Ja ku birimwo

Amafoto yo muri Filipine (Igice ca 2: Ruheshi 2015—Ruheshi 2016)

Amafoto yo muri Filipine (Igice ca 2: Ruheshi 2015—Ruheshi 2016)

Ivyabona vya Yehova bo muri Filipine bararangije ibikorwa bikomeye vyo gusanura inyubakwa z’ibiro vy’ishami biri i Quezon City. Aya mafoto arerekana ingene ivyo bikorwa vyagenze n’ingene Ivyabona benshi bitanze bakabishigikira kuva muri Ruheshi 2015 gushika muri Ruheshi 2016. Haheze amezi makeyi, izo nyubakwa zaratanguye gukoreshwa. Zeguriwe Imana muri Ruhuhuma 2017.

Igicapo c’ibiro vy’ishami vyo muri Filipine. Inyubakwa zubatswe canke zasanuwe ni izi:

  • Inyubakwa ya 4 (Uburaro)

  • Inyubakwa ya 5 (Urwego rw’amajwi n’amasanamu, Urwego rujejwe umurimo)

  • Inyubakwa ya 6 (Ahatunganirizwa ivy’ubusitani, ivyo gukora imiduga no gusudira)

  • Inyubakwa ya 7 (Urwego rwa orodinateri, ubwubatsi, kubungabunga ibikoresho, kurungika ibitabu, ubuhinduzi)

Ku wa 15 Ruheshi 2015: Kw’ishantiye

Abariko barategura kofraje bazokoresha mu gukora akayira gahuza inyubakwa ya 1, iya 5 n’iya 7.

Ku wa 15 Ruheshi 2015: Inyubakwa ya 5

Abafundi bariko barasuzuma imigero yateguwe n’Urwego rw’akarere rujejwe imigero n’ubwubatsi rwo muri Aziya na Pasifike imbere yo gutangura ibikorwa. Muri Ntwarante 2016, urwo rwego rwaravuye muri Ostraliya rwimukira ku biro vy’ishami vyo muri Filipine.

Ku wa 23 Ruheshi 2015: Kw’ishantiye

Imashini iriko iramena isima kugira bategure aho bazocisha amatiyo. Ayo matiyo azocamwo amazi akanye akoreshwa n’ivyuma bitanga ubushuhe canke ubukanye.

Ku wa 20 Mukakaro 2015: Kw’ishantiye

Umugabo n’umugore wiwe bava muri Amerika bagira basudire ivyuma abantu bifadikiza bariko bararengana.

Ku wa 20 Mukakaro 2015: Kw’ishantiye

Bariko barashira mu binogo amatiyo y’amazi hagati y’inyubakwa ya 4 n’iya 5.

Ku wa 18 Nyakanga 2015: Inyubakwa ya 5

Umufundi ariko aratera imisumari mu kuma gafata agakuta kari munsi y’idirisha.

Ku wa 18 Nyakanga 2015: Inyubakwa ya 5

Umufundi ariko arasasa amatapi ameze nk’amakaro. Urwego rw’amajwi n’amasanamu ni rwo ahanini rukorera mw’igorofa ya mbere yo mu nyubakwa ya 5. Iyo gorofa yose irimwo mwene ayo matapi kugira bigabanye urwamo.

Ku wa 22 Gitugutu 2015: Inyubakwa ya 5

Bariko barasiga irangi rigabanya ubushuhe ku nyubakwa y’amabiro. Iryo rangi rirakevya imishwarara y’izuba, bigatuma muri iyo nyubakwa haguma hapfutse kandi bikagabanya amahera akoreshwa ku muyagankuba.

Ku wa 10 Ruhuhuma 2016: Inyubakwa ya 4

Uwuriko arakurako imbaho bakoresheje mu kwubaka uruzitiro. Inyubakwa ya 4 igizwe n’amagorofa abiri, akaba ari yo abanyeshure b’amashure atandukanye y’ivya Bibiliya babamwo mu gihe c’ivyigwa.

Ku wa 10 Ruhuhuma 2016: Inyubakwa ya 4

Uwuriko arashirako ibintu vyo gukingira amatiyo acamwo amazi akanye. Ivyo bituma ivyuma bitanga ubushuhe canke ubukanye bikora neza kandi biragabanya utuma tw’amazi twirema ku matiyo.

Ku wa 16 Ruhuhuma 2016: Inyubakwa ya 4

Umufundi yavuye muri Ostraliya ariko arapima utwuma dukata umuyagankuba (disjoncteurs). Abafundi barenga 100 bavuye hanze ni bo baje muri Filipine gufasha muri ico gikorwa co gusanura ibiro vy’ishami.