Ja ku birimwo

NIWIGANE UKWIZERA KWABO | ELIYA

Yarihanganye gushika kw’iherezo

Yarihanganye gushika kw’iherezo

Eliya arumvise inkuru y’uko Umwami Ahabu yapfuye. Turashobora kwiha ishusho uwo muhanuzi ageze mu zabukuru yatwawe n’ivyiyumviro, aguma yikora ku bwanwa adakubita urugohe, yibuka incuro nyinshi yahanganye n’uwo mwami w’umubisha. Eliya yari yarabonye amakuba menshi. Yarahizwe buhongo, aragarukira no ku munwa w’icobo, aho hose akaba yariko ahigwa na Ahabu n’umugore wiwe, umwamikazi Yezebeli. Uwo mwami nta co yigeze akora kugira abuze Yezebeli gusohora itegeko ryo kwicisha benshi mu bahanuzi ba Yehova. Uwo mwami n’umugore wiwe kandi baragiye umugambi wo kwicisha umugabo w’intungane yitwa Naboti hamwe n’abahungu biwe, babitumwe n’umwina. Ivyo vyatumye Eliya ashikiriza urubanza Yehova yari yaciriye Ahabu n’abomukomotseko bose. Ubu rero ivyo Imana yari yaravumereye vyari birangutse. Ahabu yapfuye nk’uko nyene Yehova yari yarabivuze.​—1 Abami 18:4; 21:1-26; 22:37, 38; 2 Abami 9:26.

Ariko rero, Eliya arazi ko agikeneye kwihangana. Yezebeli aracariho, kandi arabandanya kwosha nabi umuryango wiwe n’ihanga ryose. Eliya yoshikiwe n’izindi ngorane, kandi aracafise vyinshi vyo kwigisha Elisha, umugenzi wiwe akaba n’uwomusubiriye. Reka turimbure bitatu mu bikorwa vya nyuma Eliya yashinzwe. Kwibonera ukuntu ukwizera kwiwe kwamufashije kwihangana birashobora kudufasha natwe kubona ingene twokomeza ukwizera kwacu muri ibi bihe bigoye tubayemwo.

Amenyesha Ahaziya urubanza yaciriwe

Ubu Ahaziya umuhungu wa Ahabu na Yezebeli ni we aganza Isirayeli. Aho gukura icigwa ku makosa y’abavyeyi biwe, agera ikirenge mu cabo. (1 Abami 22:52) Na we nyene asenga Bayali nk’abavyeyi biwe. Umuntu wese agiye mu vyo gusenga Bayali aca yononekara cane, kuko bituma akora ibibi vy’agahomerabunwa nk’ubumaraya bwo ku rusengero no gutanga abana kw’ibimazi. Hoba hari icotuma Ahaziya ahindura ingendo, akabuza abanyagihugu guhemukira Yehova bigeze iyo?

Uwo mwami akiri muto w’umunyabwishime arashikirwa n’ivyago. Arakoroka aciye mw’idirisha ry’icumba ciwe co hejuru agakomereka bikomeye. Naho ageze habi, ntasaba Yehova ngo amufashe. Ahubwo arungika intumwa mu gisagara c’Abafilisitiya ca Ekuroni kubaza imana Bayali-zebubi ko azohakura agatwe. Ivyo birababaza cane Yehova. Aca arungika umumarayika kubwira umuhanuzi Eliya ngo aje guhura n’izo ntumwa. Uwo muhanuzi aca azisaba gusubira ku mwami, akazirungikana ubutumwa bukaze. Ahaziya yari yimonogoje, kuko yakoze nk’aho ata Mana iriho muri Isirayeli. Yehova yari yafashe ingingo y’uko atazova ku musego.​—2 Abami 1:2-4.

Aho kwigaya, Ahaziya abaza za ntumwa ati: “Uwo mugabo yaduze guhura namwe akababwira ayo majambo yasa gute?” Nya ntumwa ziramudondorera umwambaro usanzwe uwo mugabo yari yambaye, Ahaziya agaca avuga ati: “Yari Eliya.” (2 Abami 1:7, 8) Birashimishije kuba Eliya yari abayeho mu buryo buciye bugufi, agashira imbere gukorera Imana, ku buryo yamenyekanira ku mpuzu zisanzwe cane yambara. Ibintu nk’ivyo nta wari kubivuga kuri Ahaziya canke abavyeyi biwe, kuko bari barishwe n’uguhahamira amaronko. Akarorero ka Eliya karatwibutsa ko dukwiye kubaho twisunga impanuro ya Yezu idusaba kuguma tworoheje ubuzima, tugashira imbere ibihambaye koko.​—Matayo 6:22-24.

