Ja ku birimwo

Amafoto y’i Warwick: Igice ca 7 (Nyakanga 2016—Ruhuhuma 2017)

Amafoto y’i Warwick: Igice ca 7 (Nyakanga 2016—Ruhuhuma 2017)

Aya mafoto arerekana ingene ibikorwa vyo kwubaka icicaro gikuru gishasha c’Ivyabona vya Yehova vyarangiye, n’ingene batanguye gukoresha izo nyubakwa kuva muri Nyakanga 2016 gushika muri Ruhuhuma 2017.

Inyubakwa z’i Warwick zimaze kurangira. Uhereye hejuru ibubamfu:

  1. Garaje

  2. Parkingi y’abashitsi

  3. Parkingi y’abahaba n’aho kubungabungira ibikoresho

  4. Inyubakwa y’uburaro ya B

  5. Inyubakwa y’uburaro ya D

  6. Inyubakwa y’uburaro ya C

  7. Inyubakwa y’uburaro ya A

  8. Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Ku wa 8 Nyakanga 2016: Ishantiye y’i Warwick

Ubu inyubakwa zose z’i Warwick zaratanguye gukora. Mu ntango za Nyakanga, abantu nka 500 ni bo bahaba. Aho harimwo abafasha mu bwubatsi hamwe n’Abanyabeteli bari bimutse bava i Brooklyn.

Ku wa 20 Nyakanga 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Uwuriko arasuzuma amakaro akayangana bazoshira mw’iratiro “Igisata ku bw’izina rya Yehova.” Ayo makaro yarahinguwe ku buryo asa n’aya kera, ivyo bikaba bihuje n’ibintu vyerekanwa muri iryo ratiro kuko bijanye na kahise k’Ivyabona.

Ku wa 28 Nyakanga 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Stephen Lett wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ni we yahagarikiye ugusenga kwo mu gitondo kwa mbere kwabereye i Warwick. Muri ico gitondo, umuvukanyi Lett yarasomye ikete ryo gushimira abantu barenga 27.000 bafashije mu kwubaka izo nyubakwa be n’abandi benshi bashigikiye ubwo bwubatsi mu bundi buryo.

Ku wa 3 Gitugutu 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Uwuriko aramadika indome ku capa kiri ku bwinjiriro bwa rimwe mu maratiro atatu umuntu ashobora kwitemberezamwo. Iryo ratiro “Igisata ku bw’izina rya Yehova” ryerekana inkuru y’Ivyabona vya Yehova kuva mu myaka ya 1870 gushika mu gihe ca none.

Ku wa 5 Gitugutu 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Komite nshingwayandika n’abafasha bayo be n’abakora mu Rwego nshingwayandika bari mu nama. Amateleviziyo maninimanini ariko arerekana amafoto ashobora gukoreshwa mu bitabu bizosohorwa. Ayo mateleviziyo kandi arabafasha guhanahana amakuru n’abakorera mu zindi nzego bari mu zindi nyubakwa. Iyo meza ni ingabire haciye imyaka bahawe, bakaba barayimukanye bayikura i Brooklyn.

Ku wa 20 Gitugutu 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Umufasha muri Komite y’abahuzabikorwa n’abandi bakora bisunze ubuyobozi bw’iyo komite, bariko barayaga ingene bofasha abasinzikajwe n’ikivumbuzi cari caraye giteye muri Filipine. Ubuhinga bwa none burafasha abavukanyi bo ku cicaro gikuru kwitwararika ningoga ibibazo vyihutirwa no guhanahana amakuru n’ayandi mashami hirya no hino kw’isi.

Ku wa 28 Gitugutu 2016: Parkingi y’abahaba n’aho kubungabungira ibikoresho

Ico ki bassin kiri hagati y’inyubakwa babungabungiramwo ibikoresho n’ibarabara riva kw’irembo rikuru. Ico ki bassin hamwe n’ibindi biri ng’aho i Warwick bikoresha ubuhinga kama mu kuyungurura amazi y’imvura. Ivyo bituma baziganya ica kabiri c’amahera bosohoye mu kuyayungurura bakoresheje ubuhinga bwa kijambere. Vyongeye, ayo mazi aca atemba aja mu migezi iri hafi yo ng’aho, agatuma ibiterwa n’ibikoko bimererwa neza.

Ku wa 4 Munyonyo 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Bariko barapakurura amakarato y’abariko barimuka. Abantu nka 80 ni bo bafashije kwimura abakorera ku cicaro gikuru, bava i Brooklyn baja i Warwick.

Ku wa 4 Kigarama 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Abakora imikate bariko barakura igikandu mu mashini yagikanduye. Kubera yuko ico gikandu gishobora gupima ibilo birenga 45, imashini ica ituma vyoroha. Aho i Warwick barafise n’imashini ituma igikandu kinyaruka canke giteba kuvyimba bivanye n’ingene baregeye ubushuhe. Ivyo bituma boroherwa, narirya babwirizwa gukora imikate amajana buri ndwi.

Ku wa 4 Kigarama 2016: Parkingi y’abahaba n’aho kubungabungira ibikoresho

Abariko barasohora imicafu bayikuye mu nyubakwa babungabungiramwo ibikoresho. Mu buryo butandukanye n’i Brooklyn, inyubakwa z’i Warwick nka zose zirafatanye. Ivyo bituma abantu n’imodoka bikenerwa mu gukuraho imicafu bigabanuka.

