko dukoresha neza ubuzima bwacu n’umubiri wacu tukongera tukavyubahiriza. Uko tumenya Yehova n’imihango yiwe, ni ko tumukunda tukongera tugashima ivyo yadukoreye vyose. Ivyo bica bituvyurira umutima wo kwirinda ikintu cose gihumanya umubiri wacu.

Umuganga wo mu Buhindi yitwa Jayavanth yaramaze imyaka 38 anywa itabi. Yavuze ati: “Narize ibijanye n’akaga k’itabi mu binyamakuru bivuga ivy’ubuvuzi. Nari nzi ko ari ribi kandi narahanura abarwayi banyitura ngo bahebe iyo ngeso. Ariko rero ubwanje yarananiye guheba naho nagerageje incuro zitanu canke zitandatu.” None ni igiki cahavuye kimufasha guheba itabi? Yigana ati: “Nahevye itabi kubera nize Bibiliya. Icipfuzo co guhimbara Yehova catumye ubwo nyene mfata ingingo yo guheba iyo ngeso.”

ITABI RIRAGIRIRA NABI ABANDI

Waba umwotsi abanywa itabi batumura canke uwuva ku gufumba kw’itabi, yompi irica. Guhema umwotsi abandi batumuye birashobora gutera kanseri n’izindi ndwara, kandi buri mwaka birica abantu 600.000 batanywa itabi, benshi muri bo bakaba ari abagore n’abana. Raporo imwe ya OMS igabisha iti: “Umwotsi w’itabi utumuwe n’uwundi muntu uragirira nabi abandi uko uba ungana kwose.”

“Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.”Matayo 22:39

Woba vy’ukuri ukunda mugenzawe canke umuryango wawe nimba ubatumurirako umwotsi ushobora kubageramira?

Yezu yavuze yuko gukunda mugenzawe, ni ukuvuga incuti, abagenzi n’abandi bagukikuje, ari vyo biza havuye ugukunda Imana. Yavuze ati: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Matayo 22:39) Tubandanije ingeso igirira nabi aba bari hafi yacu, ntituba turiko turagaragaza ko dukunda bagenzi bacu. Urukundo nyakuri rutuma twumvira ivyo Bibiliya iduhimiriza iti: “Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.”1 Abakorinto 10:24.

Uwitwa Armen aba muri Armeniya, yigana ati: “Abo mu muryango wanje baransavye banyinginga ngo mpebe itabi kubera yuko ryabamerera nabi. Mugabo sinashaka kwemera ko bishobora kubagirira nabi.” Armen arasigura icatumye ahindura ukuntu yabona ibintu ati: “Kumenya ico Bibiliya ivuga no gukunda Yehova vyaramfashije guheba itabi no kwemera yuko ritagirira nabi jewe gusa ariko ko ryagirira nabi n’abari iruhande yanje.”

ITABI RIGIYE KURANDURANWA N’IMIZI!

Kumenya ico Bibiliya ivuga vyarafashije Olaf, Jayavanth na Armen kuvavanura n’ingeso mbi yabagirira nabi ikagirira nabi n’abandi. Icatumye babishobora ntikwari ukumenya gusa ko itabi rigira nabi, ahubwo babishoboye kubera bakunze Yehova baca bipfuza kumuhimbara. Muri 1 Yohani 5:3 harashimika ku ruhara ruhambaye urukundo rurangura, hati: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.” Ego ni ko, kwubahiriza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ntivyama vyoroshe, ariko igihe umuntu aba abitumwe n’urukundo rukomeye akunda Imana, kugamburuka ntibimubera umuzigo.

Yehova Imana abicishije kw’isekeza ryo kwigisha riba kw’isi yose, ariko arafasha abantu amamiliyoni kuvavanura n’ubuja bw’itabi canke kubwirinda. (1 Timoteyo 2:3, 4) Biciye ku Bwami bwiwe, ni ukuvuga intwaro yo mw’ijuru irongowe n’Umwana wiwe Yezu Kristu, vuba agiye gukuraho ivy’urudandaza rw’umwina rutuma abantu amamiliyoni baba abaja b’itabi. Azorandurana n’imizi akaranda k’itabi maze atume abamugamburukira baba abatunganye ku mubiri no mu muzirikanyi.Yesaya 33:24; Ivyahishuwe 19:11, 15.

Nimba uriko urarwana urugamba rwo guheba itabi, ntiwihebure. Niwiga gukunda Yehova no kubona itabi nk’uko aribona, na wewe urashobora kuronka inguvu ukeneye kugira urihebe. Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kukuronsa imfashanyo ngirakamaro ku giti cawe kugira umenye ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kandi uzishire mu ngiro. Numenye neza ko Yehova azokuronsa ububasha n’inkomezi ukeneye nimba ushaka yuko agufasha ngo ntube ucizizirwa n’itabi.Abafilipi 4:13.

^ par. 3 Ng’aha kunywa itabi vyerekeza ku gukwega umwotsi uvuye kw’isigareti, imisogoto y’ikizungu bita cigares, inkono y’itabi isanzwe canke iyo bashiramwo n’amazi. Ariko rero, ingingo ngenderwako zirimburwa ng’aha zirakora no ku bijanye n’itabi bahekenya, iry’agafu bacisha mu zuru, itabi ryo mu buhinga bwa none ririmwo nikotine, n’ibindi.