Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

KAHISE KATWIGISHA IKI?

Kuro Mukuru

Kuro Mukuru

Twisunze ikirangamisi co mu gihe cacu, mw’ijoro ryo ku wa 5 ushira uwa 6 Gitugutu 539 B.G.C.(B.G.C. bisobanura “imbere y’igihe cacu”), igisagara ca Babiloni, ari na co cari umurwa mukuru w’Inganji ya Babiloni, carashikiwe n’ikintu casa n’ikidashoboka. Muri iryo joro ridasanzwe, ico gisagara carigaruriwe n’ingabo z’Abamedi n’Abaperesi zari ziyobowe n’Umwami Kuro w’Ubuperesi, uwitwa kandi Kuro Mukuru. Umukenyuro yakoresheje ni agatangaza.

INGENE KURO YIGARURIYE BABILONI

Igitabu kimwe kivuga ivyerekeye Kuro (Ancient World Leaders—Cyrus the Great) kigira giti: “Igihe Kuro yiyumvira ivyo kwigarurira igisagara ca Babiloni, cari kimaze kuba igisagara gikomeye cane kuruta ibindi bisagara vyo mu karere k’ibihugu vy’Abarabu, kumbure kuruta n’ibisagara vyose vyo kw’isi.” Uruzi Efurate rwaraca mu gisagara ca Babiloni, rugaca no mu migende minini y’amazi yari ikikuje ibihome amahero vy’ico gisagara. Iyo migende n’ivyo bihome vyarakingira ico gisagara ku buryo wamengo nta wocigarurira.

Abasoda ba Kuro, bari haruguru y’ico gisagara ca Babiloni, barakebeje Uruzi Efurate bica bituma urugero rw’amazi y’urwo ruzi rugabanuka muri ico gisagara. Abo basoda baciye bajabuka nya ruzi n’amaguru bashika ku marembo y’ico gisagara, ano akaba yari yuguruye, maze baracigarurira ata rugamba rukomeye rurinze kuba. Twisunze ibivugwa n’abahinga mu vya kahise b’Abagiriki, ari bo Hérodote na Xénophon, Abanyababiloni babona ko bakingiwe bikwiye ku buryo muri iryo joro baterwa benshi bari bibereye mu musi mukuru, ushizemwo n’umwami wabo! (Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Amajambo aranditswe ku ruhome.”) Vyongeye, iyo ntsinzi ya Kuro yarashikije ubuhanuzi bumwebumwe butangaje bwo muri Bibiliya.

Bibiliya yari yaravuze yuko Kuro yokwigaruriye Babiloni

UBUHANUZI BUTANGAJE

Ubuhanuzi bwa Yesaya buratangaje cane kubera ko bwanditswe imyaka nka 200 imbere y’uko buranguka, kumbure imyaka 150 mbere y’uko Kuro avuka! Rimbura ibikurikira:

BAREKURWA KU GITANGARO

Imbere y’aho, mu 607 B.G.C., ingabo z’Abanyababiloni zaratikije Yeruzalemu, benshi mu bacitse kw’icumu zibajana mu bunyagano. None Abayuda bogumye mu bunyagano igihe kingana iki? Imana yavuze iti: “Imyaka mirongo irindwi niyakwira, nzogira ico mbaza umwami wa Babiloni n’iryo hanga . . . kandi [ico gihugu] nzokigira ibiharabuga gushika igihe kitagira urugero.”—Yeremiya 25:12.

Nk’uko vyavuzwe mu ntango, Kuro yigaruriye Babiloni mu 539 B.G.C. Haciye igihe gito, yararekuye Abayuda, maze batangura gushika mu gihugu cabo c’amavukiro mu 537 B.G.C., ico gihe hakaba hari haheze neza na neza imyaka 70 kuva bajanywe mu bunyagano. (Ezira 1:1-4) Nayo Babiloni yahavuye icika “ibiharabuga,” biba bisubiye kwerekana ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya butihenda.

IVYO BITWEREKA IKI?

Zirikana iki kintu: Bibiliya yari yaravuze (1) yuko Abayuda bomaze imyaka 70 mu bunyagano, (2) yuko Kuro yokwigaruriye Babiloni yongera iravuga n’umukenyuro yokoresheje, be (3) n’uko Babiloni amaherezo yosigaye ari umusaka. Nta muntu buntu yari gushobora kumenya ivyo bintu imbere y’igihe! Iciyumviro cumvikana umuntu yoshikako ni iki: “Ubuhanuzi [nta] ho bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana.” (2 Petero 1:21) Birabereye vy’ukuri ko twihweza ivyo Bibiliya ivuga.

^ ing. 36 Ayo majambo ni amazina y’ingero bisunga kera mu gupima uburemere bw’ibintu vyakoreshwa nk’amahera. Nimba wipfuza ayandi makuru ajanye n’ivyo, raba ikigabane ca 7 c’igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel ! casohowe n’Ivyabona vya Yehova.