Ahaziya aca arondera kwihora. Ararungika intwazangabo iri kumwe n’abasoda 50 gufata Eliya. Basanga Eliya “yicaye kw’isonga ry’umusozi,” * maze iyo ntwazangabo n’amanyama n’akantu igategeka Eliya mw’izina ry’umwami ngo ‘amanuke,’ kumbure bikaba bisobanura ngo anyaruke aje kwicwa. Ibaze nawe! Naho abo basoda bazi ko Eliya ari “umuntu w’Imana y’ukuri,” barubahuka kumufata uko bishakiye. Bari bihenze cane! Eliya abwira iyo ntwazangabo ati: “Nimba ndi umuntu w’Imana, umuriro numanuke uvuye mu majuru ukurigatane n’abasoda bawe mirongo itanu.” Erega Imana ica ibikora! “Umuriro uca [umanuka] uvuye mu majuru, u[ka]murigatana n’abasoda biwe mirongo itanu.” (2 Abami 1:9, 10) Urupfu rubabaje rw’abo basoda ruratwibutsa ko igihe abantu bariko barafata nabi abasavyi ba Yehova atabifata ibisanzwe.​—1 Ngoma 16:21, 22.

Ahaziya aca arungika iyindi ntwazangabo iri kumwe n’abasoda 50. Iyo ya kabiri yoyo ntiyubahuka ngo isigaze! Ubwa mbere hoho, nta cigwa ikura ku rupfu rwa ba basoda 51, naho ishobora kuba isanga iminyota yabo ikiri aho ku nkike y’umusozi. Ubwa kabiri na ho, ntisubiramwo gusa amajambo y’akagaye yavuzwe na ya ntwazangabo ya mbere ngo “manuka,” ahubwo irongerako ngo “ningoga.” Mbega ubujuju! Ku bw’ivyo, we n’abasoda biwe bapfa urupfu nka rumwe rw’aba mbere. Ntako iyo ntwazangabo ari ikijuju, umwami wewe ni agahebuza! Ntahaha, ararungika n’umugwi ugira gatatu. Intwazangabo igira gatatu yoyo iraciye ubwenge. Iricisha bugufi ikegera Eliya maze ikamwinginga ngo we n’abasoda biwe ntibicwe. Nta gukeka ko uwo musavyi w’Imana yigana imbabazi za Yehova mu kuntu yishura iyo ntwazangabo yicisha bugufi. Umumarayika wa Yehova aca abwira Eliya ngo ajane n’abo basoda. Eliya aragamburuka, maze agasubiriramwo uwo mwami mubi urubanza Yehova yari yamuciriye. Ahaziya yarapfuye nk’uko Yehova yari yabivuze. Yamaze imyaka ibiri gusa ku ngoma.​—2 Abami 1:11-17.

Eliya yaragiriye ya ntwazangabo yicisha bugufi impuhwe nk’iza Yehova

Ni igiki cafashije Eliya kuguma yihanganye naho yari akikujwe n’abantu b’abagarariji? Inyishu y’ico kibazo yodufasha muri iki gihe. Ntibihora bikubabaza none igihe umuntu ukunda yanse kwumvira impanuro, ahubwo agashishikara gukora ibintu bibi? Twokwihanganira gute uwo mubabaro? Hari ico dushobora kwigira ku kibanza ba basoda basanzemwo Eliya. Yari “kw’isonga ry’umusozi.” Naho tutazi neza ico yariko arakorayo, nta gukeka ko ico kibanza gitekanye catuma yoroherwa no kwiyegereza Imana yiwe, narirya yari umuntu akunda gusenga. (Yakobo 5:16-18) Na twebwe turakwiye kwama turondera akanya ko kwiyegereza Yehova, tukamusenga dukoresheje izina ryiwe kandi tukamuserurira akatubakiye. Ivyo bizodufasha kwihangana hamwe abandi bohitamwo gukora ibintu bitabereye, bigatuma bibonerako.

Azeza uwundi ibanga yari afise

Ubu na ho harageze ko Eliya azeza uwundi ibanga yari afise. Raba ikintu akora. We na Elisha bariko barava mu gisagara ca Gilugali. Eliya abwira Elisha ngo agume ng’aho, amureke aduge i Beteli ari wenyene, nko ku bilometero 11. Elisha aramuhakanira ashikamye ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova n’ukubaho kwawe, ntituvana.” Bashitse i Beteli, Eliya abwira Elisha ko agomba kuja i Yeriko ari wenyene, nko ku bilometero 22. Elisha arongera kumuhakanira yivuye inyuma nka kumwe kwa mbere. Bageze i Yeriko, bisubira kugenda kwa kundi nyene ubugira gatatu imbere y’uko baja ku ruzi Yorodani, nko ku bilometero 8. N’ico gihe nyene, uwo musore Elisha aranka kumuvirira!​—2 Abami 2:1-6.

