Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Umubangabanga w’ingona

Umubangabanga w’ingona

INGONA ni co gikoko gifise umubangabanga ukomeye kuruta ibindi vyose bibaho. Nk’akarorero, hari ubwoko bw’ingona yo muri Ostraliya ifise umubangabanga ukomeye incuro zitatu kuruta umubangabanga w’intambwe canke w’ingwe. Ariko kandi, umubangabanga w’ingona urafise ubushobozi budasanzwe bwo kumenya akantu kose kawukozeko naho koba ari gato, ubwo bushobozi bukaba buruta kure n’iyo ubw’ubusunwa bw’intoke z’umuntu. None ivyo bishoboka gute kandi ingona ifise urusato rugumye cane?

Umubangabanga w’ingona wuzuyeko uduhimba ibihumbi n’ibihumbi dutuma ugira ubwo bushobozi. Umuhinga yitwa Duncan Leitch amaze kwiga utwo duhimba, yavuze ati: “Udutsi nsozabwenge twose dushamikira mu kantu kameze nk’umwenge kari mu magufa agize umutwe wayo.” Ivyo birakingira udutsi two mu mibangabanga kandi bigatuma ibice bimwebimwe vyawo bigira ubwo bushobozi bukomeye cane ku buryo n’ivyuma vyabigenewe bidashobora kubupima. Ivyo bituma ingona ishobora gutandukanya ibifungurwa be n’ibicafu biba biri mu kanwa kayo. Ni na vyo bituma ingona y’ingore ishobora gutwara akana kayo mu kanwa kandi ntiyihende ngo igahekenye. Umubangabanga w’ingona uratangaje cane uravye ingene ukomeye ariko ukamenya akantu kose kawukozeko.

None uvyibazako iki? Umubangabanga w’ingona, coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwawukoze?