Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Woba ukwiye gusenga?

Woba ukwiye gusenga?

Woshobora kwibaza uti: ‘Ni kubera iki nosenga kandi Imana izi vyose, ushizemwo ivyo niyumvira n’ivyo nkeneye?’ Ico ni ikibazo cumvikana. None Yezu ntiyavuze yuko Imana “izi ivyo [du]kenera n’imbere y’uko [tu]biyisaba”? (Matayo 6:8) Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yaratahuye ico kintu, aca yandika ati: “[Nta] jambo riba ku rurimi rwanje, ewe Yehova, ngo ube utamaze kurimenya ryose!” (Zaburi 139:4) Ni kubera iki none twokwitura Imana mw’isengesho? Kugira turonke inyishu, reka turimbure ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’amasengesho. *

“Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”Yakobo 4:8

 ISENGESHO RITUMA TWIYEGEREZA IMANA

Naho Bibiliya ivuga ko Yehova * Imana azi vyose, iranatwereka ko atarazwa ishinga gusa no kumenya amakuru yerekeye abasavyi biwe. (Zaburi 139:6; Abaroma 11:33) Ubwenge bwiwe butagira urugero ntibumeze nk’ubwa orodinateri ipfa kubika amakuru yerekeye abantu kandi itabazi. Ahubwo Imana iripfuza cane kwumva ivyiyumviro vyacu vy’ibwina kubera ishaka ko turushiriza kuyiyegereza. (Zaburi 139:23, 24; Yakobo 4:8) Ni co gituma Yezu yaremesheje abayoboke biwe gusenga naho nyene Se wiwe azi neza ibintu nyamukuru dukeneye. (Matayo 6:6-8) Uko turushiriza kubwira Umuremyi wacu ivyiyumviro vyacu, ni ko turushiriza kumwiyegereza.

Vyoshobora gushika ntitubone neza na neza ivyo twosaba mw’isengesho. Ico gihe, Imana irashobora kubona n’ivyo tutaseruye, igakoresha ubumenyi butagira agahaze ifise ku bitwerekeye kugira idufashe mu vyo dukeneye. (Abaroma 8:26, 27; Abanyefeso 3:20) Igihe tubonye ko Imana yaduserutseko mu buzima bwacu, naho mbere yoba yabigize mu buryo budashoka bwigaragaza, turumva tuyiyegereje.

IMANA YOBA YISHURA AMASENGESHO YOSE?

Bibiliya iradukura amazinda yuko Imana Mushoboravyose yishura amasengesho y’abasavyi bayo b’abizigirwa, ariko ikanatwereka imvo zituma itumviriza amasengesho amwamwe. Nk’akarorero, igihe ubugizi bwa nabi bwari bwiraye muri Isirayeli ya kera, Imana yabwiye umuhanuzi wayo Yesaya ngo abarire abasavyi bayo ati: “Naho mutura amasengesho menshi, sinumviriza; amaboko yanyu asigaye yuzuye ugusesa amaraso.” (Yesaya 1:15) Biragaragara ko abasuzugura amategeko y’Imana canke abasengana imvo mbi badashobora kwitega ko ibumviriza.Imigani 28:9; Yakobo 4:3.

Ku rundi ruhande, Bibiliya ivuga iti: “Ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, i[ra]twumva.” (1 Yohani 5:14) Ariko none, ivyo vyoba bisobanura ko Imana ica ubwo nyene ironsa abasavyi bayo ikintu cose basavye? Si ngombwa. Rimbura ivyashikiye intumwa Paulo, uwinginze Imana incuro zitatu ngo imukure “ihwa mu mubiri.” (2 Abakorinto 12:7, 8) Paulo ashobora kuba yari afise indwara y’amaso idakira. Emwe, itegerezwa kuba yaramubabaza cane! Paulo yari yarahawe n’Imana ingabirano yo gukiza indwara, akaba mbere yarigeze kuzura uwapfuye. Ariko yabwirijwe kwihanganira indwara yiwe. (Ivyakozwe 19:11, 12; 20:9, 10) Naho amasengesho ya Paulo atishuwe nk’uko yavyipfuza, yaremeye inyishu Imana yamuhaye, arayikenguruka.2 Abakorinto 12:9, 10.

