Ja ku birimwo

Mwoba muri abakirisu?

Mwoba muri abakirisu?

 Ego. Turi abakirisu kubera imvo zikurikira:

  •   Turihatira gukurikiza neza inyigisho za Yezu Kristu no kwigana inyifato yiwe.—1 Petero 2:21.

  •   Twemera ko tuzoronka ubukiriro biciye gusa kuri Yezu, ko “ata rindi zina munsi y’ijuru ryatanzwe mu bantu dutegerezwa gukirizwamwo.”—Ivyakozwe 4:12.

  •   Iyo umuntu abaye Icabona ca Yehova, abatizwa mw’izina rya Yezu.—Matayo 28:18, 19.

  •   Amasengesho yacu tuyacisha mw’izina rya Yezu.—Yohani 15:16.

  •   Twemera ko Yezu ari we Mutwe w’abagabo bose, ni ukuvuga uwagenywe ngo abaganze.—1 Abakorinto 11:3.

 Ariko rero, hari vyinshi dutandukaniyeko n’ayandi madini y’abakirisu. Nk’akarorero, twemera ko Bibiliya yigisha ko Yezu ari Umwana w’Imana, atari mu bagize ubutatu. (Mariko 12:29) Ntitwemera ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa, ntitwemera ko Bibiliya yigisha yuko Imana ibabariza abantu mu muriro udahera, canke ko indongozi mw’idini zikwiye kugira amazina y’icubahiro azishira hejuru y’abandi.—Umusiguzi 9:5; Ezekiyeli 18:4; Matayo 23:8-10.