Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Akagumye bagumako

Akagumye bagumako

IGIHE wari ukiri muto, ni imigambi iyihe wari ufise? Kumbure washaka kuzokwubaka urwawe, gutsimbataza ubuhinga kanaka canke kunonosora umwuga kanaka. Ariko buraca bugacana ayandi. Mu buzima ibintu ntivyama bigenda nk’uko tuvyipfuza. Ingorane zishika giturumbuka zoshobora guhindura vyinshi mu buzima bwacu. Ivyo ni vyo vyashikiye Anja, Delina, na Gregory.

  • Anja aba mu Budagi. Igihe yari afise imyaka 21, basanze arwaye kanseri kandi ubu ntava mu nzu.

  • Delina aba muri Amerika akaba arwaye indwara yo mu bwonko yitwa dystonie. Ikigeretseko, ni we yitwararika basazawe batatu bafise ubumuga.

  • Gregory na we aba muri Kanada, akaba asinzikajwe n’ihahamuka.

Wa wundi ngo akagumye bagumako, naho Anja, Delina, na Gregory bafise izo ngorane, ntibareka ngo zibarengere. Babigenza gute?

Hari umugani wo muri Bibiliya ugira uti: “Woba wacitse intege ku musi w’amarushwa? Inkomezi zawe zizoba nke.” (Imigani 24:10) Iciyumviro kiratomoye: Ukuntu tubona ibintu kurahambaye cane. Igihe ugumye ubabazwa n’ivyagushikiye, bituma udakora n’ivyari kukugirira akamaro. Ariko igihe ubona ibintu mu buryo bwiza bituma ufata ingingo nziza zituma uhimbarwa naho woba ufise ingorane.

Raba ingene ivyo vyafashije Anja, Delina, na Gregory.