Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Ingene wotoza indero umwana wawe w’umuyabaga

Ingene wotoza indero umwana wawe w’umuyabaga

IGITUMA BITOROSHE

Mu muryango wawe washinze yuko isaha zitatu z’ijoro zuzuye mwese muba mwazimije telefone ngendanwa, mugabo muri iyi ndwi warafashe incuro zibiri umukobwa wawe ariko arandika ubutumwa kuri telefone inyuma y’isaha zitandatu z’ijoro. Umuhungu wawe na we washinze ko adakwiye kurenza isaha zitatu z’ijoro atarataha, mugabo ejo yatashe isaha zine zirenga.

Birashoboka ko umwana wawe w’umuyabaga yikosora. Mugabo urakeneye kubanza kumenya igituma asa n’uwugarariza amategeko washinze. Ico womenya co ni uko ushobora gusanga atari ukugarariza nk’uko uvyiyumvira.

IKIBITERA

Amategeko adatomoye neza. Hari abana b’imiyabaga barenga ku mategeko kugira ngo barabe ivyo bashobora gukora ntibabihanirwe. Nk’akarorero, umuvyeyi avuze yuko uwuzokora ikosa rinaka azoca ahabwa igihano kanaka, umwana w’umuyabaga yoshobora kurenga ku vyo uwo muvyeyi yavuze kugira arabe ko azomuhana koko. Iyo abana b’imiyabaga babigenjeje gutyo, baba none babaye intagondwa? Ntivyama ari ukwo. Ico womenya co ni uko iyo abavyeyi bashingiye abana babo b’imiyabaga amategeko adatomoye neza canke bakaba ba mahindagu mu bijanye no kubahana, bishobora gutuma nya bana bafata minenegwe amategeko babashingira.

Amategeko arenze. Hari abavyeyi bagerageza gukontorora umwana wabo w’umuyabaga mu kumushingira amategeko menshi cane. Iyo uwo muyabaga arenze kw’itegeko kanaka, umuvyeyi wiwe aca ashavura agaca ashinga n’ayandi mategeko. Ariko kenshi nta co bifasha atari ukwunyura ibintu. Igitabu kimwe (Parent/Teen Breakthrough) gisigura giti: “Uko ugerageza kurushiriza gukontorora umwana wawe w’umuyabaga, ni ko arushiriza kugarariza.” Congerako giti: “Kugerageza kumukontorora ni nko kugerageza gusiga ivoka ridahiye ku mukate woroshe: bituma uwo mukate umanyagurika, kandi kurisiga ukoresheje inguvu si wo muti.”

Gutoza indero umwana mu buryo bwiza birashobora gufasha. “Gutoza indero” ahanini bisobanura kwigisha, bikaba bitandukanye no “guhana,” kuko guhana vyovyo bibabaza umuntu. Wofasha gute none umwana wawe w’umuyabaga gukurikiza amategeko ushinga?

ICO WOKORA

Nubatomorere. Abana b’imiyabaga barakeneye kumenya neza na neza ico ubitezeko be n’ibihano bazohabwa barenze ku mategeko.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abagalatiya 6:7.

Inama ugiriwe: Niwandike urutonde rw’amategeko agenga urugo rwawe. Nuce wibaza uti: ‘Yoba ari menshi cane? Yoba ari make cane? Hoba hari ayatagikenewe? Umwana wanje w’umuyabaga, noba nkwiye kumutezurira ndavye ukuntu agerageza kwitaho ibintu?’

Ntube mahindagu. Umwana wawe w’umuyabaga yoshobora kutagutahura hamwe yokora ikosa ntabihanirwe, ariko mu ndwi ikurikira agakora nya kosa nyene agaca abihanirwa.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Matayo 5:37.

Inama ugiriwe: Nugerageze kubaha igihano kijanye n’ikosa bakoze. Nk’akarorero, bishitse umwana wawe w’umuyabaga agataha inyuma y’isaha wamushingiye, ugaca ushinga ko azoza arataha kare kuruta uko vyahora, ico gihano coba kijanye n’ikosa yakoze.

Nukore ibitegereka. Nube umuvyeyi agondeka mu kuza uraha umwana wawe w’umuyabaga umwidegemvyo wiyongereye uko arushiriza kuvyifatamwo neza.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abafilipi 4:5.

Inama ugiriwe: Niwicarane n’umwana wawe w’umuyabaga, muganire ibijanye n’amategeko mwokwisunga. Urashobora no kumusaba ngo atange iciyumviro ku bijanye n’igihano yohabwa aramutse akoze ikosa kanaka. Iyo abana b’imiyabaga bagize uruhara mu gushinga amategeko, biroroha cane ko bayakurikiza.

Numufashe kugira kamere nziza. Ntiwipfuza gusa ko umwana wawe w’umuyabaga akurikiza amategeko, ahubwo wipfuza kumufasha kugira ijwi ryo mu mutima rikora neza, rimufasha gutandukanya iciza n’ikibi. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Numufashe gutsimbataza kamere nziza.”)​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Petero 3:​16.

Inama ugiriwe: Nuronderere imfashanyo muri Bibiliya. Ni ryo sôko ntangere ry’“indero itanga ugutahura kwimbitse,” kandi ubukerebutsi tuyisangamwo burashobora ‘guha abantu batazi utuntu n’utundi ukwiyubara, n’umusore [canke umwigeme] bukamuha ubumenyi n’ubushobozi bwo kwiyumvira.’​—Imigani 1:​1-4.