Ja ku birimwo

Gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana

Ingene worushiriza kuba umuntu mwiza

Ivyotuma uhimbarwa​—Kubumbwa n’ivyo ufise be no gutanga

Abantu benshi baritiranya agahimbare n’ubutunzi. None amatungo yoba vy’ukuri azana agahimbare karamba? Ibimenyamenya vyerekana iki?

Niwironkere ivyiza biva ku gutanga

Gutanga biratuma wewe n’abandi mumererwa neza. Birakomeza kandi ubumwe n’ubugenzi. None twoshobora gute gutangana akamwemwe?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ugushima?

Vyaragaragaye ko gushima bizana ivyiza vyinshi. Ivyo vyiza ni ibihe? Wokora iki ngo ube umuntu ashima?

Ubwitonzi ni ingendo iranga ubukerebutsi

Igihe urenganijwe, ntivyoroshe ko uguma wigumije, ariko Bibiliya iremesha abakirisu kuba abantu bitonda. Ni igiki cogufasha gutsimbataza iyo kamere?

Ivyotuma uhimbarwa​—Kubabarira abandi

Umuntu w’ishavu n’inzigo ntashobora guhimbarwa, icibagiwe co ni ukugira amagara meza.

Kuba imvugakuri birimwo impera

Raba inkuru z’abantu batwiganira ingene kuba imvugakuri ari ngirakamaro.

Imigenderanire myiza n'abandi

Ukwinubana​—Nugaragaze urukundo

Kugaragaza urukundo biratuma tureka kwinubana. Rimbura ibintu bimwebimwe wokora.

Ivyotuma uhimbarwa​—Urukundo

Gukunda no gukundwa birahambaye cane kugira duhimbarwe.

Ivyo ivuga ni kirumara kandi ntibita igiheUrukundo

Bibiliya irakunda kuvuga ivyerekeye urukundo, ariko ni gake iba ishaka kuvuga urukundo ruba hagati y’abadasangiye igitsina.

Umugenzi nyakuri ameze gute?

Abantu benshi babona ko kugira abagenzi nyakuri bihambaye. Woshobora gute kubera abandi umugenzi nyakuri? Iki kiganiro kiraca irya n’ino ivyiyumviro bine vyo muri Bibiliya wokwisunga.

Icogufasha kuzigama amahoro mu muryango

Impanuro zo muri Bibiliya zoba zishobora gufasha urugo rurimwo amatati kuronka amahoro? Raba ivyo abakurikiza izo mpanuro babivuzeko.

Kubabarira abandi

Kugira tubabarire abandi, vyoba bisaba ko dufatira mu rwara canke mbere twirengagiza umubabaro baduteye?

Ingene wocungera ishavu

Gutwarwa n’ishavu birashobora kukwononera amagara, kandi ni ko bigenda n’igihe wigumijemwo ishavu. None wokora iki igihe uwo mwubakanye agushavuje vy’ukuri?