Amaporoje y’ubwubatsi

AMAPOROJE Y’UBWUBATSI

Amafoto yo mu Bwongereza (Igice ca 4: Ntwarante​—Myandagaro 2017)

Ibikorwa vyo kwubaka inyubakwa z’amabiro hamwe n’iz’uburaro biraremvye.

AMAPOROJE Y’UBWUBATSI

Amafoto yo mu Bwongereza (Igice ca 4: Ntwarante​—Myandagaro 2017)

Ibikorwa vyo kwubaka inyubakwa z’amabiro hamwe n’iz’uburaro biraremvye.

“Abagore barafise uruhara rukomeye mu bwubatsi”

Wotangara umenye ibikorwa bakora neza.

Amafoto yo muri Filipine (Igice ca 2: Ruheshi 2015—Ruheshi 2016)

Ivyabona vya Yehova bo muri Filipine baheruka kurangiza ibikorwa bikomeye vyo gusanura inyubakwa z’ibiro vy’ishami biri i Quezon City. Raba ingene ibikorwa vyagenze.

Amafoto y’i Warwick: Igice ca 7 (Nyakanga 2016—Ruhuhuma 2017)

Ubu inyubakwa zose z’i Warwick zaratanguye gukora. Mu nyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo hariyo amaratiro atatu kandi abantu barenga 250 barakoze birashimwa kuva atanguye gutunganywa gushika arangiye.

Amafoto yo mu Bwongereza (Igice ca 3: Nyakanga 2016—Ruhuhuma 2017)

Ibikorwa biraremvye ahazokwubakwa ibiro vy’ishami bishasha vyo mu Bwongereza.

Amafoto yo mu Bwongereza (Igice ca 2: Nyakanga 2015—Myandagaro 2016)

Ivyabona vya Yehova bitanze hamwe n’abakozi bahawe ikiraka baratanguye gutegura ahazokwubakwa ibiro vy’ishami n’aho babika ibikoresho bizokoreshwa muri iyo poroje amahero.

Amafoto y’i Wallkill: Igice ca 2 (Munyonyo 2014 gushika Munyonyo 2015)

Ivyabona vya Yehova baherutse kwagura no gusubiramwo inyubakwa zabo z’i Wallkill muri New York. Igice kinini c’ico gikorwa carangiye ku wa 30 Munyonyo 2015.

Barakingira ibinyabuzima i Chelmsford

Mu Bwongereza, Ivyabona vya Yehova baratanguye kwubaka ibiro vyabo vy’ishami bishasha hafi y’igisagara c’i Chelmsford. Ni ibiki bariko barakora kugira bakingire ibinyabuzima?

Amafoto y’i Warwick: Igice ca 6 (Ntwarante—Myandagaro 2016)

Amezi ya nyuma y’ubwubatsi bw’icicaro gikuru gishasha c’Ivyabona vya Yehova c’i Warwick muri New York.

Abo twari dupangiye baratwandikiye

Bene amazu babonye gute ivyo gupangisha Ivyabona vya Yehova?

Amafoto y’i Warwick: Igice ca 5 (Kuva muri Nyakanga 2015 gushika muri Ruhuhuma 2016)

Yerekana ibikorwa vyakozwe mu nyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo no hanze, aho hakaba harimwo gushiraho amatara, gusakara bakoresheje amabati abonerana be no gusakara akayira kava ku nyubakwa imwe kaja ku yindi.

Gukorana n’Ivyabona kw’ishantiye y’i Warwick

Kw’ishantiye y’i Warwick harakoreye abakozi b’amashirahamwe y’ubwubatsi n’abashoferi bunguruza abahakorera. Ni ibiki bamwe muri bo bavuze ku bijanye no gukorana n’Ivyabona?

Ababanyi bashasha i Warwick

Abo mu gisagara ca Warwick, i New York, baravuga ukuntu bakoranye n’Ivyabona vya Yehova mu gihe c’iyubakwa ry’icicaro gikuru cabo gishasha.

Kwubakira Ingoro z’Ubwami Ivyabona umuliyoni

Kuva mu 1999, Ingoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova zirenga 5.000 zarubatswe muri Megizike no mu bihugu indwi bigize Amerika yo hagati. Kubera iki abantu batari Ivyabona vya Yehova usanga bashashaye kuronka Ingoro y’Ubwami mu karere iwabo?

Amafoto yo mu Bwongereza (Igice ca 1: Nzero—Myandagaro 2015)

Raba aho ibikorwa vy’ubwubatsi bw’ishami ryo mu Bwongereza bigeze. Iryo shami ririko ryubakwa hafi y’igisagara ca Chelmsford i Essex.

