Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akarere ka Praslin muri Seychelles, aho Jenerali Gordon yavuze ko yubuye rya tongo rya Edeni mu 1881

Iparadizo yo kw’isi, ni indoto canke izobaho?

Iparadizo yo kw’isi, ni indoto canke izobaho?

Kaze mw’iparadizo! Ibimenyeshamakuru usanga bikoresha imvugo nk’iyo kugira bikwegakwege abantu ngo baje kurya iraha ahitwa ngo ni mw’iparadizo, maze bibagire ibibazo n’ingorane. Ariko rero basubiye i muhira, ubuzima busubira kumera nk’uko bwari imbere y’uko bajayo.

Naho ari ukwo, abantu baripfuza cane iparadizo. Twokwibaza rero duti: ‘Iyo paradizo ivugwa coba ari ikintu c’indoto gusa? Nimba ari indoto gusa, kubera iki none abantu bayipfuza cane? Yoba izokwigera ibaho koko?’

INKURU IJANYE N’IPARADIZO

Kuva kera na rindi, abantu bamye bafise inyota yo kumenya ibijanye n’iparadizo. Abenshi babitumwe n’uko Bibiliya ivuga ibijanye n’“umurima muri Edeni, amaja mu buseruko.” None ni ibiki vyatuma uwo murima uba uwubereye ijisho? Bibiliya igira iti: “Yehova Imana ameza ku butaka igiti cose kiryoheye ijisho kandi kibereye kuribwa.” Iryo tongo ryari akaroruhore. N’icatuma rikwegera kuruta ni uko hagati muri ryo hariyo “n’igiti c’ubuzima.”​—Itanguriro 2:8, 9.

Ikigeretseko, iyo nkuru yo mw’⁠Itanguriro iravuga inzuzi zine zaca muri iryo tongo. Zibiri muri zo n’ubu zirazwi. Rumwe ni Efurate, urundi ni Hidekeli, ubu rukaba rwitwa Tigre. (Itanguriro 2:10-14) Izo nzuzi zibiri zisuka mu Kigobe c’Abarabu ziciye mu gihugu ubu citwa Iraki, icahoze ari akarere k’Ubuperesi.

Ntibitangaje rero kubona iciyumviro c’iparadizo kivugwa cane mu mico kama y’Abaperesi. Mw’iratiro ry’iva kera riri i Filadelfiya muri Pennsylvania, muri Amerika, hariyo itapi yo mu kinjana ca 16 y’Abaperesi ishushanijweko itongo rizitiye, ririmwo ibiti n’amashurwe. Ijambo ry’igiperesi ryahinduwe ngo “itongo rizitiye” risobanura kandi ngo “iparadizo.” Vyongeye, igicapo kiri kuri iyo tapi kirahuye neza n’ingene Bibiliya idondora rya tongo ry’akaroruhore ryo muri Edeni ryari ryuzuyemwo ibiti.

Inkuru zerekeye iparadizo usanga zivugwa mu ndimi n’imico kama vyo hirya no hino kw’isi. Uko abantu bagiye barakwiragira mu duce dutandukanye tw’isi, bagiye bajanye amakuru y’ukuri yerekeye iparadizo. Inyuma y’ibinjana bitari bike, nya makuru yagiye aracangana n’ukwemera be n’ibitito vyatsimbataye mu bihugu bitandukanye. No muri kino gihe, ahantu haryoheye ijisho cane usanga abantu bahita iparadizo.

BARARONDEYE IPARADIZO

Hari abagenduzi b’uturere bavuze ko bubuye ahahoze ya paradizo ya kera. Nk’akarorero, igihe umujenerali w’Umwongereza yitwa Charles Gordon yagendera amazinga ya Seychelles mu 1881, yarakozwe ku mutima cane n’ubwiza ntangere bw’akarere kitwa Vallée de Mai, aca avuga ko yubuye itongo rya Edeni. Ubu ako karere gasigaye kari mu butunzi kama bukingiwe na UNESCO. Mu kinjana ca 15 na ho, Umutaliyano yitwa Christophe Colomb yarashitse kw’izinga rya Hispaniola, ubu akaba ari République dominicaine na Hayiti. Ico gihe yaciye yiyumvira ko ari hafi kwubura rya tongo rya Edeni.

