Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 VYOBA VYARIYADUKIJE?

Amubi y’inyoni yo mu mazi yitwa manchot empereur

Amubi y’inyoni yo mu mazi yitwa manchot empereur

IYO nyoni irashobora kunyaruka cane mu mazi hanyuma igatarukira ku kibarafu ibigiranye ubunyarutsi butangaje. None ibishobozwa n’iki?

Iryubi ry’inyoni manchot empereur

Rimbura ibi: Iyo nyoni irakwegera umuyaga mu mubi yayo. Ivyo ntibikingira gusa iyo nyoni ubukanye burenze urugero, ariko kandi biratuma inyaruka incuro zibiri canke zitatu kurusha uko inyaruka itabanje kubigira. None bigenda gute? Abahinga b’ibinyabuzima vyo mu mazi bavuze yuko ivyo ibishobozwa n’uko mu mubi yayo igenda irarekura udufuro dutoduto cane. Utwo dufuro igenda irarekura dutuma hejuru ku mubi y’iyo nyoni harushiriza kunyerera, bigatuma inyaruka.

Biri n’ico bivuze kubona abahinga bamaze igihe biga uburyo butandukanye bokoresha kugira amato arushirize kunyaruka mu gutuma impande zayo zinyerera cane bivuye ku dufuro. Ariko rero, abashakashatsi baremera ko guteza imbere ubwo bushakashatsi bigoye kubera ko “bitoroshe ko umuntu ahingura ikintu gifise udutoboro twinshi nk’akayungiro gikora neza na neza nk’amubi ahanitse y’iyo nyoni.”

None uvyibazako iki? Ukwo kuntu amubi y’iyo nyoni ameze coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwagishizeho?