Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE WOTSINDA URWANKO

4 | Nureke Imana igufashe gutsinda urwanko

4 | Nureke Imana igufashe gutsinda urwanko

Bibiliya ivuga iti:

“Icamwa c’impwemu ni urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, ukwigumya.”​ABAGALATIYA 5:22, 23.

Ico bisobanura:

Imana irashobora kugufasha gutsinda urwanko. Impwemu nyeranda y’Imana irashobora kudufasha kugira kamere tutokwigera turonka ku bw’inkomezi zacu. Aho kugerageza rero gutsinda urwanko twishimikije inkomezi zacu bwite, turakwiye kwemera gufashwa n’Imana. Tubigenjeje gutyo, birashobora kutugendera nk’uko vyagendeye intumwa Paulo, uwavuze ati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.” (Abafilipi 4:13) N’ikindi kandi, tuzoshobora kuvuga duti: “Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova.”​—Zaburi 121:2.

Ivyo wokora:

“Yehova yaratumye mpeba gukara, mpinduka umunyamahoro.”​—WALDO

Nusenge Yehova ata buryarya, umusaba ngo aguhe impwemu yiwe nyeranda. (Luka 11:13) Numusabe agufashe gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana. Niwige ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kamere zifasha gutsinda urwanko, nk’urukundo, amahoro, ukwihangana, n’ukwigumya. Nurondere uturyo two gutsimbataza izo kamere mu buzima bwawe. Vyongeye, niwifatanye n’abihatira gutsimbataza izo kamere. Abantu nk’abo barashobora ‘kukuvyurira umutima wo gukundana no gukora ibikorwa vyiza.’​—Abaheburayo 10:24.