Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 25

Kubera iki twubaka Ingoro z’Ubwami kandi tuzubaka gute?

Kubera iki twubaka Ingoro z’Ubwami kandi tuzubaka gute?

Muri Boliviya

Muri Nijeriya, imbere y’ubwubatsi n’inyuma yabwo

Muri Tahiti

Nk’uko izina “Ingoro y’Ubwami” rivyerekana, inyigisho zishingiye kuri Bibiliya zigishirizwa muri ico kibanza zibanda ku Bwami bw’Imana, akaba ari co kintu nyamukuru ubusuku bwa Yezu bwari bushingiyeko.—Luka 8:1.

Ni zo ntimatima z’ugusenga kw’ukuri mu karere zirimwo. Ku Ngoro z’Ubwami ni ho hatunganirizwa igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. (Matayo 24:14) Ingoro z’Ubwami ntizingana kandi ntizubatswe kumwe, yamara usanga ari inyubakwa zidahanitse cane, nyinshi muri zo zikaba zikoreshwa n’amashengero abiri canke arenga. Kubera ko amashengero yacu yongerekanye, muri iyi myaka ya vuba twubatse Ingoro z’Ubwami nshasha ibihumbi mirongo (twubaka nka zitanu ku musi). None ivyo bishoboka gute?—Matayo 19:26.

Hakoreshwa amahera ava mu ntererano zigenewe iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami. Amahera avuye muri izo ntererano ararungikwa ku biro vy’ishami kugira ngo na vyo biyaronse amashengero akeneye kwubaka Ingoro z’Ubwami canke kuzisubiramwo.

Zubakwa n’abitanga bavyishakiye bo mu mice yose y’ubuzima kandi ntibahembwa. Mu bihugu vyinshi haratunganijwe Imigwi y’ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami. Imigwi igizwe n’abubatsi b’Ingoro z’Ubwami be n’abitanze bavyishakiye irava mw’ishengero rimwe ija mu rindi mu gihugu, eka mbere no mu duce turi kure cane, kugira ngo ifashe amashengero yo muri ico gihugu kwubaka Ingoro z’Ubwami zayo. Mu bindi bihugu, haragenywe Ivyabona babishoboye kugira ngo bahagarikire ibikorwa vyo kwubaka no gusubiramwo Ingoro z’Ubwami zo mu karere kanaka. Naho abavukanyi benshi bazi imyuga bo muri ako karere bitanga gukorera kw’ishantiye iyo ari yo yose, abagize ishengero ryaho ni bo usanga ari benshi. Impwemu ya Yehova be n’utwigoro tuvuye ku mutima abasavyi biwe bagira ni vyo bituma ivyo vyose bishoboka.—Zaburi 127:1; Abakolosayi 3:23.

  • Kubera iki ibibanza dusengeramwo vyitwa Ingoro z’Ubwami?

  • Bishoboka gute ngo twubake Ingoro z’Ubwami hirya no hino kw’isi?