Ja ku birimwo

Uburusiya

 

2020-09-21

UBURUSIYA

Nta mvo yotuma dutinya uruhamo

Mw’ikoraniro rya buri mwaka ryo mu 2019, umuvukanyi Mark Sanderson wo mu Nama Nyobozi yaratanze insiguro ivuga iti: “Ni igiki dukwiye gutinya?” Iyo nsiguro yarimwo akavidewo k’ivyabonywe vy’abavukanyi na bashiki bacu bariko barashikirwa n’uruhamo mu Burusiya.

2021-01-27

UBURUSIYA

Ikiganiro twagiranye n’umuvukanyi Dmitriy Mikhaylov

Ku wa 29 Rusama 2018, umuvukanyi Mikhaylov yarafashwe aca amara amezi atari make apfunzwe. Mu kiganiro twagiranye, aratwiganira ingene Yehova yamufashije kwihangana, hambavu yo gufatwa mu mugongo n’umukenyezi wiwe w’umwizigirwa. Arasigura n’ingene kubwira abandi banyororo ukuri kwo muri Bibiliya vyamufashije kugumana amahoro n’umunezero.

2017-08-07

UBURUSIYA

Ivyabona bo mu bindi bihugu baragiye gushigikira bagenzi babo bo mu Burusiya

Inama Nyobozi yaratunganije yuko abavukanyi bava mu migabane itatu y’isi baja i Moscou.

2017-08-02

UBURUSIYA

Sentare ntahinyuzwa y’Uburusiya yaremeje ingingo yari yafashe yo guhagarika Ivyabona vya Yehova

Sentare ntahinyuzwa y’Uburusiya yaranse kwongera kwumviriza urubanza rw’Ivyabona, maze ishigikira ingingo yari yafashe ku wa 20 Ndamukiza. Ivyabona bo mu Burusiya bazokwungururiza muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu no muri Komite ya ONU ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu.

2017-06-28

UBURUSIYA

Prezida Putin yarambitse umudari abavyeyi b’Ivyabona vya Yehova

Mu birori vyabereye ku kirimba c’umukuru w’igihugu, Prezida Vladimir Putin yarambitse abavyeyi b’Ivyabona vya Yehova umudari uhabwa abavyeyi b’intangakarorero. Abo bavyeyi ni Valeriy na Tatiana Novik bo mu karere ka Karelia.

2017-04-21

UBURUSIYA

Sentare nkuru y’Uburusiya yafatiye ingingo Ivyabona vya Yehova

Ivyabona bazokwunguruza urubanza kubera ingingo yafashwe yo kwugara ibiro vyabo bikuru mu Burusiya.

2017-03-23

UBURUSIYA

Ivyabona vya Yehova bahagurukiye umugambi wo kubafuta mu Burusiya

Ni kabiri na rimwe Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya bakabuzwa gusenga. Ni co gituma Ivyabona bo kw’isi yose bari mw’isekeza ryo kwandika amakete kugira bashigikire bagenzi babo bo mu Burusiya. Raba ingene wobigenza nimba wipfuza kurigiramwo uruhara.

2015-12-04

UBURUSIYA

Ibisabwa ku bijanye n’urubanza rw’Ivyabona vya Yehova b’i Taganrog mu Burusiya

Kuva mu 2011, Ivyabona vya Yehova 16 barakubiswe intahe mu gahanga bahorwa ivyo bemera. Hoba none hari ibimenyamenya vyerekana ko ibikorwa vyabo ari ivy’intagondwa, nk’uko bavyagirizwa?

2015-11-03

UBURUSIYA

Abahinga bariyamiriza ingingo Uburusiya bwafashe yo kubuza JW.ORG

Ku wa 21 Mukakaro 2015, Uburusiya bwarabaye igihugu ca mbere kw’isi kitemera urubuga rw’Ivyabona vya Yehova ari rwo jw.org.