Ja ku birimwo

Yeruzalemu Nshasha ni iki?

Yeruzalemu Nshasha ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Imvugo “Yeruzalemu Nshasha” iboneka incuro zibiri muri Bibiliya. Ni igisagara c’ikigereranyo, kikaba kigereranya umugwi w’abayoboke ba Yezu baja mw’ijuru gufadikanya na we kuganza mu Bwami bw’Imana. (Ivyahishuwe 3:12; 21:2) Bibiliya yerekana ko uwo mugwi ushobora kandi kwitwa umugeni wa Kristu.

Ivyodufasha kumenya Yeruzalemu Nshasha ico ari co

  1.   Yeruzalemu Nshasha iri mw’ijuru. Igihe cose Bibiliya ivuze Yeruzalemu Nshasha, ivuga ko imanutse iva mw’ijuru, hakaba hari n’abamarayika bacunze imiryango y’ico gisagara. (Ivyahishuwe 3:12; 21:2, 10, 12) Kuba ico gisagara ari kinini cane birerekana ko kidashobora kuba kiri kw’isi. Kimeze nk’inyaburiba ndinganire (cube) ireha na “sitadiyo ibihumbi cumi na bibiri.” a (Ivyahishuwe 21:16) Ni nk’aho impande zaco zoba zifise uburebure bw’amahagarara bungana n’ibilometero 560.

  2.   Yeruzalemu Nshasha igizwe n’abayoboke ba Yezu, ari bo mugeni wa Kristu. Yeruzalemu Nshasha yitwa “umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama.” (Ivyahishuwe 21:9, 10) Uwo Mwagazi agereranya Yezu Kristu. (Yohani 1:29; Ivyahishuwe 5:12) “Umugore wa wa Mwagazi w’intama,” ari we mugeni wa Kristu, agereranya abakirisu bazoba bari kumwe na Yezu mw’ijuru. Ubucuti buri hagati ya Yezu n’abo bakirisu Bibiliya ibugereranya n’ubucuti buri hagati y’umugabo n’umugore. (2 Abakorinto 11:2; Abanyefeso 5:23-25) N’ikindi kandi, amabuye y’umushinge wa Yeruzalemu Nshasha yanditseko “amazina cumi n’abiri ya za ntumwa cumi na zibiri za wa Mwagazi w’intama.” (Ivyahishuwe 21:14) Ivyo birafasha kumenya Yeruzalemu Nshasha ico ari co, kuko abakirisu bazoronka ubuzima mw’ijuru “[bu]batswe ku mushinge w’intumwa n’abahanuzi.”​—Abanyefeso 2:20.

  3.   Yeruzalemu Nshasha iri mu bigize intwaro y’Imana. Yeruzalemu ya kera wari umurwa mukuru wa Isirayeli, hakaba ari ho Umwami Dawidi, umuhungu wiwe Salomo n’abandi babakomokako baganza bari, bicaye “ku ntebe y’ubwami ya Yehova.” (1 Ngoma 29:23) Rero, Yeruzalemu, iyitwa “igisagara ceranda,” yagereranya ubutegetsi bw’Imana biciye ku muryango wa Dawidi. (Nehemiya 11:1) Yeruzalemu Nshasha na yo, iyitwa kandi “igisagara ceranda,” igizwe n’abazofadikanya na Yezu ‘kuganza isi.’​—Ivyahishuwe 5:9, 10; 21:2.

  4.   Yeruzalemu Nshasha irazanira imihezagiro abantu bari kw’isi. Yeruzalemu Nshasha ivugwa ko ‘imanuka iva mw’ijuru ku Mana,’ bikaba vyerekana ko Imana iyikoresha mu kwitwararika ibintu vy’ahandi hantu atari mw’ijuru. (Ivyahishuwe 21:2) Ayo majambo arerekana ko Yeruzalemu Nshasha ifitaniye isano n’Ubwami bw’Imana, bukaba ari bwo Imana ikoresha kugira ishitse ivyo igomba “kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:10) Umugambi Imana ifitiye abantu urimwo no kuzobazanira imihezagiro ikurikira:

    •   Kubakurako igicumuro. Hari “uruzi rw’amazi y’ubuzima” rutemba ruva kuri Yeruzalemu Nshasha, rukavomera “ibiti vy’ubuzima” vyo “kuvūra amahanga.” (Ivyahishuwe 22:1, 2) Ukwo kuvurwa mu buryo bw’umubiri n’ubw’impwemu bizokuraho igicumuro, bitume abantu baronka ubuzima butunganye nk’uko Imana yari yarabishatse kuva mu ntango.​—Abaroma 8:21.

    •   Gutuma abantu bagiranira ubucuti bwiza n’Imana. Igicumuro catumye abantu bigizwa kure y’Imana. (Yesaya 59:2) Rero nicavaho, bizotuma ubu buhanuzi buranguka bimwe bishitse: “Ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba ibisata vyayo. Kandi Imana ubwayo izobana na bo.”​—Ivyahishuwe 21:3.

    •   Kubakurako imibabaro n’urupfu. Imana ibicishije ku Bwami bwayo “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyahishuwe 21:4.

a Sitadiyo ni ingero y’uburebure yakoreshwa n’Abaroma, ikaba yangana n’imetero 185.