“Uku ni kwo guhera amazinda dufise kuri yo: ni uko ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva.”1 Yohani 5:14

Ego ni ko, hari abantu bavugwa muri Bibiliya bishuwe amasengesho yabo ku gitangaro. (2 Abami 20:1-7) Ariko rero, no muri ivyo bihe vya Bibiliya si ko vyama vyagenze. Abasavyi b’Imana bamwebamwe barazazaniwe babonye umenga ntiyishuye amasengesho yabo. Umwami Dawidi yabajije ati: “Uzogeza ryari ga Yehova kunyibagira? Ibihe bidahera?” (Zaburi 13:1) Ariko igihe uwo mugabo w’umwizigirwa yatahura ukuntu Yehova yari yaramutabaye kenshi, yarasubiye kwerekana ko yizigira Imana. Muri iryo sengesho nyene, Dawidi yongeyeko ati: “Nayo jewe, ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ni bwo nizigiye.” (Zaburi 13:5) Nk’ukwo kwa Dawidi, abasavyi b’Imana muri iki gihe vyoshobora kuba ngombwa ko bashishikara gusenga gushika babonye ko Imana yishuye amasengesho yabo.Abaroma 12:12.

 INGENE IMANA YISHURA AMASENGESHO

Imana iraturonsa ivyo dukeneye vy’ukuri.

Abavyeyi bitwararika abana babo ntibama babahaye ivyo basavye igihe nyene babibasabiyeko, kandi ivyo birumvikana. Muri ubwo buryo nyene, ivyo twasavye Imana yoshobora kutabituronsa mu buryo twiyumvira ko yari ikwiye kubigira canke ku mwanya twari tuvyitezeko. Ariko rero, turashobora kwizigira ko Umuremyi wacu azoturonsa ivyo dukeneye vy’ukuri ku mwanya ubereye no mu buryo bubereye, nka kurya nyene kwa sebibondo yuzuye urukundo.Luka 11:11-13.

Imana yoshobora kuturonsa imfashanyo twayisavye ibicishije kuri Bibiliya

Imana irashobora kwishura mu buryo budashoka bwibonekeza.

Ariko none tuvuge iki nimba dusavye Imana ngo ituruhure ingorane idahera? Twoba dukwiye guca twiyumvira ko Yehova atatwishuye na gato kubera ata nyishu twaronse ku gitangaro? Oya, ahubwo vyoba vyiza turavye neza ko Imana itoba yadufashije mu buryo budashoka bwibonekeza. Nk’akarorero, umugenzi yitwararikana ashobora kuba yaraduserutseko hageze akadufasha uko ashoboye. (Imigani 17:17) Ubwo ntiwosanga ari Yehova yatumye uwo mugenzi aduserukako? Vyongeye, Imana yoshobora kuturonsa imfashanyo twayisavye ibicishije kuri Bibiliya. Muri yo twoshobora kuharonkera ubukerebutsi dukeneye kugira tuvyifatemwo neza mu ngorane.2 Timoteyo 3:16, 17.

Imana yoshobora gukoresha abagenzi bitwararikana kugira badufashe hageze

Imana akenshi iraronsa abasavyi bayo inkomezi zo kwihanganira ingorane zibahanze, aho kuzikuraho. (2 Abakorinto 4:7) Nk’akarorero, igihe Yezu yasaba Se ngo amukureko ikigeragezo gikomeye yatinya ko cosize iceyi izina ry’Imana, Yehova Imana yarungitse umumarayika gukomeza Umwana wiwe. (Luka 22:42, 43) Muri ubwo buryo nyene, Imana yoshobora gukoresha umugenzi somambike kugira atubwire akajambo karemesha igihe nyene tuba tugakeneye cane. (Imigani 12:25) Kubera ko iyo aba ari inyishu idashoka yibonekeza, hari aho vyosaba ko turushiriza kuba maso kugira tubone uburyo Imana yishura amasengesho yacu.

Hari aho bisaba ko turindira igihe Imana ibona ko kibereye.

