Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Abaroma 15:13: “Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro”

Abaroma 15:13: “Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro”

 “Ya Mana itanga icizigiro ibuzuze akanyamuneza kose n’amahoro biciye ku kwemera kwanyu, kugira ngo mugwire mu cizigiro hamwe n’ububasha bw’impwemu nyeranda.”​—Abaroma 15:13, Bibiliya y’isi nshasha.

 “Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro biva ku kwizera, kugira ngo murushirize kwizigira ibizoba, mubihawe n’ubushobozi bga Mpwemu yera.”​—Abaroma 15:13, Bibiliya yera.

Ico mu Baroma 15:13 hasobanura

 Muri ayo majambo, intumwa Paulo yarerekanye ko Imana yuzuza abakirisu bagenziwe “akanyamuneza n’amahoro.” Izo kamere nziza zirafitaniye isano n’icizigiro Imana itanga be n’ububasha bw’impwemu nyeranda.

 Mw’ijambo ry’Imana Bibiliya turahasanga icizigiro Imana itanga. Nk’uko mu Baroma 15:4 habivuga, “ivyanditswe kera vyose [muri Bibiliya] vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.” Bibiliya irerekana ko Imana yasezeranye gukuraho ingorane zishobora gutuma muri kino gihe dutakaza icizigiro nk’ubukene, akarenganyo, indwara n’urupfu. (Ivyahishuwe 21:4) Imana izokoresha Yezu Kristu kugira ishitse ivyo yasezeranye. Ni co gituma dushobora kugira icizigiro yuko kazoza ari keza.​—Abaroma 15:12.

 Turashobora ‘kugwira’ muri ico cizigiro Imana itanga mu gihe gusa twizigira Imana. Uko tumenya vyinshi ku biyerekeye, ni ko turushiriza guhera amazinda ko dushobora kuyizigira tugaherezako. (Yesaya 46:10;Tito 1:2) Bivuye kuri ico cizigiro nyakuri Imana itanga, umuntu arashobora kuzuzwa akanyamuneza n’amahoro naho yoba ari mu ngorane.​—Abaroma 12:12.

 Amahoro, akanyamuneza n’icizigiro birafitaniye isano n’“impwemu nyeranda” na yo akaba ari inguvu Imana ikoresha. a Imana irakoresha impwemu nyeranda kugira ishitse ivyo yasezeranye, kandi ivyo biratanga icizigiro. Iyo mpwemu irashobora kandi gufasha abantu gutsimbataza kamere nziza nk’akanyamuneza n’amahoro.​—Abagalatiya 5:22.

Amakikuro yo mu Baroma 15:13

 Igitabu c’Abaroma ni ikete ryandikiwe abakirisu baba mu gisagara c’i Roma. Bamwe muri abo bakirisu bakomoka ku Bayuda, abandi na bo ntibakomoka ku Bayuda. Paulo yarabaremesheje kugira utwigoro ngo bahuze inama mu vyiyumviro no mu vyo bakora naho bakomoka ahantu hatandukanye bakagira n’imico kama itandukanye.​—Abaroma 15:6.

 Paulo yaribukije abakirisu b’i Roma ko Imana yari yaravuze kuva kera ko hogeze igihe abantu bo mu mahanga yose bakayisenga bunze ubumwe. Mu gushigikira ukwo kuri, Paulo yarasubiyemwo amajambo yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo b incuro zine. (Abaroma 15:9-12) Iciyumviro ciwe cari iki: Cokimwe n’abayuda, abantu bo mu mahanga yose barashobora kwungukira ku gikorwa co kwamamaza Kristu yakoze. Abayuda n’abatari Abayuda barashobora kugira icizigiro kimwe Imana itanga. Rero vyari vyitezwe ko abo mw’ishengero ry’i Roma bose, baba bakomoka hehe ‘bahana ikaze,’ ni ukuvuga bagaragarizanya ubuntu canke ubwakiranyi.​—Abaroma 15:7.

a Kugira umenye ayandi makuru, nusome ikiganiro kivuga ngo “Impwemu nyeranda ni iki?

b Ivyanditswe vy’igiheburayo rimwe na rimwe vyitwa Isezerano rya kera