Ja ku birimwo

Mwoba mwemera Yezu?

Mwoba mwemera Yezu?

 Ego. Turemera Yezu, kuko yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) Turizera ko Yezu yaje kw’isi avuye mw’ijuru maze atanga ubuzima bwiwe butagira akanenge kugira aducungure twebwe abantu. (Matayo 20:28) Biciye ku rupfu rwiwe n’izuka ryiwe, abamwizera barashobora kuronka ubuzima budahera. (Yohani 3:16) Turemera kandi ko ubu Yezu aganza ari Umwami w’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru, ubugiye kuzana amahoro kw’isi yose. (Ivyahishuwe 11:15) Ariko rero, Yezu yavuze ati: ‘Data aranduta.’ (Yohani 14:28) Rero ntidusenga Yezu, kuko tutemera ko ari Imana Mushoboravyose.