Ja ku birimwo

1914: Bibiliya ihishura iki ku bijanye n’uwo mwaka?

1914: Bibiliya ihishura iki ku bijanye n’uwo mwaka?

Inyishu Bibiliya itanga

 Urukurikirane rw’ibihe rushingiye kuri Bibiliya rwerekana ko Ubwami bw’Imana bwashinzwe mw’ijuru mu 1914. Ivyo birerekanwa n’amajambo amenyesha ivya kazoza ari mu gitabu ca Daniyeli ikigabane ca 4.

 Ico ayo majambo avuga: Mu ndoto imenyesha ivya kazoza, Imana yareretse Nebukadinezari umwami wa Babiloni ibijanye n’igiti amahero cari ciciwe. Igishitsi caco carabujijwe gukura gushika haciye ikiringo c’“ibihe indwi.” Inyuma y’ivyo bihe, ico giti cosubiye gukura.​—Daniyeli 4:​1, 10-​16.

 Iranguka rya mbere ry’ayo majambo: Ico giti amahero cagereranya Umwami Nebukadinezari ubwiwe. (Daniyeli 4:​20-​22) Mu buryo bw’ikigereranyo, ‘yariciwe’ igihe haca imyaka indwi yasaze kandi atakiri umwami. (Daniyeli 4:​25) Igihe Imana yatuma Nebukadinezari agarukana ubwenge, yarasubiye kuba umwami kandi aremera icese ubutegetsi bw’Imana.​—Daniyeli 4:​34-​36.

 Icemeza ko ayo majambo yarangutse mu buryo buhambaye kuruta: Intumbero y’ayo majambo kwari “kugira ngo abantu bariho bamenye ko Musumbavyose ari we Mutware mu bwami bw’abantu, be n’uko abuha uwo ashaka, agashiraho uwuciye bugufi hanyuma ya bose ngo abuganze.” (Daniyeli 4:​17) Uwo munyabwibone Nebukadinezari yoba ari we vy’ukuri Imana yagomba guha ubwo butegetsi? Oya, kuko imbere y’aho, Imana yari yamweretse biciye mu yindi ndoto ko itobumuhaye canke ngo ibuhe uwundi mutegetsi w’umunyapolitike. Ahubwo, Imana ni yo ubwayo yoshinze “ubwami butazokwigera busenyurwa.”​—Daniyeli 2:​31-​44.

 Imbere y’aho, Imana yari yarashinze ubwami bwaserukira ubutegetsi bwayo kw’isi, buno bukaba bwari ihanga rya kera rya Isirayeli. Imana yararetse ubwo bwami bugirwa “umusaka” bitumwe n’uko abategetsi babwo bari barabaye ibihemu. Ariko rero, Imana yaramenyesheje imbere y’igihe ko ubwo butegetsi bwa cami bwohawe “uwubifitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko.” (Ezekiyeli 21:25-​27) Bibiliya yerekana ko Yezu Kristu ari we yemererwa n’amategeko guhabwa ubwo bwami bw’ibihe bidahera. (Luka 1:​30-​33) Mu buryo butandukanye na Nebukadinezari, Yezu we “[ar]icisha bugufi bivuye ku mutima.”​—Matayo 11:29, Ubwuzure Bushasha.

 Igiti kivugwa muri Daniyeli ikigabane ca 4 kigereranya iki? Muri Bibiliya, ibiti rimwe na rimwe bigereranya ubutegetsi. (Ezekiyeli 17:22-​24; 31:​2-5) Mw’iranguka rihambaye kuruta ry’ibivugwa muri Daniyeli ikigabane ca 4, ico giti amahero kigereranya ubutegetsi bw’Imana.

 Ukwicirwa kw’ico giti gusobanura iki? Nk’uko kwicira ico giti vyagereranya uguhagarikwa kw’ubutegetsi bwa Nebukadinezari mu kiringo kinaka, ni na ko bigereranya ko ubutegetsi bw’Imana kw’isi bwohagaritswe mu kiringo kinaka. Ivyo vyabaye igihe Nebukadinezari yatikiza Yeruzalemu, aho abami ba Isirayeli bicara “ku ntebe y’ubwami ya Yehova” baserukira Imana ubwayo.​—1 Ngoma 29:23.

 “Ibihe indwi” bigereranya iki? “Ibihe indwi” bigereranya ikiringo Imana yaretse amahanga akaganza isi adaciriwemwo n’ubutegetsi na bumwe bwashinzwe na yo. Ivyo “bihe indwi” vyatanguye muri Gitugutu 607 imbere ya Kristu; twisunze urukurikirane rw’ibihe rushingiye kuri Bibiliya, ico gihe ni ho Yeruzalemu yatikizwa n’Abanyababiloni. a​—2 Abami 25:​1, 8-​10.

 Ivyo “bihe indwi” bingana gute? Ntivyoba bingana gusa n’imyaka indwi nka kurya kw’ivyashikiye Nebukadinezari. Yezu yarerekanye inyishu igihe yavuga ko “Yeruzalemu [ahagereranya ubutegetsi bw’Imana] hazohonyangwa n’amahanga, kugeza ibihe vyashinzwe vy’amahanga birangutse.” (Luka 21:24) “Ibihe vyashinzwe vy’amahanga,” ni ukuvuga ikiringo Imana yaretse ubutegetsi bwayo ‘bugahonyangwa n’amahanga,’ ni bimwe n’ivyo “bihe indwi” bivugwa muri Daniyeli ikigabane ca 4. Ivyo bisobanura ko ivyo “bihe indwi” vyari bitararangira no mu misi Yezu yari kw’isi.

 Bibiliya irerekana uburyo bwo kumenya ingene ivyo “bihe indwi” vyari vyaravuzwe bingana. Ivuga ko “ibihe” bitatu n’igice bingana n’imisi 1.260; ivyo “bihe indwi” rero bingana n’iyo misi ugwije na kabiri, ni ukuvuga imisi 2.520. (Ivyahishuwe 12:​6, 14) Dukurikije ibijanye n’ivyo kumenyesha kazoza bivuga ko ‘umusi uhura n’umwaka,’ iyo misi 2.520 igereranya imyaka 2.520. Rero, ivyo “bihe indwi,” ari yo myaka 2.520, vyorangiye muri Gitugutu 1914.​—Guharūra 14:34; Ezekiyeli 4:6.

a Ushaka amakuru yiyongereye y’igituma havuzwe umwaka wa 607 imbere ya Kristu, raba ibi biganiro: “Yeruzalemu ya kera yatikijwe ryari?—Igice ca mbere,” mu nomero y’Umunara w’Inderetsi yo ku wa 1 Gitugutu 2011 ku rupapuro rwa 26-​31, na “Yeruzalemu ya kera yatikijwe ryari?—Igice ca kabiri,” mu nomero y’Umunara w’Inderetsi yo ku wa 1 Munyonyo 2011 ku rupapuro rwa 22-​28.