Ja ku birimwo

Ni nde vy’ukuri aganza isi?

Ni nde vy’ukuri aganza isi?

Wiyumvira ko ari . . .

  • Imana?

  • abantu?

  • ikindi kintu?

IVYO BIBILIYA IVUGA

“Isi yose iganzwa na wa Mubi.”1 Yohani 5:19.

Ubwuzure Bushasha. “Umwana w’Imana yaje . . . kugira ngo asambure igikorwa ca Shetani.”1 Yohani 3:8, New Century Version.

ICO VYOKUMARIRA

Uratahura igituma mw’isi hari ingorane.Ivyahishuwe 12:12.

Uragira imvo yo kwemera ko iyi si izohinduka ikamera neza.1 Yohani 2:17.

TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?

Egome, kubera n’imiburiburi imvo zitatu:

  • Ubutegetsi bwa Shetani bugiye kuvaho. Yehova yiyemeje gukuraho ububasha Shetani afise ku bantu. Asezerana ‘guhindura ubusa Shetani’ no gukuraho amabi yose yateje.Abaheburayo 2:14, Bibiliya y’isi nshasha.

  • Imana yaratoye Yezu Kristu ngo azotegeke isi. Yezu aratandukanye rwose n’uwo mutegetsi w’imburakigongwe kandi w’umwikunzi aganza iyi si muri iki gihe. Ku bijanye n’Ubwami bwa Yezu, Imana isezerana iti: “Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo . . . Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.”Zaburi 72:13, 14.

  • Imana ntishobora kubesha. Bibiliya itomora iti: ‘Ntibishoboka ko Imana ibesha.’ (Abaheburayo 6:18) Igihe Yehova asezeranye gukora ikintu, ni nk’aho aba yamaze kugikora! (Yesaya 55:10, 11) “Umutware w’iyi si agira atabwe hanze.”Yohani 12:31.

ZIRIKANA KURI IBI BINTU

Ibintu bizoba vyifashe gute kw’isi umutware wayo niyakurwaho?

Bibiliya irishura ico kibazo muri ZABURI 37:10, 11 no mu VYAHISHUWE 21:3, 4.