Elisha yaragaragaje kamere idasanzwe y’urukundo rudahemuka. Urwo rukundo ni rwo Rusi yagaragarije Nawomi. Ni rwa rukundo rwumira ku kintu rukanka kukirekura. (Rusi 1:15, 16) Muri iki gihe, abasavyi b’Imana bose barakeneye cane gutsimbataza iyo kamere. Twoba tubona ko ikenewe cane nk’uko Elisha yabibona?

Eliya ategerezwa kuba akorwa ku mutima n’urukundo rudahemuka uwo musore amukunda. Urwo rukundo ruratuma Elisha yibonera igitangaro ca nyuma Eliya akora. Bari ku nkengera y’uruzi Yorodani rutemba cane kandi rurimwo amabenga maremare, Eliya aca afata impuzu yiwe y’ibango akayikubita mu mazi. Amazi aca yigaburamwo kubiri. “Abagabo mirongo itanu bo mu bahungu b’abahanuzi” na bo nyene bariko barihweza ico gitangaro, bakaba bashobora kuba bari mu mugwi munini w’abagabo bariko baramenyerezwa kuja imbere abandi mu gusenga kw’ukuri mu gihugu. (2 Abami 2:7, 8) Birashoboka ko Eliya ari we abamenyereza. Imbere y’aho, Eliya yari yarigeze kwiyumvira ko ari we muntu w’intahemuka wenyene asigaye mu gihugu. Yehova rero yari yarahezagiye ukwihangana kwiwe, aribonera ingene abasavyi b’Imana batera imbere.​—1 Abami 19:10.

Bamaze kujabuka Yorodani, Eliya abwira Elisha ati: “Saba ico ndagukorera imbere y’uko njanwa, ngakurwa iruhande yawe.” Eliya arazi ko hageze yuko batandukana. Ntagirira ishari uwo mugenzi wiwe akiri muto kubera uduteka n’ubukuru agiye kuronka. Ahubwo arashashaye kumufasha mu buryo bwose bushoboka. Elisha asaba iki kintu kimwe: “Ndakwinginze, imigabane ibiri y’impwemu yawe ize kuri jewe.” (2 Abami 2:9) Ntashaka kuvuga ko yipfuza kuronka impwemu nyeranda Eliya afise uyigwije kabiri. Ahubwo ariko asaba intoranwa nk’iy’umwana w’imfura, uwo itegeko ryavuga ko aronka intoranwa nini, canke imigabane ibiri, kugira ashobore kwitwararika amabanga mashasha yo guhagarikira umuryango. (Gusubira mu vyagezwe 21:17) Kubera ko ari nk’imfura ya Eliya mu vy’Imana, ategerezwa kuba atahura ko akeneye umutima rugabo nk’uwa Eliya kugira ashobore kwitwararika igikorwa kimurindiriye.

Eliya aricisha bugufi, akarekera inyishu y’ico kibazo mu minwe ya Yehova. Imana iramutse iretse Elisha akabona ukuntu itwara uwo muhanuzi ashaje, izoba yemeye ivyo Elisha yasavye. Ata kanya kahaciye, mu gihe abo bagenzi ba kera bariko baragenda baganira, hari ikintu gitangaje kiba.​—2 Abami 2:10, 11.

Nta gukeka ko ubucuti Eliya na Elisha bari bafitaniye bwabafashije kwihanganira ibihe bigoye

Ubwo nyene barabona mu kirere umuco batazi iyo uvuye, ukaguma umanuka ubegereza. Bashobora kuba bumva ijwi ryasana riherekejwe n’ikirura c’umuyaga kiri kumwe n’ikintu gikayangana kiriko kirashunguruka kibagana, bigatuma batandukana, kumbure bakagenda baradandabagirana kubera ubwoba. Ico kintu babona ni umukogote uca ibibatsi nk’aho woba ukozwe mu muriro. Eliya arazi ko hageze yuko agenda. Yoba aca yurira uwo mukogote? Iyo nkuru nta vyo ivuga. Uko biri kwose, arumva ko hari ikintu kiriko kiramuduza, kiguma kimuduza mu kirere, ari muri ico kirura c’umuyaga.

