Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ABAPFUYE BOBA BAZOZUKA?

Abapfuye bazozuka—Wovyemezwa n’iki?

Abapfuye bazozuka—Wovyemezwa n’iki?

Bwoba ari ubujuju kwemera ko abapfuye bazosubira kubaho? Intumwa Paulo si ko yabibona. Abitumwe n’Imana, yanditse ati: “Nimba muri ubu buzima honyene ari ho twizigiye Kristu, turateye ikigongwe kuruta abandi bose. Ariko noneho Kristu yarazuwe mu bapfuye, aba umushuzo w’abasinziriye mu rupfu.” (1 Abakorinto 15:19, 20) Paulo yabona ko izuka atari umugani. Nkako, izuka rya Yezu ubwaryo riravyemeza. * (Ivyakozwe 17:31) Ni co gituma Paulo yise Yezu “umushuzo” kuko ari we wa mbere yazutse akaronka ubuzima budahera. Nimba rero Yezu ari we wa mbere, birumvikana ko hariho n’abandi.

Yobu yabwiye Imana ati: “Uzoba ushashaye igikorwa c’amaboko yawe.”Yobu 14:14, 15

Ehe raba iyindi mvo yotuma twemera ko abapfuye bazozuka. Yehova ni Imana ivuga ukuri. Bibiliya ivuga iti: ‘Imana ntishobora kubesha.’ (Tito 1:2) Yehova ntiyigeze abesha, kandi ntazokwigera abesha. Wumva yovuga ko azozura abantu, mbere akerekana ko abishoboye, hanyuma agaca yihindukiza mw’ijambo? Ivyo ntibibaho!

Ni kubera iki none Yehova azozura abantu? Kubera ko afise urukundo. Yobu yabajije ati: “Umuntu w’umugabo apfuye, yosubira kubaho? . . . Uzohamagara, nanje nzokwitaba. Uzoba ushashaye igikorwa c’amaboko yawe.” (Yobu 14:14, 15) Yobu yaremera adakeka ko Se wiwe wo mw’ijuru yobaye ashashaye kumuzura. None Imana yoba yarahindutse? Muri Malaki 3:6 hagira hati: “Ndi Yehova; sinahindutse.” Imana iracashashaye kuzura abapfuye, ikabazura bafise amagara meza kandi bahimbawe. Ivyo ni vyo umuvyeyi afise urukundo wese yokwipfuza igihe abuze umwana wiwe. Aho batandukaniye gusa ni uko Imana yoyo ifise ububasha bwo gukora ico yipfuza.Zaburi 135:6.

Urupfu ni ingorane ikomeye, ariko Imana irafise umuti nyawo

Yehova azoha ububasha Umwana wiwe kugira ngo atume abo bose babuze ababo basubira kugira umunezero mwinshi. None Yezu abona gute igikorwa co kuzura abapfuye? Imbere yuko azura Lazaro, yarabonye ingene bashiki ba Lazaro be n’abagenzi biwe bari bishwe n’intuntu aca “arakorora amosozi.” (Yohani 11:35) Ikindi gihe, Yezu yarahuye n’umupfakazi w’i Nayini yari yabuze umuhungu wiwe w’ikinege. “[Yaramuteye] ikigongwe, amubwira ati: ‘Reka kurira.’” Ubwo nyene yaciye azura uwo muhungu wiwe. (Luka 7:13) Yezu rero arababazwa cane no kubona umuntu atuntuye canke yabuze uwiwe. Ese ukuntu bizomuhimbara niyatuma kw’isi yose abantu bagira umunezero aho gutuntura!

Woba umaze kugira intuntu? Hari aho wokwiyumvira ko urupfu ari ingorane itagira umuti. Mugabo umuti urahari: ni izuka. Imana izowutanga biciye ku Mwana wayo. Uribuka yuko Imana yipfuza ko uronka uwo muti. Ishaka ko ari ho woba uri kugira usubire kubonana n’abawe bazoba bazutse. Ihe ishusho muriko murategurira hamwe imigambi y’ibihe bidahera, ata gusubira gutandukana!

Umwe Lionel twavuga, agira ati: “Nahavuye menya ibijanye n’izuka. Mu ntango vyarangoye kuvyemera, kandi sinizigira uwabinyigishije. Mugabo narasuzumye muri Bibiliya nsanga ni ukuri. Si je nzobona ndasubiye kubona sogokuru.”

Woba ushaka kumenya n’ibindi? Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kukwereka muri Bibiliya yawe igituma bemera badakeka ko abapfuye bazozuka. *

^ ing. 3 Ushaka ibimenyamenya vyemeza ko Yezu yazutse, raba igitabu La Bible: Parole de Dieu ou des hommes? urupapuro rwa 78-86, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.