Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

2 Abakorinto 12:9: «Ubuntu bganje buraguhāgije»

2 Abakorinto 12:9: «Ubuntu bganje buraguhāgije»

 «Ubuntu ata wari abukwiriye bwanje burahagije kuri wewe; kuko ububasha bwanje buriko butunganirizwa mu bugoyagoye.»​—2 Abakorinto 12:9, Bibiliya y’isi nshasha.

 «Ubuntu bganje buraguhāgije; kuk’ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke.»​—2 Abakorinto 12:9, Bibiliya Yera.

Ico mu 2 Abakorinto 12:9 hasobanura

 Imana isezeranira intumwa Pawulo kumuronsa inkomezi akeneye kugira ashobore kwihanganira ibigeragezo n’ubugoyagoye bwiwe.

 «Ubuntu ata wari abukwiriye bwanje burahagije kuri wewe.» Ivyo Imana yishuye Pawulo ku vyo yaguma ayisaba, vyoshobora guhindurwa kandi ngo «ubuntu ata wari abukwiriye bwanje ni bwo bwonyene ukeneye.» Mu yandi majambo, ico Pawulo yari akeneye kugira ashobore kwihanganira ibigeragezo, bwari ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana. Uti gute? Ijambo ryahinduwe ngo “ubuntu ata wari abukwiriye,” canke “ubuntu,” ridondora ingabire ya gusa Imana itanga, kandi ikayiduha tutari tuyibereye. Ivyo Pawulo yanditse birerekana ukuntu ubwo buntu ata wari abukwiriye bw’Imana bwamugiriye akamaro cane. Naho Pawulo yahora ahama abakirisu, Imana yaramuhaye inkomezi yari akeneye kugira ahinduke yongere afashe abandi kuba abakirisu. (1 Abakorinto 15:9, 10; 1 Timoteyo 1:12-14) Pawulo yarizigiye adakeka ko Imana yomufashije kugira arengere ingorane iyo ari yo yose yomushikiye.

 «Kuko ububasha bwanje buriko butunganirizwa mu bugoyagoye.» Umukama Yehova a yaribukije Pawulo ko ububasha atanga bwibonekeza neza igihe buriko burafasha abantu badatunganye canke bagoyagoya. (2 Abakorinto 4:7; 12:8) Igihe abakirisu babonye ko hari ivyo badashoboye maze bagasaba Yehova ngo abafashe, bituma ububasha bw’Imana bukorera muri bo. (Abanyefeso 3:16; Abafilipi 4:13) Muri ubwo buryo, ububasha bw’Imana buba buriko burabonekera mu bugoyagoye.

Amakikuro yo mu 2 Abakorinto 12:9

 Pawulo yandikiye ikete abakirisu baba i Korinto nko mu 55 inyuma ya Kristu. Mu mpera y’iryo kete, yaraburaniye uburenganzira yari afise bwo kuba intumwa. Ivyo yabigize kubera ko hari abantu bigira abigisha bari bamutoye amahinyu, kumbure kubera ukuntu yaboneka canke ukuntu yavuga.​—2 Abakorinto 10:7-10; 11:5, 6, 13; 12:11.

 Muri ukwo kwiburanira, Pawulo yavuze ko atari gushobora kwigisha abantu no kwihanganira ibigeragezo vyinshi vyamushikiye, iyo Imana itamufasha. (2 Abakorinto 6:4; 11:23-27; 12:12) Mu kigabane ca 12, aravuga ibijanye n’«ihwa mu mubiri», iyishobora kuba yari ingorane ibandanya yari afise yatuma agira ububabare mu mubiri kandi akumva atuntuye. (2 Abakorinto 12:7) Naho Pawulo atavuze iyo ngorane, yari yariyemeje kuyihanganira afashijwe n’Imana.

 No muri iki gihe, abakirisu boshikirwa n’ingorane canke bakabarwanya. Kumenya ko ububasha bw’Imana butuma bashobora kwihanganira ingorane iyo ari yose, biratuma barema. Cokimwe na Pawulo, barashobora kuvuga batekanye bati: «Iyo ngoyagoya [ni] ho ngira ububasha.»​—2 Abakorinto 12:10.

 Nurabe aka kavidewo kugira umenye incamake y’ibivugwa mu gitabu ca 2 Abakorinto.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»