Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova boba bafise Bibiliya yabo?

Ivyabona vya Yehova boba bafise Bibiliya yabo?

 Ivyabona vya Yehova barakoresheje impinduro za Bibiliya zitandukanye mu kwiga Bibiliya. Yamara, mu ndimi aho Bibiliya y’isi nshasha iboneka, ni yo canecane duhitamwo gukoresha kubera ko ikoresha izina ry’Imana, ikaba itagira amakosa kandi yoroshe gutahura.

  •   Irakoresha izina ry’Imana. Abantu bamwebamwe basohoye Amabibiliya ntibateye iteka uwari akwiye kuriterwa. Nk’akarorero, impinduro imwe ya Bibiliya iravuga amazina y’abantu barenga 70 bagize ico baterereye mu buryo bunaka kw’isohorwa ryayo. Yamara, iyo mpinduro nyene irakuramwo burundu izina ry’uwo Bibiliya ikomokako, ari we Yehova Imana!

     Mu buryo butandukanye n’ubwo, Bibiliya y’isi nshasha irasubiza izina ry’Imana mu bibanza ibihumbi ryahoramwo mu gisomwa co mu ntango, mu gihe abagize komite yasohoye iyo mpinduro baguma batazwi.

  •   Ntigira amakosa. Si impinduro zose za Bibiliya usanga ziserura mu buryo butagiramwo amakosa ubutumwa bwo mu gisomwa co mu ntango. Nk’akarorero, impinduro imwe ihindura icanditswe co muri Matayo 7:​13 muri ubu buryo: “Mwinjirane mw’irembo ryaga, kubera yuko irembo rijana mu muriro udahera ryagutse kandi inzira ishikana kuri ryo ikaba yoroshe gucamwo.” Yamara, mu gisomwa co mu ntango hakoreshejwe imvugo “amahonero,” ntihakoreshejwe “umuriro udahera.” Kumbure abo bahinduzi bashizemwo ijambo “umuriro udahera” kubera ko bemera yuko abanyakibi bazoturirirwa mu muriro udahera. Ariko ico ciyumviro ntigishigikirwa na Bibiliya. Ku bw’ivyo, Bibiliya y’isi nshasha ivuga mu buryo butagiramwo amakosa iti: “Mwinjirane mw’irembo ryaga; kubera ko inzira nini kandi yagutse ijana mu mahonero.”

  •   Iroroshe gutahura. Impinduro nziza ya Bibiliya ntikwiye gusa kuba itagiramwo amakosa ariko kandi ikwiye kuba yoroshe gutahura. Rimbura aka karorero. Mu Baroma 12:11, intumwa Paulo yakoresheje imvugo isigura urudome ku rundi ngo “ku mpwemu mubire.” Kubera ko iyo mvugo idatahurika neza mu kirundi ca none, Bibiliya y’isi nshasha ivuga uwo murongo mu buryo bworoshe gutahura. Ivuga ko abakirisu bakwiye ‘kururumba impwemu.’

 Turetse kuba Bibiliya y’isi nshasha ikoresha izina ry’Imana, itagiramwo amakosa kandi yoroshe gutahura, irafise ikindi kintu yisangije: Ntigurishwa. Ivyo bituma abantu amamiliyoni bashora gusoma Bibiliya mu rurimi bonse, mbere n’abatoshobora kuyigura.