Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Agakoko gafise igikankara kibona

Agakoko gafise igikankara kibona

AKO gakoko kitwa ophiure ko mu bitandara vyo mu kiyaga karafise ibintu bitangaje cane bigakingira biri hejuru ku mubiri wako. Ico gice co hejuru c’umubiri wako kiri mu bigize igikankara c’ako gakoko, kandi kiriko imbonero ntonto nyinshi cane ku buryo gikora nk’ijisho rigizwe n’utwiso twinshi.

Utudunduri tubonerana cane two ku gikankara c’ako gakoko dukora nk’imbonero zihanitse

Rimbura ibi: Ikinyamakuru kimwe (Natural History) kivuga yuko igihe abahinga basuzuma ibihimba bigize igikankara c’ako gakoko, babonye “utudunduri tudasanzwe twinshi tubonerana cane, kamwekamwe kose kakaba kari konze kuruta agashatsi k’umuntu.” Utwo tudunduri tugizwe n’ivyitwa carbonate de calcium (canke calcite), nya bahinga basanze ari imbonero ntonto cane zihanitse zifata umuco zikawerekeza ku tuntu bisa n’uko ari udutsi nsozabwenge twakira umuco, tuno tukaba turi munsi y’ivyo bihimba bigize igikankara. Vyongeye, izo mbonero zifise imero nyene ikenewe kugira ngo ako gakoko kabone neza ikintu.

Umuhinga mu vy’ibinyabuzima yitwa Joanna Aizenberg avuga yuko kuba ico gikankara gikora ibikorwa bibiri “vyerekena iki kintu gihambaye: ibintu bigize ibinyabuzima usanga kenshi bitunganijwe ku buryo bikora vyinshi.”

Abashakashatsi barafatiye ku kuntu umubiri w’ako gakoko ukora maze bariyumvira uburyo buzimbutse kandi bworoshe bwo guhingura utuntu dutoduto cane tumeze nk’imbonero dukozwe muri carbonate de calcium. Utwo tuntu turafasha nk’akarorero mu bijanye n’ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru, tugakoreshwa mu gutwara umuco biciye ku ntsinga zitwa fibres optiques.

None uvyibazako iki? Ico gikankara kibona c’ako gakoko kitwa ophiure coba cariyadukije? Canke hariho uwagishizeho?