Ja ku birimwo

Amafoto yo mu Bwongereza (Igice ca 4: Ntwarante​—Myandagaro 2017)

Amafoto yo mu Bwongereza (Igice ca 4: Ntwarante​—Myandagaro 2017)

Aya mafoto arerekana ingene igikorwa co kwubaka ibiro vy’ishami bishasha vyo mu Bwongereza cagenze kuva muri Ntwarante gushika muri Myandagaro 2017.

Ku wa 28 Ntwarante 2017: Aho bazokwubaka

Umukozi w’ikompanyi ariko araduza ikontineri ifise ikiyo imbere akoresheje imashini. Bariko bagishira ahantu hakirurutse kandi hakingiwe kugira ngo abantu baje kuraba ingene ibikorwa biriko biragenda bazohahagarare. Ico kibanza catanguye gukora muri Rusama 2017, kandi gushika muri Myandagaro hari hamaze kwiyandikisha abantu barenga 17.000 kugira baze kuraba ibikorwa vyo kuri shantiye.

Ku wa 29 Ntwarante 2017: Inyubakwa y’uburaro ya F

Abakozi b’ikompanyi bariko baraduza n’imashini idari bateranirije hasi kugira bayisase ku Nyubakwa y’uburaro ya F, ari na yo yatanguye kwubakwa. Kubera yuko ikibanza ari kinini, ayo madari barashobora kuyimura ningoga batarinze kuyasambura.

Ku wa 7 Ndamukiza 2017: Inyubakwa z’uburaro

Inyubakwa zitanu z’uburaro ziriko zubakirwa icarimwe. Aha imbere, abakozi b’ikompanyi bariko barafatanya ivyuma imbere y’uko basuka beto y’umushinge w’Inyubakwa y’uburaro ya B. Amaja inyuma iburyo, bariko barasuka ibeto y’idari rya mbere ku Nyubakwa y’uburaro ya D. Amaja ibubamfu na ho, imashini iriko irashira uruhome rwa beto ahazoja icuma kiduza abantu mw’igorofa hamwe n’ingazi zo mu Nyubakwa y’uburaro ya E.

Ku wa 19 Ndamukiza 2017: Aho bazokwubaka

Umukozi ariko arasena ifatanirizo ry’amatiyo abiri ya plastike azocamwo amazi yo kuzimya umuriro. Ayo matiyo bayafatanya mu kuyashongesha n’umuriro. Baca basena iryo fatanirizo, bahejeje bagaca bapima ko rikomeye. Amatiyo yose bamaze gushiraho areha n’ibilometero bine.

Ku wa 25 Ndamukiza 2017: Inyubakwa z’uburaro

Umukozi ariko arasukura umufurege mushasha utanyengeterwa n’amazi. Iyo mifurege ituma bashobora kwubaka amabarabara aca hejuru yayo, igatwara n’amazi y’imvura mu bidengeri vyabigenewe, bigatuma hatabaho imyuzure.

Ku wa 28 Ndamukiza 2017: Inyubakwa y’uburaro ya F

Umugabo n’umugore wiwe bariko barashira ikimenyetso ahazoja impome za koridoro.

Ku wa 5 Rusama 2017: Inyubakwa z’uburaro

Ifoto ya za nyubakwa zitanu z’uburaro uzirabiye hejuru mu buseruko. Muri Nyakanga, impome z’inyuma zari zarangiye kwubakwa. Bariko barubaka impome z’indani z’Inyubakwa y’uburaro ya F (inyuma iburyo) kandi bari baratanguye kuyitera iripu no kuyisiga amarangi. Muri ico gihe nyene, abakozi baratanguye kwubaka impome z’inyuma z’Inyubakwa y’uburaro ya E (inyuma ibubamfu) no kuyishirako amadirisha. Inyubakwa z’uburaro za B, C na D (imbere) zariko zirategurwa kugira ngo batangure kuzisiga amarangi no kuzishiramwo amatara n’amazi.

Ku wa 18 Rusama 2017: Aho babika ibikoresho

Robert Luccioni, umufasha muri Komite nshingwasohora y’Inama Nyobozi akaba n’umuhagarikizi w’Urwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi, ariko arashikiriza abubatsi insiguro yo kubaremesha. Urwo rwego ni rwo ruhagarikira itegurwa ry’imigero n’ubwubatsi bw’ibiro vy’amashami bishasha, rukitwararika ko vyose bikorwa neza kandi ntihabe ugusesagura.