Amafoto y’i Warwick (Igice ca 4: Rusama—Myandagaro 2015)

Igikorwa co gushiraho ibihome n’ibisakazo cararangiye ku nyubakwa y’uburaro, ibiraro vy’ab’amaguru bihuza inyubakwa vyarashizweho, n’ibikorwa vyo gutera igazo mu bibanza bitandukanye biratangura.

Amafoto yo muri Filipine (Igice ca 1: Ruhuhuma 2014—Rusama 2015)

Muri Filipine, Ivyabona vya Yehova bariko barubaka inyubakwa nshasha ku biro vyabo vy’ishami biri i Quezon City bongera basanura n’izari zihasanzwe.

Amafoto y’i Warwick (Igice ca 3: Nzero—Ndamukiza 2015)

Nko muri Ruhuhuma, abakozi bababa 2.500 barakoze kw’ishantiye buri musi, buri ndwi hakaba abitanga bashika 500. Niwirabire ingene ibikorwa bitera imbere.

Dukubitire i Warwick (Igice ca 2: Nyakanga—Kigarama 2014)

Ibikorwa vy’ubwubatsi bw’icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova biraremvye. Hari igihe kuri iyo shantiye bakoresha ijeke 13 icarimwe!

Dukubitire i Wallkill (Igice ca 1: Mukakaro 2013—Gitugutu 2014)

Irabire aho ibikorwa vyo kwagura ibiro vy’Ivyabona vya Yehova vy’i Wallkill muri New York, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bigeze

Dukubitire i Warwick (Igice ca 1: Rusama—Myandagaro 2014)

Raba ingene ibikorwa vyateye imbere cane ku nyubakwa ya garaje y’imiduga, ku nyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo be no ku nyubakwa y’uburaro ya C n’iya D.

Hubakwa Ingoro z’Ubwami 3.000 muri Nijeriya

Haragizwe ikoraniro ridasanzwe ryo guhimbaza ikintu c’intibagirwa mu bijanye no kwubaka Ingoro yo gusengeramwo muri Nijeriya. Harashikirijwe incamake ya kahise k’igikorwa c’Ivyabona vya Yehova muri Nijeriya kuva mu myaka ya 1920.

Ingoro y’amateraniro mw’ishamba rya Amazone

Ivyabona bamwebamwe kugira bazoshobore kwitaba amahwaniro, bizobasaba kugira urugendo rw’imisi itatu mu bwato.

Ivyabona vya Yehova barubaka bataravye imbibe z’ibihugu

Abasavyi ba Yehova bunze ubumwe bararengera imbibe z’ibihugu, imico kama be n’indimi kugira bubake Ingoro z’Ubwami be n’izindi nyubakwa, ivyo vyose bakabigira kugira Yehova ashemezwe.

Aho ibikorwa bigeze i Warwick #2

Abitanze bavuye hirya no hino barakora bafatanye mu nda kugira bubake ahazokwimukira icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova.

Kwubaka Ingoro z’Ubwami mu turere turi ukwa twonyene

Raba ingene imigwi itanu y’abitanze yubatse Ingoro z’Ubwami zibiri mu misi 28.

Gukingira ibidukikije i Warwick

Ivyabona vya Yehova baratanguye kwubaka icicaro gikuru cabo gishasha mu karere kari kure y’igisagara muri leta ya New York. None bariko bakora iki ngo bakingire ibidukikije?

Ingoro z’Ubwami igihumbi be n’izindi ziri inyuma

Ivyabona vya Yehova bo muri Filipine barashitse ku kintu c’intibagirwa biciye kuri porogarama yabo idasanzwe y’ubwubatsi.

Icicaro gikuru: Ikintu c’intibagirwa

Ivyabona vya Yehova bariko barubaka icicaro gikuru gishasha i Warwick, muri leta ya New York. Baremera badakeka ko ico gikorwa kidasanzwe gishigikiwe n’Imana.

Ibikorwa vy’uguhindura ukundi ikibanza c’i Tuxedo

Ivyabona vya Yehova bo muri Leta Zunze Ubumwe no mu bindi bihugu bariko baritanga kwubaka i Tuxedo muri New York. Kubera iki?

Aho ibikorwa bigeze i Warwick #1

Ibikorwa birabandanya ahazokwimukira icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Warwick muri Leta ya New York. Raba ivyo abagiye gufasha muri ico gikorwa bavuga ko biboneye.