Ja ku birimwo

Kubera iki Ivyabona vya Yehova batemera guterwa amaraso?

Kubera iki Ivyabona vya Yehova batemera guterwa amaraso?

Ivyiyumviro bitari vyo abenshi bafise

 Iciyumviro kitari co: Ivyabona vya Yehova ntibemera ubuvuzi canke ngo bemere kuvurwa.

 Ukuri: Turarondera ko twe n’imiryango yacu tuvurwa mu buryo bwiza bushoboka. Iyo turwaye, turivuza ku baganga bashoboye kutuvura canke kutubaga badakoresheje amaraso. Turashima amaterambere yashitsweko mu vy’ubuvuzi. Washaka, uburyo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso bwashitsweko kugira bukoreshwe mu kuvura Ivyabona vya Yehova n’abandi bose bariko barabwungukirako. Mu bihugu vyinshi, umurwayi wese ubu arashobora guhitamwo kwirinda ingorane zishobora kuva ku guterwa amaraso, nk’indwara zandukira ziciye mu maraso, ukuba umubiri worwanya ayo maraso kubera ko usanzwe urwanya ikintu cose kitari icawo cinjiye muri wo, be n’ukwihenda umuntu ashobora kugira.

 Iciyumviro kitari co: Ivyabona vya Yehova bemera ko ukwizera ari kwo gukiza umuntu.

 Ukuri: Nta vy’ugukiza abantu mu kubasengera tugira.

 Iciyumviro kitari co: Kuvurwa hadakoreshejwe amaraso birazimvye cane.

 Ukuri: Kuvurwa hadakoreshejwe amaraso biragabanya amahera umuntu asohora. a

 Iciyumviro kitari co: Ivyabona vya Yehova benshi, ushizemwo n’abana, barapfa ku mwaka ku mwaka kubera banse guterwa amaraso.

 Ukuri: Ico ciyumviro ntigifise ishingiro na gato. Abaganga bama babaze ibihimba bigoye cane badakoresheje amaraso, nko kubaga umutima, kubaga mu ngingo, no gufata igihimba c’umubiri bakagikura bakagisubiriza ikindi. b Abarwayi, harimwo n’abana, bavurwa hadakoreshejwe amaraso akenshi usanga bakira neza canke bakagira amagara meza kurusha abatewe amaraso. c Uko biri kwose, nta n’umwe ashobora kwemeza ko umurwayi azopfa kubera yanse guterwa amaraso canke azokira kubera yemeye guterwa amaraso.

Kubera iki Ivyabona vya Yehova batemera guterwa amaraso?

 Twanka kuyaterwa kubera ukwemera kwacu, si ku bw’impamvu zijanye n’ubuvuzi. Isezerano rya kera be n’Isezerano rishasha bidutegeka bitomora ngo twirinde amaraso. (Itanguriro 9:4; Abalewi 17:10; Gusubira mu vyagezwe 12:23; Ivyakozwe 15:28, 29) N’ikindi kandi, Imana ibona ko amaraso agereranya ubuzima. (Abalewi 17:14) Rero, twanka guterwa amaraso kubera tugamburukira Imana no kubera tuyubaha nka yo Mutanzi w’ubuzima.

Ivyiyumviro biriko birahinduka

Umurwayi arashobora kubagwa mu buryo bugoye bikagenda neza atiriwe araterwa amaraso

 Hari igihe mu vy’ubuvuzi babona ko kuvura hadakoreshejwe amaraso birimwo akaga rwose, mbere ko ari nk’ukwiyahura, ariko muri iyi myaka ya vuba ico ciyumviro carahindutse. Nk’akarorero, mu 2004, hari ikiganiro casohotse mu kinyamakuru cigisha ivy’ubuvuzi cavuze yuko “bwinshi mu buhinga bwo kuvura bwatejwe imbere ngo bukoreshwe mu kuvura Ivyabona vya Yehova buzoba bwo buryo bukoreshwa mu kuvura mu myaka iri imbere.” d Hari ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (Heart, Lung and Circulation) cavuze mu 2010 giti: “‘Kubaga hadakoreshejwe amaraso’ ntibikwiye kugirwa ku Vyabona vya Yehova gusa ahubwo ni bwo buryo bukwiye kwama bwakoreshejwe no mu kubaga abandi.”

 Abaganga ibihumbi n’ibihumbi bo hirya no hino kw’isi ubu barakoresha uburyo bwo kubaga butuma umuntu adatakaza amaraso menshi kugira babage ibihimba bigoye cane batiriwe baratera umurwayi amaraso. Ubwo buryo bwo kuvura busubirira ugutera amaraso burakoreshwa no mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, kandi n’abarwayi benshi batari Ivyabona vya Yehova barisabira ko ari bwo bwokoreshwa mu kubavura.

a Raba Transfusion and Apheresis Science, Volume 33, No. 3, p. 349.

b Raba The Journal of Thoracic and Cardiovascular Surgery, Volume 134, No. 2, pp. 287-288; Texas Heart Institute Journal, Volume 38, No. 5, p. 563; Basics of Blood Management, p. 2; Continuing Education in Anaesthesia, Critical Care & Pain, Volume 4, No. 2, p. 39.

c Raba The Journal of Thoracic and Cardiovascular Surgery, Volume 89, No. 6, p. 918; Heart, Lung and Circulation, Volume 19, p. 658.

d Continuing Education in Anaesthesia, Critical Care & Pain, Volume 4, No. 2, page 39.