Bibiliya ivuga yuko Imana Mushoboravyose igirira ubuntu abicisha bugufi “igihe kigeze.” (1 Petero 5:6) Nimba rero tubonye umengo Yehova aratevye kwishura amasengesho avuye ku mutima twamutuye, ntidukwiye guca tubona ko atatwitayeho. Ahubwo riho, nta gukeka ko Umuremyi wacu yitwararikana asuzuma ivyo twamusavye yisunze ivyo abona ko vyotubera vyiza kuruta, kubera yuko abona kure cane kuturusha.

“Mwicishe bugufi rero munsi y’ukuboko kw’ububasha kw’Imana, kugira ngo ibashire hejuru igihe kigeze.”1 Petero 5:6

Tubitangire akarorero: Dufate ko umwana wawe w’umuhungu agusavye ikinga. Mbega woca urimuha? Ubonye ko ataragera kugendesha ikinga, woshobora guhitamwo kuba uraretse kurimugurira. Ariko rero, mu nyuma woshobora kurimugurira ubonye ko hari ico vyomufasha. Mu buryo busa n’ubwo, igihe kigeze Imana yoshobora kuduha ibintu bibereye “umutima wa[cu] usaba” mu gihe tubandanije kuyisaba.Zaburi 37:4.

NIWIZIGIRE KO YEHOVA YUMVIRIZA

Bibiliya ihimiriza abakirisu b’ukuri kuguma babona ko isengesho ari iry’agaciro. Hari abovuga bati: ‘Kubivuga vyo biroroshe!’ Ego ni ko, igihe tuba turiko turashikirwa n’ingorane idahera canke akarenganyo kanaka, vyoshobora kutugora kurindira inyishu y’Imana. Ariko rero, biraba vyiza twibutse ko Yezu yatwigishije guhozako mu gusenga.

 Yezu yatanze akarorero k’umupfakazi w’umworo yaguma agenda ku mucamanza arenganya kugira amutunganirize. (Luka 18:1-3) Naho uwo mucamanza yabanje kwanka kumufasha, yahavuye yibwira ati: “Nzoraba ingene yotunganirizwa, ntagume aza ankubitagura ibipfunsi gushika amare.” (Luka 18:4, 5) Twisunze igisomwa co mu rurimi rw’intango, uwo mucamanza yitwararitse nya mupfakazi kugira ngo “ntamukubite munsi y’ijisho,” ni ukuvuga “ntamusige iceyi.” * Nimba rero n’umucamanza arenganya ashobora gufasha umupfakazi w’umworo kugira ntasigwe iceyi, ese ingene Imana yacu yitwararikana izorushiriza gutunganiriza “abasemerera bayitakambira umurango n’ijoro”! Nk’uko Yezu yabivuze, Imana “izotuma batunganirizwa ningoga.”Luka 18:6-8.

“Mugume musaba, muzohabwa.”Luka 11:9

Naho vyoshika tukumva turambiwe no gusaba Imana ngo idufashe, ntidukwiye gutana n’akabando. Igihe tubandanije gusenga, tuba twerekanye ko twipfuza vy’ukuri kubona Imana igira ico ikoze mu buzima bwacu. Vyongeye, biratwigisha kubona ingene Imana yishura amasengesho yacu, bigatuma turushiriza kuyiyegereza. Ego cane, turashobora kwizigira ko Yehova azokwishura amasengesho yacu abereye, nitwabandanya kumusaba twizeye.Luka 11:9.

^ par. 3 Nimba dushaka ko Imana yumviriza amasengesho yacu, tubwirizwa kwihata bivuye ku mutima tugashitsa ivyo idusaba. Ivyo tubigize, twoshobora rero kwibonera ingene isengesho ari ngirakamaro nk’uko bivugwa muri kino kiganiro. Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 17 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ par. 5 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.

^ par. 22 Mu bihe vya kera, Imana yitega ko abacamanza bo muri Isirayeli bitwararika bimwe bidasanzwe abapfakazi n’impfuvyi.Gusubira mu vyagezwe 1:16, 17; 24:17; Zaburi 68:5.