Ja ku birimwo

Kubera iki mudahimbaza Noweli?

Kubera iki mudahimbaza Noweli?

Ivyiyumviro bitari vyo abenshi bafise

 Iciyumviro kitari co: Ivyabona vya Yehova ntibahimbaza Noweli kubera ko batemera Yezu.

 Ukuri: Turi abakirisu. Twemera ko ubukiriro abantu bashobora kuburonka biciye gusa kuri Yezu Kristu.—Ivyakozwe 4:12.

 Iciyumviro kitari co: Muracanishamwo imiryango mu kwigisha abayoboke banyu ngo ntibahimbaze Noweli.

 Ukuri: Turitwararika rwose imiryango, kandi dukoresha Bibiliya mu gufasha abantu gukomeza imiryango.

 Iciyumviro kitari co: Murihoza intumbero Noweli ifise, ni ukuvuga ugutanga, ugusasagaza amahoro kw’isi be n’ukugaragariza abandi umutima mwiza.

 Ukuri: Imisi yose twama twihatira kuba abantu batanga kandi b’indemeshamahoro. (Imigani 11:25; Abaroma 12:18) Nk’akarorero, tugira amakoraniro yacu y’ivy’ugusenga tukarangura n’igikorwa cacu co kwamamaza inkuru nziza nk’uko Yezu yavuze ati: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.” (Matayo 10:8) Vyongeye, turemesha abantu kwizigira ko Ubwami bw’Imana ari bwo buzozana amahoro kw’isi.—Matayo 10:7.

Igituma Ivyabona vya Yehova badahimbaza Noweli

  •   Yezu yadutegetse kwibuka urupfu rwiwe, ntiyadutegetse kwibuka ivuka ryiwe.—Luka 22:19, 20.

  •   Intumwa za Yezu be n’abigishwa biwe bo mu ntango ntibahimbaza Noweli. Igitabu kimwe (New Catholic Encyclopedia) kivuga ko “guhimbaza ivuka rya Yezu vyatanguye nko mu 243,” hakaba hari haciye imyaka irenga ijana uwa nyuma mu ntumwa za Yezu apfuye.

  •   Nta kintu na kimwe cemeza ko Yezu yavutse ku wa 25 Kigarama; Bibiliya ntivuga igenekerezo yavukiyeko.

  •   Twemera ko Noweli idashimwa n’Imana kubera ko ikomoka mu migenzo y’abapagani.—2 Abakorinto 6:17.

None muhimbaje Noweli hari ico?

 Abantu benshi barahimbaza Noweli naho bazi ko ikomoka mu bapagani kandi ko idashingiye kuri Bibiliya. Abo bantu boshobora kuvuga bati: Kubera iki umuntu yokwanka guhimbaza ikintu n’abandi bose bahimbaza? None umuntu ahimbaje Noweli hari ico?

 Bibiliya ituremesha kwiyumvira ubwacu, tugakoresha ‘ububasha bwacu bwo kwiyumvira.’ (Abaroma 12:1, 2) Itwigisha guha agaciro ukuri. (Yohani 4:23, 24) Naho twitwararika ukuntu abandi batubona, dukurikiza ata guca ku ruhande ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya naho vyotuma tudakundwa na benshi.

 Naho tudahimbaza Noweli, turubahiriza uburenganzira umuntu wese afise bwo kwifatira ingingo muri ivyo. Abandi bahisemwo guhimbaza Noweli ntitubabuza.