Ja ku birimwo

Ushobora gute kuba Icabona ca Yehova?

Ushobora gute kuba Icabona ca Yehova?

 Yezu yaravuze ibisabwa kugira umuntu abe Icabona ca Yehova nk’uko biboneka muri Matayo 28:19, 20. Ico canditswe kirerekana ibikenewe kugira umuntu abe umwigishwa wa Kristu, muri ivyo hakaba harimwo gushingira intahe Yehova.

 Igisabwa ca 1: Kwiga ivyo Bibiliya yigisha. Yezu yabwiye abayoboke biwe ‘guhindura abantu abigishwa.’ (Matayo 28:19, 20) Umwigishwa ni umuntu yiga canke yigishijwe. Muri Bibiliya, na canecane mu nyigisho za Yezu, turahasanga ibintu vyofasha umuntu kugira ubuzima bumara akanyota. (2 Timoteyo 3:16, 17) Biciye kuri programa tugira yo kwigisha Bibiliya ku buntu, turahimbarwa no gufasha abantu kwiga ivyo Bibiliya yigisha.​—Matayo 10:7, 8; 1 Abatesalonika 2:13.

 Igisabwa ca 2: Gushira mu ngiro ivyo wiga. Yezu yavuze ko abiga bategerezwa kandi ‘kwubahiriza ibintu vyose yategetse.’ (Matayo 28:20) Ni ukuvuga ko umuntu atiga Bibiliya kugira gusa yimenyere ibintu bishasha. Hari aho vyosaba ko agira ibintu ahinduye mu kuntu yiyumvira canke mu kuntu yigenza. (Ivyakozwe 10:42; Abanyefeso 4:22-29; Abaheburayo 10:24, 25) Abubahiriza ivyo Yezu yategetse baravyurirwa umutima wo gufata ingingo yo kumukurikira, ivyo bakabigira mu kwegurira ubuzima bwabo Yehova Imana.​—Matayo 16:24.

 Igisabwa ca 3: Kubatizwa. (Matayo 28:19) Muri Bibiliya, ukubatizwa bigereranywa no guhambwa. (Gereranya n’​Abaroma 6:2-4) Ni ikimenyetso cerekana ko umuntu yapfuye mu buryo yari abayeho maze agaca atangura ubundi buzima bushasha. Ubatijwe rero, uba werekanye ku mugaragaro ko washikije ivyo bisabwa bibiri Yezu yavuze be n’uko wipfuza kugira ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi imbere ya Yehova.​—Abaheburayo 9:14; 1 Petero 3:21.

Nomenya gute ko ngeze kubatizwa?

 Nubwire icipfuzo cawe abakurambere b’ishengero. Bazoyaga nawe kugira biyemeze ko watahuye ivyo Bibiliya yigisha, ko ushira mu ngiro ivyo wiga be n’uko wiyeguriye Imana bivuye ku mutima.​—Ivyakozwe 20:28; 1 Petero 5:1-3.

Ivyo bisabwa vyoba vyerekeye n’abana bafise abavyeyi b’Ivyabona?

 Egome. Nk’uko Bibiliya ibivuga, abana bacu tubarera mu “kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Abanyefeso 6:4) Naho biri ukwo, igihe bakuze ni bo bifatira ingingo yo kwiga Bibiliya, kwemera ivyo biga no kubishira mu ngiro imbere y’uko babatizwa. (Abaroma 12:2) Ku bwa ngingo, umwe wese ni we yihitiramwo ibijanye no gusenga.​—Abaroma 14:12; Abagalatiya 6:5.