Ku wa 14 Kigarama 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Uwuriko arapompa amazi ku mpuzu kugira imipfunyunyu igabanuke agaca ayigorora n’imashini. Buri ndwi, i Warwick bamesa ibilo birenga 5.000 vy’impuzu. Kugira ntibitiranye impuzu z’abantu, barazishirako akamenyetso kariko kode. Utwo tumenyetso turabafasha kwiyemeza ko izo mpuzu zose zameshwe neza no kumenya aho imwe yose itegerezwa kuja.

Ku wa 20 Kigarama 2016: Parkingi y’abahaba n’aho kubungabungira ibikoresho

Umufundi ariko arasuzuma imashini iduza abantu ikoreshwa mu vy’umuyagankuba. Ivyo bituma iramba, bigakingira n’abayikoresha.

Ku wa 10 Nzero 2017: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Uwuriko arakosora porogarama ya orodinateri ikoreshwa muri rya ratiro ryataziriwe ngo “Ukwizera mu bikorwa.”

Ku wa 11 Nzero 2017: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Bariko baratunganya ikinga ryakozwe mu 1903 kugira barishire muri rya ratiro “Igisata ku bw’izina rya Yehova.” Iryo kinga ni ingabire abavukanyi bahawe. Abakorera i Warwick bararisubiyemwo bitonze, rikaba ryerekana akigoro n’umutima wo kwitanga waranga Abatohoji ba Bibiliya (abahavuye bitwa Ivyabona vya Yehova) bakoresha mwene ayo makinga mu gukwiragiza ubutumwa bwo muri Bibiliya.

Ku wa 12 Nzero 2017: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Bariko barashiraho ikiyo gikingira ahari ibintu bijanye na rwa “Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe.” Urwo rukurikirane rugizwe n’isinema hamwe n’amafoto, rukaba rwatanguye kwerekanwa mu 1914 kandi abantu barenga imiliyoni icenda ni bo baruravye muri uwo mwaka.

Ku wa 12 Nzero 2017: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Bariko baratunganya Bibiliya y’i Zurich y’ikilatini yasohowe mu 1544 kugira bayishire muri rya ratiro “Bibiliya n’izina ry’Imana.” Ako kamenyetso gatukura kari muri iyo Bibiliya kerekana ahari izina ry’uruharo ry’Imana, ari ryo Yehova. Barakora ibishoboka vyose kugira bakingire izo Bibiliya, narirya ari iza kera. Nk’akarorero, impapuro zazo zifashwe n’utugozi twa poliyesteri, ubushuhe bw’aho ziri baza baraburegera, umuco w’itara rihamurika na wo ukaza uraregerwa ku buryo utonona izo mpapuro.

Ku wa 16 Nzero 2017: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Abashitsi bariko barihweza inyubakwa z’i Warwick bari mu munara waho ureha n’imetero 23. Kuva ku wa 3 Ndamukiza 2017, umuntu arashobora gusaba kuja gutembera i Warwick. Abavyipfuza bategerezwa kubisaba imbere y’igihe baciye ku rubuga rwacu ahavuga ngo IBITWEREKEYE > AMABIRO / GUTEMBEREZWA.

Ku wa 19 Nzero 2017: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Uwuriko arashira mu kabati k’iratiro integuro ya mbere ya Bibiliya yitiriwe King James, ikaba ari Bibiliya y’imbonekarimwe yasohotse mu 1611. Ubwo bubati bwakozwe n’abavukanyi b’i Warwick.

Ku wa 19 Nzero 2017: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Uwuriko arashira inkofero mu kabati k’iratiro. Iyo nkofero yari iya Joseph Rutherford. Yarahagarikiye igikorwa c’Ivyabona vya Yehova, ubu hakaba haciye imyaka ijana. Ico gice c’iratiro “Igisata ku bw’izina rya Yehova” kirerekana utwigoro Ivyabona bo mu ntango bagize mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami.

Ku wa 20 Nzero 2017: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Bariko barafata amajwi azokoreshwa muri rya ratiro “Bibiliya n’izina ry’Imana.” Haciye indwi imwe gusa irenga gatoyi basambuye stidiyo yari i Brooklyn bakayimurira i Warwick, ibikorwa vyo gufata amajwi vyaciye bitangura. Iyo stidiyo (ikaba ikukira stidiyo nkuru ziri mu Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova c’i Patterson) irakoreshwa kandi mu gufata amajwi ya Bibiliya y’isi nshasha, Umunara w’Inderetsi na Be maso!, ibiganiro vyo kuri jw.org n’ibindi bitabu.

Ku wa 27 Nzero 2017: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Uwuriko arasiga irangi amafoto azokoreshwa mw’iratiro. Ico gice c’iratiro “Igisata ku bw’izina rya Yehova” kirimwo amafoto y’Abatohoji ba Bibiliya bo mu mpera z’ikinjana ca 19.

Ku wa 15 Ruhuhuma 2017: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Uwuriko arasiga irangi igishusho ca Kalebu, umwe akina mu tuvidewo Nube umugenzi wa Yehova. Ico gishusho kizoba kiri mw’iratiro ryerekana ibikoresho n’amaporogarama Ivyabona vya Yehova batunganije mu ntumbero yo kwigisha abana.

Ku wa 15 Ruhuhuma 2017: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Uwuriko arakata indome zija ku vyapa bizokoreshwa mw’iratiro “Igisata ku bw’izina rya Yehova.” Abantu barenga 250, ushizemwo abahinga mu gukora utubati, mu vya orodinateri, mu vyo gucapa, mu vy’umuyagankuba, mu vyo gutera amakaro, mu vyo gutunganya amavidewo no mu vyo kwandika, barakoze birashimwa kuva ayo maratiro atanguye gutunganywa gushika arangiye.