Igitabu kimwe (Mapping Paradise) kirimwo ibicapo vya kera birenga 190, vyinshi bikaba vyerekana Adamu na Eva bari mw’itongo rya Edeni. Kimwe muri vyo ntigisanzwe. Cakuwe mw’ikopi y’icandikano citwa Beatus de Liébana yo mu kinjana ca 13. Hejuru kuri ico gicapo hari agakwadarato gashushanijweko iparadizo hagati. Mu mfuruka zine z’ako gakwadarato hashushanijwe za nzuzi zine ari zo “Tigre, Efurate, Pishoni na Gihoni,” zikaba zigereranya ingene ubukirisu bwakwiragiye mu mfuruka zine z’isi. Ivyo bicapo birerekana ko naho ata wuzi neza aho ya Paradizo yahora, abantu bagumanye inyota yo kumenya ibiyerekeye.

Umuryoshamvugo w’Umwongereza yitwa John Milton wo mu kinjana ca 17, arazwi cane kubera icese yanditse mu gitabu yise ngo Iparadizo yatakaye (Paradise Lost). Ico cese gishingiye ku nkuru yo mw’⁠Itanguriro ivuga ingene Adamu yacumuye be n’ingene yirukanywe muri Edeni. Muri ico gitabu yaravuze ibijanye n’icizigiro abantu bafise co kuzobaho ibihe bidahera, ati: “Kuko ico gihe, isi yose izoba ari iparadizo.” Mu nyuma Milton yahavuye yandika icitwa ngo Iparadizo yagarukanywe (Paradise Regained).

BARATAYE INTUMBERO

Biragaragara ko kuva kera abantu bagumye biyumvira ibijanye na ya paradizo yatakara. Ni kubera iki none ubu bavyiyobagiza? Nk’uko ca gitabu (Mapping Paradise) kibivuga, ahanini vyavuye ku kuba “abanyatewolojiya . . . barirengagije nkana ibijanye n’aho iparadizo yari.”

Abanyamadini benshi rero bigishwa ko bazoja mw’ijuru, aho kuba mw’isi y’iparadizo. Mugabo muri Zaburi 37:29, Bibiliya igira iti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” None ko muri iki gihe isi atari iparadizo, twoba twokwizigira ko uwo muhango uzoranguka? *

IPARADIZO IKWIYE KW’ISI YOSE SI INDOTO

Yehova Imana we yaremye ya Paradizo yo mu ntango, asezerana ko izosubira kubaho. Uti gute? Niwibuke ko Yezu yatwigishije gusenga Imana duti: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:10) Ubwo Bwami ni intwaro irongowe na Yezu Kristu izosubirira intwaro zose z’abantu. (Daniyeli 2:44) Nibwaza, ivyo Imana igomba ku bijanye n’iparadizo yo kw’isi bizoca ‘bikorwa.’

Imbere y’aho, Imana yaratumye umuhanuzi Yesaya yandika ingene ibintu bizoba vyifashe muri iyo Paradizo yasezeranywe, aho ingorane zose zihanze abantu muri iki gihe zizoba zavuyeho. (Yesaya 11:6-9; 35:5-7; 65:21-23) Turagusavye ufate akanya usome iyo mirongo muri Bibiliya yawe. Biraza gutuma ushira amazinda ko ivyo Imana yasezeraniye abagamburuka bizoranguka. Ico gihe, abantu bazoca bibera mw’iparadizo batoneshwa n’Imana, ivyo nyene akaba ari vyo Adamu yatakaje.​—Ivyahishuwe 21:3.

None twemezwa n’iki ko ico cizigiro atari indoto nsa? Tuvyemezwa n’uko Bibiliya igira iti: “Amajuru ni aya Yehova, mugabo isi yayihaye abana b’abantu.” Vyongeye, icizigiro c’Iparadizo catanzwe n’“Imana idashobora kubesha,” ico “yasezeranye imbere y’ibihe vya kera cane.” (Zaburi 115:16; Tito 1:2.) Umve ntuze ico cizigiro gikora ku mutima Bibiliya iduha! Iparadizo y’ibihe bidahera si umugani!

^ ing. 15 Birashimishije kandi kubona muri Korowani, isura (ikigabane) ya 21, Al-Anbiya’ [Abahanuzi], umurongo wa 105 hagira hati: “Abasavyi banje bagororotse bazotorana isi.”