Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Abanyefeso 3:20: «[Imana ira]shobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba n’ivyo twiyumvira vyose»

Abanyefeso 3:20: «[Imana ira]shobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba n’ivyo twiyumvira vyose»

 «Umwe rero ashobora gukora ibirengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira, nk’uko ububasha bwiwe buriko bukorera muri twebwe buri, ubuninahazwa bube ubwiwe.»​—Abanyefeso 3:20, 21. Bibiliya y’Isi Nshasha.

 «Nukw’Ishobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba n’ivyo twiyumvira vyose, nk’uk’ubushobozi bgayo budukoreramwo buri, icubahiro kibe icayo.»​—Abanyefeso 3:20, 21, Bibiliya Yera.

Ico mu Banyefeso 3:20 hasobanura

 Intumwa Pawulo yarerekanye ko yizigira yuko Imana ishobora kwishura amasengesho kandi igashitsa ivyo abasavyi bayo bayisaba mu buryo batari biteze. Irashobora mbere kwishura amasengesho yabo mu buryo bwiza kuruta uko bavyiyumvira.

 «Umwe rero ashobora . . . nk’uko ububasha bwiwe buriko bukorera muri twebwe buri.» Umurongo wa 21 utwigisha ko uwo «umwe» ari Yehova Imana. a Ni co gituma Pawulo yanditse ati: «Naninahazwe biciye kw’ishengero no kuri Kristu Yezu.» (Abanyefeso 3:20, 21) Vyongeye, Imana irashobora kuduha ububasha, ari zo nguvu dukeneye kugira dukore ivyo ishaka.​—Abafilipi 4:13.

 Ku murongo wa 20, intumwa Pawulo arashimika ku kintu kidasanzwe kijanye n’ingene Yehova akoresha ububasha bwiwe mu gufasha abasavyi biwe. Igitabu kimwe cagize ico kivuze kuri iyi mvugo yahinduwe ngo «umwe rero ashobora» kigira giti: «Uwo murongo nturiko uravuga gusa ko Imana ishoboye gukora ikintu kanaka canke ko bishoboka yuko ikora ico kintu. Ahubwo irafise ububasha bwo kugikora.» Umugenzi arashobora kwipfuza kugufasha mugabo ntibimukundire. Yamara, Yehova yama ashoboye kwitaho abasavyi biwe no kwishura amasengesho yabo. Ni we wenyene afise ububasha n’ubukuru bitagira aho bigarukira.​—Yesaya 40:26.

 «[Imana] . . . ishobora gukora ibirengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira.» Yehova arashoboye gukora ibirenze canke mbere «ibirengeye kure n’iyo» ivyo abasavyi biwe bamusaba. Arashobora kubafasha mu buryo burengeye kure n’iyo ukwo bari bavyiteze.

 Imvugo ngo «ibirengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira» iratwigisha ikindi kintu ku bijanye n’uwo murongo. Mu kuvuga ngo «ibirengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira,» intumwa Pawulo yashaka ko abakirisu bose batahura ko Imana ishoboye kubafasha mu buryo burenze uko bari bavyiteze. Bibiliya Nyeranda ihindura igice ca mbere c’umurongo wa 20 iti: «Uwushobora gukora ibirengeye rwose ivyo dusaba n’ivyo twiyumvira vyose.» Rimwe na rimwe, abakirisu barashobora kubona ko ingorane bafise zibarengeye ku buryo zitotorerwa umuti. Vyonashika kandi ntibabone ico bosenga basaba. Ariko, Yehova aratahura cane ivyo baba bariko baracamwo kandi ubushobozi bwiwe bwo kubafasha ntibugira aho bugarukira. Mu gihe kibereye, arashobora gutorera umuti ingorane iyo ari yo yose, ivyo akabigira mu buryo abasavyi biwe batigera biyumvira ko bwoshoboka. (Yobu 42:2; Yeremiya 32:17) Mu kurindira, arabaha inkomezi zo kwihangana mbere agatuma bagira umunezero.​—Yakobo 1:2, 3.

Amakikuro y’Abanyefeso 3:20

 Igitabu c’Abanyefeso ni ikete intumwa Pawulo yandikiye abakirisu baba mu gisagara ca Efeso muri Aziya Ntoya, akaba ari igice c’igihugu ca Tirkiya yo muri iki gihe. Muri iryo kete, Pawulo yaranditse ivyiyumviro yashize mw’isengesho yasenze abasabira. (Abanyefeso 3:14-21) Yarasenze asaba ko abakirisu b’i Efeso mbere n’abandi bakirisu bose muri rusangi bokwihatira kumenya urukundo rwa Kristu mu kugerageza kwigana uburyo Yezu yagaragaza urukundo mu vyo yakora no mu vyo yavuga. Pawulo yasozereye isengesho ryiwe ashemeza Imana mu kuvuga amajambo ari mu Banyefeso 3:20, 21.

 Raba iyi videwo ngufi y’incamake y’igitabu c’Abanyefeso.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»