Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KUBERA IKI TWOBA IMVUGAKURI?

Kuba imvugakuri birimwo impera

Kuba imvugakuri birimwo impera

“Tu[ra]zi neza yuko turi n’ijwi ryo mu mutima rigororotse, kuko dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”​—Abaheburayo 13:18.

Muri Bibiliya, ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe muri uwo murongo ngo “mu buryo bugororotse” ririmwo iciyumviro co kuba imvugakuri. Rirerekeza kandi ku kintu ciza kandi kibereye mu bijanye n’inyifato runtu.

Abakirisu barafata nka nkama impanuro intumwa Paulo yanditse igira iti: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.” None ivyo bisaba iki?

KURWANA URUGAMBA

Buri gitondo abantu benshi barafata akanya bakiraba mu cirore. Kubera iki? Baba bipfuza kuraba ko basa neza. Ariko hariho ikintu gihambaye kuruta uko tuboneka. Mu bisanzwe umuntu turi imbere arashobora kugira ico aterereye ku kuntu abandi batubona.

Ijambo ry’Imana riravuga ridahisha ko dufise impengamiro yo gukora ibibi. Mw’​Itanguriro 8:21 havuga ko “impengamiro y’umutima w’umuntu ari mbi guhera mu buto bwiwe.” Kugira rero tube imvugakuri, tubwirizwa kurwanya ako gatima dufise ko gukora igicumuro. Intumwa Paulo aravuga mu buryo butomoye ibijanye n’intambara na we yarwana ati: “Mu vy’ukuri ndahimbarwa n’itegeko ry’Imana nk’uko umuntu ndi imbere muri jewe ari, mugabo mbona mu bihimba vyanje irindi tegeko rirwanya itegeko ry’umuzirikanyi wanje rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro riri mu bihimba vyanje.”​—Abaroma 7:22, 23.

Nk’akarorero, nimba umutima wacu utwosha cane gukora ikintu kitabereye, ntibisobanura ko dukwiye guca tujana na rwo. Turashobora guhitamwo kwamirira kure ico ciyumviro. Tubigenjeje gutyo, turashobora kuba imvugakuri naho tubaye mw’isi yuzuyemwo ububeshi.

GUTSINDA URWO RUGAMBA

Kugira tube imvugakuri, turakenera kwisunga ingingo ngenderwako zidahindagurika. Ikibabaje ni uko abantu benshi bamara umwanya munini biyumvira ivyo bambara kuruta uwo bamara biyumvira ibijanye n’inyifato yabo. Ivyo bituma bavugisha ukuri igihe biborohereza gusa. Igitabu kimwe kivuga ibijanye no kuba imvugakuri kigira giti: “Kenshi abantu barabesha mu bintu babona ko bisanzwe bidatuma abandi babafata nk’ababeshi.” Hoba hariho impanuro twokwizigira zodufasha kumenya ikibereye? Cane nyene.

Hirya no hino kw’isi abantu amamiliyoni basanze Bibiliya irimwo izo mpanuro. Impanuro tuyisangamwo nta co twozigereranya. (Zaburi 19:7) Iratanga ubuyobozi bwo kwizigirwa mu bijanye n’ubuzima bwo mu muryango, akazi, inyifato runtu no mu bijanye no kugiranira ubucuti n’Imana. Izo mpanuro ntizita igihe kandi zirakora ku bantu bo mu mihingo yose n’ubwoko bwose. Gusoma no kuzirikana twitonze ibivugwa muri Bibiliya maze tugashira mu ngiro ivyo itubwira, biratuma tuba abantu b’imvugakuri kandi bakora ibigororotse.

Ariko rero, kugira ubumenyi bwa Bibiliya vyonyene ntibihagije kugira dutsinde urugamba rwo kuguma turi imvugakuri. Kubera akosho gakomeye iyi si yononekaye itugirako, turakeneye gusaba Imana ngo idufashe yongere idushigikire. (Abafilipi 4:6, 7, 13) Ivyo biratuma tugira umutima rugabo wo kwumira ku kibereye tukaba imvugakuri muri vyose.

IVYIZA VYO KUBA IMVUGAKURI

Hitoshi twavuze mu kiganiro gitangura yarungukiye ku kuba azwi ko ari imvugakuri. Ubu uwo akorera aramushima cane. Hitoshi avuga ati: “Ndakenguruka kuba narashoboye kuronka akazi kadatuma nkora ivyotuma niyagiriza.”

Hari n’abandi basanze ukwo ari ukuri. Raba uburorero bw’abantu bungukiye ku gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga yo “kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”

  • Kutiyagiriza

    “Nahevye ishure mfise imyaka 13, ntangura gukorana n’abasuma. Amahera nka yose naronka, nayaronka biciye mu busuma. Mu nyuma narubatse, maze jewe n’umugabo wanje turatangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Twaratahuye ko Yehova * Imana yanka urunuka ubusuma. Twaciye rero dufata ingingo yo guhindura uko twari tubayeho. Mu 1990 twarabatijwe tuba Ivyabona vya Yehova.”​—Imigani 6:16-19.

    “Kera mu nzu yanje hari huzuye ibintu nivye, ariko ubu nta bikihari. Ivyo biratuma numva ntekanye mu mutima. Nibutse imyaka namaze muri ivyo bikorwa bigayitse, ndakengurukira Yehova kuba yarambabariye. Nta kintu kiryoshe nko kuja kuryama uzi yuko ufitaniye amahoro n’Imana.”​—Cheryl wo muri Irlande.

    “Igihe umukoresha wanje yamenya ko nanse kwakira igiturire mpawe n’umukiriya, yambwiye ati: ‘Imana usenga ituma uba umwizigirwa. Turahiriwe kubona tugufise mw’ishirahamwe ryacu.’ Kuba imvugakuri mu bintu vyose vyaramfashije kwumva ata co niyagiriza imbere ya Yehova Imana. Vyaratumye kandi nshobora kubera akarorero keza umuryango wanje be n’abandi.”​—Sonny wo muri Hong Kong.

  • Amahoro yo mu mutima

    “Ndi icegera c’umukuru w’ibanki imwe ikorera mu bihugu vyinshi. Muri ako kazi, akenshi ukuvugisha ukuri birirengagizwa kugira gusa umuntu yironkere itunga. Bakunze kwivugira bati: ‘None bitwaye iki ubeshe gato kugira wironkere inoti na banki igatera imbere?’ Ariko kuvugisha ukuri bituma ngira amahoro yo mu mutima. Nariyemeje kuguma mvugisha ukuri naho noshikirwa n’iki. Abakoresha banje barazi ko ntashobora kubabesha kandi ko badashobora kunkoresha mu binyoma.”​—Tom wo muri Amerika.

  • Kwiyubahiriza

    “Umushefu wanje yaransavye kubesha ku bijanye n’ibintu vyari vyazimiye ariko naranse. Igihe abari bavyivye bamenyekana, umukoresha wacu yaranshimiye kubera nari navugishije ukuri. Ntivyoroshe kuba imvugakuri muri iyi si yononekaye. Ariko impera n’imperuka bituma abandi batwizigira kandi bakatwubaha.”​—Kaori wo mu Buyapani.

Kutiyagiriza, amahoro yo mu mutima no kwiyubahiriza birerekana ko kuba imvugakuri bivamwo ivyiza. None ivyo ntuvyemera?

^ Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.