Elisha ariko aravyitegereza, atekewe n’ubwoba. Kubera ko yiboneye ivyo bintu bitangaje, aca atahura ko Yehova azomuha “imigabane ibiri” y’umutima rugabo wa Eliya. Ariko umubabaro afise ntumukundira gushira umutima kuri ico kintu. Ntazi iyo uwo mugenzi wiwe w’umutama agiye kandi birashoboka ko atiteze kuzosubira kumubona. Arasemerera ati: “Dawe, dawe, mukogote w’intambara wa Isirayeli n’abagendera ku mafarasi biwe!” Arihweza ingene uwo mumenyereza wiwe akamanganira mu kirere, agaca atantamura impuzu ziwe kubera umubabaro.​—2 Abami 2:12.

Igihe Eliya ariko araduzwa mu kirere, yoba yumva amaborogo y’uwo mugenzi wiwe akiri muto, kumbure agakorora n’amosozi? Uko biri kwose, ntabura kwibuka ko kugira umugenzi nk’uwo vyamufashije kwihanganira ibihe bigoye. Akarorero ka Eliya karatwigisha ko dukwiye kurondera abagenzi bakunda Imana kandi bipfuza gukora ivyo igomba.

Yehova yarimuye Eliya, amuha igikorwa gishasha

Ibanga rya nyuma yahawe

None Eliya aca aja he? Amadini amwamwe yigisha ko yaciye aja mw’ijuru kwibanira n’Imana. Ariko ivyo si vyo. Haciye ibinjana n’ibindi, Yezu Kristu yavuze ko ata muntu n’umwe yaduze mw’ijuru imbere y’uko ubwiwe aduga. (Yohani 3:13) Twoshobora rero kwibaza duti: None ko Bibiliya ivuga yuko “Eliya [yaduze] mu kirura c’umuyaga mu majuru,” ayo majuru yaduzemwo ni ayahe? (2 Abami 2:11) Muri Bibiliya, ijambo “amajuru” ntirisobanura gusa ikibanza Yehova abamwo ariko kandi rirasobanura ikirere kiri hejuru y’isi, mu bicu, aho inyoni zigurukira. (Zaburi 147:8) Ayo ni yo majuru Eliya yagiyemwo, ni ukuvuga mu bicu. None ivyiwe bihereye aho?

Yehova araha ikindi gikorwa uwo muhanuzi wiwe yikundira, akamwimurira mu bwami bwa Yuda. Haciye imyaka irenga indwi, Bibiliya irerekana ko Eliya yari akibandanya igikorwa mu bwami bwa Yuda. Ico gihe Yuda yatwarwa n’umwami mubi yitwa Yehoramu. Yari yubakanye n’umukobwa wa Ahabu na Yezebeli. Uca wumva ko akosho kabi kabo ata ho kari bwaje. Yehova yarasavye Eliya ngo yandike ikete ririmwo urubanza yari yaciriye Yehoramu. Nk’uko Yehova yari yarabivuze, Yehoramu yapfuye urupfu rubi. N’ikibabaje kuruta, inkuru yiwe isozera iti: “Amaherezo asandaba ata wukimushaka.”​—2 Ngoma 21:12-20.

Ese ingene uwo mwami mubi yari atandukanye na Eliya! Ntituzi ingene Eliya yapfuye n’igihe yapfiriye. Ariko turazi ko atapfuye nabi nka Yehoramu, ngo apfe ata wukimushaka. Elisha yarakumbuye cane umugenzi wiwe Eliya. Nta gukeka ko na ba bandi bahanuzi na bo nyene bamukumbuye. N’inyuma y’imyaka nka 1.000, Yehova yari agiha agaciro uwo muhanuzi yikundira kuko yakoresheje ishusho yiwe ca gihe Yezu yahinduka ukundi. (Matayo 17:1-9) Woba wipfuza kugira ukwizera nk’ukwa Eliya, kwogufasha kwihangana no mu bihe bigoye? Nimba uvyipfuza, nurondere abagenzi bakunda Imana, ugume ushira imbere igikorwa ca Yehova kandi wame usenga ubikuye ku mutima. Niwabigenza gutyo, Yehova azoguhoza ku mutima.

^ ing. 6 Hari abahinga bavuga ko uwo wari umusozi Karumeli, umwe Eliya yariko igihe Imana yamuha ubushobozi bwo kunesha ba bahanuzi ba Bayali imyaka nk’ingahe imbere y’aho. Ariko Bibiliya ntitomora uwo musozi uwo ari wo.