Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

3 Iradufasha guhangana n’ingorane

3 Iradufasha guhangana n’ingorane

Hariho ingorane udashobora kwirinda canke gutorera umuti muri iki gihe. Nk’akarorero, iyo ubuze uwawe canke urwaye indwara idakira, nta kindi wokora uretse kurondera ingene uvyihanganira. Hoba hari ico Bibiliya ishobora kudufasha mu bihe bigoye nk’ivyo?

INDWARA IDAKIRA

Uwitwa Rose avuga ati: “Mfise indwara yo mu tugingo ngengakamere ituma namana ububabare bukomeye. Ubuzima bwanje buragoyagoya.” Imwe mu ngorane ziwe nyamukuru ni uko atashobora kwitunira ku kwiga Bibiliya canke ku bijanye no gusenga. Ariko yarafashijwe cane n’amajambo ya Yezu dusanga muri Matayo 19:26 agira ati: “Ku Mana vyose birashoboka.” Rose yaramenye ko hari uburyo bwinshi bwo kwiga. Kubera ko vyashika indwara yiwe igatuma adashobora gusoma, yaciye aza arumviriza Bibiliya canke ibitabu vyafashwe amajwi. * Avuga ati: “Iyo ntaronka ivyo bintu, simbona ingene nari kuzigama ubucuti mfitaniye n’Imana.”

Iyo Rose yumvise ababajwe n’uko hari ivyo atagishoboye gukora, arahumurizwa n’amajambo dusanga mu 2 Abakorinto 8:12, ahavuga hati: “Kuko iyo habanje kuba umutima ukunze, vyemerwa canecane hisunzwe ivyo umuntu afise, si ivyo umuntu adafise.” Ayo majambo aramwibutsa ko Imana ishima ivyo akora, kubera ko akora ivyo ashoboye vyose, bivanye n’ubushobozi bwiwe.

INTUNTU ITERWA NO KUBURA

Umwe Delphine twavuga yigana ati: “Igihe nabura umukobwa wanje w’imyaka 18, narababaye ku buryo nabona ko ntari kubandanya mbaho. Vyose vyari vyahindutse.” Ariko yararemeshejwe na Zaburi 94:19, aho umwanditsi w’amazaburi yabwiye Imana ati: “Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe, ivyo wiruza vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje.” Avuga ati: “Narasavye Yehova ngo amfashe kumenya ico nokora kugira uwo mubabaro ugabanuke.”

Yaciye aguma akora cane mu kwitangira abandi. Yahavuye atahura ko ameze nk’ikaramu y’igiti, yoyo n’igihe ivunitse iba igishobora gukoreshwa mu gucapa. Naho na we nyene yavunitse umutima, yari agishoboye gufasha abandi. Yigana ati: “Igihe naba nkoresheje ivyiyumviro vyo muri Bibiliya mu kuremesha abo nigisha Bibiliya, ubwo nyene naca ntahura ko ari bwo buryo Yehova yaba yakoresheje mu kumpoza no mu kunyirura.” Delphine yaranditse urutonde rw’abavugwa muri Bibiliya baciye mu bihe vy’intuntu nyinshi. Avuga ko yasanze “bose hamwe bari abantu bakunda gusenga.” Yarahigiye kandi ko “udashobora kwihanganira ingorane igihe udasoma Bibiliya.”

Kwiga Bibiliya vyaranatumye Delphine yiga kuguma araba kazoza aho kuraba kahise. Icizigiro kivugwa mu Vyakozwe 24:15 kiramuhumuriza cane. Hagira hati: “Hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.” None Delphine yajijutse ku rugero uruhe yuko Yehova azozura umukobwa wiwe? Yishura ati: “Ndabona umukobwa wanje muri kazoza. Ni nk’aho twamaze guhana isango kandi ryarashizwe ku kirangamisi ca Dawe. Ndamubona turi kumwe mu busitani bwacu, kumwe nyene namubona nkamwiyumvamwo umusi yavuka.”

^ ing. 4 Vyinshi muri ivyo vyafashwe amajwi urabisanga ku rubuga rwa jw.org.

Bibiliya irashobora kugufasha kuronka uruhoza no mu bihe vy’intuntu ikomeye