Ja ku birimwo

Yezu yoba yari umuntu mwiza gusa?

Yezu yoba yari umuntu mwiza gusa?

Inyishu Bibiliya itanga

 Yezu ntiyari umuntu mwiza gusa. N’imiburiburi, yarabaye umuntu yagize akosho gakomeye kuruta abandi bose muri kahise k’abantu. Raba ivyo aba bahinga mu vya kahise n’abanditsi ba rurangiranwa bavuze ku bimwerekeye:

 “Yezu w’i Nazareti . . . nta gukeka ko ari we muntu ahambaye kuruta abandi bose babayeho.”—Vyavuzwe na H. G. Wells, umuhinga mu vya kahise w’Umwongereza.

 “Ubuzima [bwa Yezu] ni bwo bwagize ico bukoze ku bantu benshi kuruta ubw’abandi bantu bose babayeho kuri uyu mubumbe kandi n’ubu bukiriko.”—Vyavuzwe na Kenneth Scott Latourette, umuhinga mu vya kahise akaba n’umwanditsi w’Umunyamerika.

 Bibiliya irasigura igituma Yezu yagize akosho gakomeye kuruta abandi bantu beza bose babayeho. Igihe Yezu yabaza abayoboke biwe somambike uwo biyumvira ko ari, umwe muri bo yishuye neza ati: “Uri Kristu, Umwana w’Imana nzima.”—Matayo 16:16.