Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 15

Abakurambere bakora iki mw’ishengero?

Abakurambere bakora iki mw’ishengero?

Muri Finlande

Barigisha

Bararagira

Baramamaza

Mw’ishirahamwe ryacu, nta bakuru bahembwa bahari. Ahubwo riho, nk’uko vyagenda igihe ishengero rya gikirisu ryatangura, muri iki gihe haragenwa abacungezi babishoboye kugira “ngo [ba]ragire ishengero ry’Imana.” (Ivyakozwe 20:28) Abo bakurambere ni abagabo bafitaniye ubucuti bwiza na Yehova baja imbere abandi mw’ishengero bakongera bakabaragira, ‘batagoberewe, ahubwo babikunze; batabitumwe n’ugukunda inyungu mbi, ahubwo babishashaye.’ (1 Petero 5:1-3) Ni ibiki bakora ku neza yacu?

Baratwitwararika kandi bakadukingira. Abakurambere bararonsa abagize ishengero ubuyobozi bwo mu Vyanditswe bakongera bakabafasha kuguma bafitaniye ubucuti bwiza na Yehova. Kubera ko bazi neza ko Imana ari yo yabajeje iryo banga rihambaye, ntibakandamiza abasavyi bayo, ahubwo riho baragira ico baterereye kugira ngo tumererwe neza twongere tugire akanyamuneza. (2 Abakorinto 1:24) Nka kurya nyene umwungere yitwararikana umwete imwimwe yose mu ntama ziwe, abakurambere baragerageza kumenya umwumwe wese mu bagize ishengero.—Imigani 27:23.

Baratwigisha ingene twokora ivyo Imana igomba. Buri ndwi, abakurambere barahagarikira amakoraniro y’ishengero kugira ngo bakomeze ukwizera kwacu. (Ivyakozwe 15:32) Vyongeye, abo bagabo bitanga cane baraja imbere mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, bagakorana natwe muri ico gikorwa bakongera bakatumenyereza mu mice yose y’ubusuku.

Bararemesha umwumwe wese ku giti ciwe. Kugira ngo bafashe umwe wese muri twebwe gukomeza ubucuti afitaniye na Yehova, abakurambere bo mw’ishengero turimwo baratugendera muhira iwacu canke bakaganira na twe ku Ngoro y’Ubwami kugira ngo, bakoresheje Ivyanditswe, badufashe bongere baduhumurize.—Yakobo 5:14, 15.

Turetse ibikorwa barangura mw’ishengero, abakurambere batari bake usanga bakora akazi k’umubiri bakagira n’amabanga bajejwe mu miryango yabo, ivyo vyose bikaba bisaba ko bavyitwararika kandi bakabihebera umwanya. Abo bavukanyi bakora bagatama barabereye ko tububaha.—1 Abatesalonika 5:12, 13.

  • Ni ibanga irihe abakurambere b’ishengero bajejwe?

  • Ni mu buryo butandukanye ubuhe abakurambere bagaragazamwo ko batwitwararika umwumwe wese ukwiwe?