Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ikinyegeri kirinda ubushuhe

Ikinyegeri kirinda ubushuhe

IKINYEGERI kimwe co muri Sahara (Cataglyphis bombycina) kiri mu bikoko birinda ubushuhe kuruta ibindi. Igihe ibikoko bikibangamira biba vyagiye kwikinga izuba rya sasita, coco gica kinyeguruka kivuye mu mwobo waco kikaza kirakubitira hanze kurondera ivyo kirya bigizwe n’udukoko twishwe n’izuba rimena imbwa agahanga.

mm [0.05]

Rimbura iki kintu: Ni igiki gituma ico kinyegeri kirinda ubushuhe? Gifise ubwoya budasanzwe ku mugongo no mu mbavu, kandi kikaba kitagira ubwoya ku nda. Ubwoya bwaco busa n’ifeza bumeze nk’uturingoti dufise impande zitatu. Impande zibiri ziboneka hejuru zifise imihiro, ariko uruhande rw’indani rusigaye rukaba rusenye neza. Ivyo rero bigifasha mu buryo bubiri. Ubwa mbere, bituma ubwoya bwayo buzibira imishwarara itaboneka iva ku zuba. Ubwa kabiri, bituma ico kinyegeri gisohora ubushuhe bwo muri ubwo bugaragwa buba bumaze kwinjira mu mubiri waco. Ya nda itagira ubwoya na yo irazibira ubushuhe bw’imishwarara itaboneka iva mu butaka. *

mm [0.01]

Ubwo bushobozi ico kinyegeri gifise butuma umubiri waco uguma ku bushuhe buri munsi y’amadogere kidashobora kurenza angana 53,6. Abahinga baracagerageza kwigana ico kinyegeri mu guhingura ibintu bidasanzwe bituma ahantu haguma hapfutse hadakoreshejwe amavantirateri canke ibindi vyuma bizana ubukanye.

Uvyibazako iki? Kuba ikinyegeri co muri Sahara gifise ubushobozi bwo kurinda ubushuhe, coba ari ikintu ciyadukije? Canke hari uwagikoze?

^ ing. 4 Ibindi bintu bifasha ico kinyegeri ni indemamubiri zidasanzwe gifise zirinda ubushuhe bukaze, n’utuguru tureture dutuma umutumba waco udakora ku musenyi ushushe kandi tugifasha kunyaruka cane. Gifise n’ubushobozi bwo kumenya inzira bugifasha gutora aho coca kugira gisubire ningoga ku mwobo waco.