Ja ku birimwo

Mushiki wacu Sona Olopova

KU WA 30 NZERO 2024
UBURUSIYA

Mushiki wacu Sona Olopova yaciriwe kumara imyaka ibiri ariko arakora ibikorwa vy’agahato mu kigo c’ibohero

Mushiki wacu Sona Olopova yaciriwe kumara imyaka ibiri ariko arakora ibikorwa vy’agahato mu kigo c’ibohero

Ku wa 25 Nzero 2024, sentare y’i Tsentralniy yo mu karere ka Tolyatti mu ntara ya Samara yaraciriye mushiki wacu Sona Olopova kumara imyaka ibiri ariko arakora ibikorwa vy’agahato mw’ibohero. Azobwirizwa kuba muri iryo bohero ariko arakora ivyo bikorwa.

Amakuru amwerekeye

Turazi tudakeka ko Yehova azobandanya kuyobora Sona, kumukingira no kumugaragariza urukundo yongere abikorere n’abasavyi biwe bose b’intahemuka babandanya kumwizigira.​—Zaburi 86:2.

Ivyabaye n’igihe vyabereyeko

  1. Ku wa 15 Rusama 2023

    Ni ho Sona yatangura gukurikiranwa n’amategeko

  2. Ku wa 16 Rusama 2023

    Ni ho baza gusaka inzu yiwe. Baciye baja kumusambisha maze bamubuza kugira ingendo

  3. Ku wa 6 Nyakanga 2023

    Yaratanguye kuburana

  4. Ku wa 25 Nzero 2024

    Yaraciriwe urubanza rwo kumara imyaka ibiri ariko arakora ibikorwa vy’agahato mu kigo c’ibohero

a Iki ni ikiganiro twagiranye na mushiki wacu Olopova cabaye imbere y’uko acirwa urubanza.