Ku wa 25 Rusama 2017: Aho bazokwubaka

Abakozi bariko basuka ibeto ahazoja inyubakwa yo kubikamwo umwuka (gaz), ivyuma vy’umuyagankuba hamwe n’ibikoresha bijanye n’ivya internet. Amaja iburyo, bariko barasuka ibeto ahazoja umushinge w’uruzitiro ruzotuma urwamo rw’ivyuma biri indani rudasohoka ari rwinshi.

Ku wa 7 Ruheshi 2017: Inyubakwa y’uburaro ya E

Abafundi bariko barihweza imigero imbere yo gushira ikimenyetso ahazoja ivyuma bubakirako.

Ku wa 13 Ruheshi 2017: Inyubakwa y’uburaro ya F

Umwubatsi ariko atera ivyuma ku mpome z’inyuma.

Ku wa 22 Ruheshi 2017: Inyubakwa y’uburaro ya E

Bariko barashinga ibikwa bikikuza Inyubakwa y’uburaro ya E. Ivyo bikwa bituma abakozi bashobora gukorera ku mpome zo hanze borohewe.

Ku wa 11 Mukakaro 2017: Inyubakwa y’uburaro ya F

Uwuriko arasiga ku madirisha mashasha ibintu vyo kuyakingira. Ivyo bintu vyumye bica bimera nk’isashe ikingira ayo madirisha ngo ntiyononekare mu kiringo c’ubwubatsi. Ubwubatsi burangiye baca babikurako.

Ku wa 13 Mukakaro 2017: Inyubakwa y’uburaro ya F

Abubatsi bariko barapima ivyuma bitanga ubushuhe muri kimwe mu vyumba vy’uburaro. Bamaze kubiregera neza baca babipfuka na beto.

Ku wa 19 Mukakaro 2017: Aho bazokwubaka

Uwuriko arakata igazo hafi y’irembo rikuru ryinjira ku biro vy’ishami. Iyo gazo ituma hatamera ivyatsi. Ivyo biragabanya akazi ko kwitwararika aho hantu, narirya ari hafi y’ibarabara ricamwo abantu benshi.

Ku wa 1 Myandagaro 2017: Inyubakwa y’amabiro

Uwuriko arapima ahazoca irembo rishikira ahari inyubakwa y’amabiro. Aca ahashira ikimenyetso agaca agisiga irangi kugira kiboneke neza. Muri iyo nyubakwa hazoba hariyo igikoni, uburiro n’icumba c’amanama. Inyuma hari inyubakwa z’uburaro.

Ku wa 8 Myandagaro 2017: Inyubakwa z’uburaro

Umugabo n’umugore wiwe bariko barategura kofraje bazosukamwo ibeto yo kwubaka irogare y’amatiyo azocamwo amazi y’imvura. Inyuma hari Inyubakwa y’uburaro ya E n’iya F zikikujwe n’ibisashe kugira ngo abariko barakorerayo ntibakanye cane mu kiringo c’urushana.

Ku wa 9 Myandagaro 2017: Aho bazokwubaka

Bariko barigisha umuntu gukoresha icuma giterura ibintu. Ico cuma gikoreshwa mu guterura ibirokosima bipima nk’ibilo 70. Bamaze gushira ikirokosima mu kibanza caco, baca bashira isima ku mpande zaco kugira kigume.

Ku wa 16 Myandagaro 2017: Aho bazokwubaka

Bariko barashira itiyo y’amazi mu kibanza cayo. Umwubatsi yayigumije kugira igume itumbereye aho bashaka. Amatiyo yose hamwe azokenerwa azoba areha n’ibilometero nka bitanu.

Ku wa 22 Myandagaro 2017: Inyubakwa y’uburaro ya E

Umufundi ariko arakata amatafari akoresheje imashini. Ivyo bipande baca babikoresha mu gushariza ku mfuruka z’inyubakwa z’uburaro. Bazokoresha amatafari arenga 300.000 mu gushariza izo nyubakwa.