Ja ku birimwo

Ijuru ni iki?

Ijuru ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Muri Bibiliya ijambo “ijuru” rirerekeza ahanini ku bintu bitatu: (1) amajuru tubona; (2) akarere k’ibiremwa vy’impwemu; hamwe (3) no ku kibanza co hejuru canke c’iteka. Ibiba biriko biravugwa biradufasha kumenya insobanuro y’ukuri iyo ari yo. a

  1.   Amajuru tubona. Ni ukuvuga mu kirere, harya umuyaga uhuhutira, inyoni zigurukira, aho tubona ibicu bivamwo imvura n’urubura, aho imiravyo irabiriza. (Zaburi 78:26; Imigani 30:19; Yesaya 55:10; Luka 17:24 ) Ashobora kandi gusobanura hejuru y’ibicu, aho “izuba n’ukwezi n’inyenyeri” biri.—Gusubira mu vyagezwe 4:19; Itanguriro 1:1.

  2.   Akarere k’ibiremwa vy’impwemu. Imvugo “ijuru” rirerekeza kandi ku majuru ataboneka canke aho ibiremwa vy’impwemu biba. (1 Abami 8:27; Yohani 6:38) Aho ni ho Yehova Imana aba, nakare ni “Impwemu,” hamwe n’abamarayika yaremye. (Yohani 4:24; Matayo 24:36 ) Rimwe na rimwe, imvugo “amajuru” rirerekeza ku bamarayika b’abizigirwa, ari ryo “shengero ry’aberanda.”—Zaburi 89:5-7.

     Bibiliya kandi irakoresha imvugo “amajuru” mu kwerekeza gusa ku kibanza Yehova avyagiyemwo, ni ukuvuga ‘ahantu aba.’ (1 Abami 8:43, 49; Abaheburayo 9:24; Ivyahishuwe 13:6) Nk’akarorero, Bibiliya yari yaravuze ko Shetani n’amadayimoni yiwe botawe hanze y’ijuru ntibasubire kwinjira aho Yehova ari. Naho ari ukwo, bogumye baba mu karere k’ibiremwa vy’impwemu.—Ivyahishuwe 12:7-9, 12.

  3.   Ikibanza co hejuru canke c’iteka. Ivyanditswe birakoresha ijambo “ijuru” mu kwerekeza ku kibanza co hejuru, canecane ku bijanye n’ubutegetsi. Ico kibanza gifiswe na:

Ijuru rimeze gute?

 Mw’ijuru hari ibikorwa vyinshi. Hariyo abamarayika amamiliyoni amajana n’amajana ‘bashitsa ijambo rya Yehova.’—Zaburi 103:20, 21; Daniyeli 7:10.

 Bibiliya idondora ijuru nk’ahantu h’umuco ukayangana. (1 Timoteyo 6:15, 16) Umuhanuzi Ezekiyeli yareretswe ijuru maze abona ‘hakaka.’ Daniyeli na we mu vyo yeretswe yabonye mw’ijuru “umugezi w’umuriro.” (Ezekiyeli 1:26-28; Daniyeli 7:9, 10) Mw’ijuru ni heranda kandi hasa neza cane.—Zaburi 96:6; Yesaya 63:15; Ivyahishuwe 4:2, 3.

 Ukuntu Bibiliya idondora ijuru kurateye akoba. (Ezekiyeli 43:2, 3) Ariko rero, ntibishoboka ko abantu batahura neza ivy’ijuru kubera ko birengeye ivyiyumviro vyacu.

a Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “ijuru” rishobora kuba rikomoka kw’ijambo risobanura ikibanza co “hejuru” canke “kininahaye.” (Imigani 25:3) Raba igitabu The New Brown, Driver, and Briggs Hebrew and English Lexicon of the Old Testament, urupapuro rwa 1029.

b Igitabu kimwe (Cyclopedia) canditswe na McClintock be na Strong kivuga ko ayo majuru mashasha avugwa muri Yesaya 65:17 asobanura “ubutegetsi bushasha, ubwami bushasha.”—Volume IV, urupapuro rwa 22.