Ja ku birimwo

Ubuhanuzi ni iki?

Ubuhanuzi ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ubuhanuzi ni ubutumwa buvuye ku Mana canke ivyahishuwe n’Imana. Bibiliya ivuga ko abahanuzi “bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.” (2 Petero 1:20, 21) Rero umuhanuzi ni umuntu aronka ubutumwa buva ku Mana maze akabushikiriza abandi.​—Ivyakozwe 3:18.

Kera abahanuzi baronka gute ubutumwa buvuye ku Mana?

 Imana yakoresha uburyo bwinshi mu guha ubutumwa bwayo abahanuzi:

  •   Ukwandika. Imana yarakoresheje ubwo buryo n’imiburiburi rimwe igihe yaronsa Musa ya Mabwirizwa Cumi yanditse.​—Kuvayo 31:18.

  •   Ukuvugana na bo biciye ku bamarayika. Nk’akarorero, Imana yarakoresheje umumarayika kugira abwire Musa ubutumwa yoha Farawo umwami wa Misiri. (Kuvayo 3:2-4, 10) Igihe Imana yaba yipfuza ko ubutumwa bushikirizwa neza na neza nk’uko ibishaka, yaratuma abamarayika bakabwira abahanuzi ubutumwa bwayo ijambo ku rindi. Ni ko yabigize igihe yabwira Musa ati: “Niwiyandikire aya majambo, kuko ngiranye koko isezerano nawe be na Isirayeli hisunzwe aya majambo.”​—Kuvayo 34:27. a

  •   Ukwerekwa. Rimwe na rimwe, abahanuzi berekwa igihe baba bari maso kandi ubwenge bwabo bukora neza. (Yesaya 1:1; Habakuki 1:1) Ibintu bimwebimwe Imana yereka abahanuzi vyaboneka nk’aho ari ibintu biriho vy’ukuri ku buryo baca babigiramwo uruhara. (Luka 9:28-36; Ivyahishuwe 1:10-17) Mu bindi bihe, abahanuzi berekwa bameze nk’abatwawe n’indoto. (Ivyakozwe 10:10, 11; 22:17-21) Hari n’igihe Imana yarungika ubutumwa bwayo mu ndoto, umuhanuzi asinziriye.​—Daniyeli 7:1; Ivyakozwe 16:9, 10.

  •   Ukuyobora ubwenge bwabo. Imana yarayoboye ivyiyumviro vy’abahanuzi bayo kugira bashikirize ubutumwa bwayo. Ni co Bibiliya iba ishaka kuvuga igihe ivuga ko “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:​16) Biciye ku mpwemu nyeranda y’Imana, ni ukuvuga inguvu ikoresha, Imana yarahumekeye ivyiyumviro vyayo mu bwenge bw’abasavyi bayo. Ubutumwa bwaba ari ubw’Imana ariko abahanuzi bakihitiramwo amajambo bakoresha mu kubushikiriza.​—2 Samweli 23:1, 2.

Ubuhanuzi bwoba buvuga ivya kazoza gusa?

 Oya, ubuhanuzi bwo muri Bibiliya ntibuvuga gusa ivyo muri kazoza. Ariko rero, ubutumwa bwinshi buva ku Mana buvuga ivya kazoza, naho bumwebumwe usanga butabivuga mu buryo budomako. Nk’akarorero, abahanuzi b’Imana baraburiye akatari gake Abisirayeli ba kera ku bijanye n’ingendo yabo mbi. Izo mburi zarerekana imihezagiro bokwironkeye muri kazoza baramutse bazumviye, n’ivyago vyobashikiye baramutse bagararije. (Yeremiya 25:4-6) Ivyari kubashikira vyovanye n’ingendo bohisemwo gukurikira.​—Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20.

Uburorero bw’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya butavuga ivya kazoza

  •   Igihe kimwe Abisirayeli barasavye ngo Imana ibafashe. Yaciye irungika umuhanuzi ababwira ko itabafashije kubera ko banse gukurikiza amategeko yayo.​—Abacamanza 6:6-10.

  •   Igihe Yezu yavugana na wa Musamariyakazi, yaravuze ibintu vyashikiye uwo mugore muri kahise, bikaba ari ibintu atari gushobora kumenya adahishuriwe n’Imana. Uwo mugore yaciye abona ko Yezu ari umuhanuzi naho nyene atari amubwiye ivya kazoza.​—Yohani 4:17-19.

  •   Igihe Yezu yariko arasambishwa, abansi biwe baramupfutse mu maso, baramukubita, bamubwira bati: “Ko uri umuhanuzi, dupfindurire. Ni nde agukubise?” Ntibariko basaba Yezu ngo ababwire ivya kazoza, ahubwo bashaka ko ababwira uwumukubise abihishuriwe n’Imana.​—Matayo 26:68.

a Naho muri aka karorero bisa n’uko Imana ubwayo yariko ivugana na Musa, Bibiliya yerekana ko Imana yakoresheje abamarayika mu gutanga Itegeko rya Musa.​—Ivyakozwe 7:​53; Abagalatiya 3:​19.