Ja ku birimwo

Umuvukanyi Aleksandr Nikolayev yarasubiye kuba kumwe n’umugore wiwe Yevgeniya n’abana biwe batanu hamwe na inabukwe, aho amariye kuva mu gasho

KU WA 21 NYAKANGA 2023
UBURUSIYA

Umuvukanyi Aleksandr Nikolayev wo mu Burusiya yarapfunguwe

Umuvukanyi Aleksandr Nikolayev wo mu Burusiya yarapfunguwe

Ku wa 19 Nyakanga 2023, umuvukanyi Aleksandr Nikolayev yari apfungiwe mu Burusiya yararekuwe amazeyo hafi imyaka ibiri. Igihe Aleksandr yarekurwa yakiriwe n’abo basangiye ukwemera, yongera kuba kumwe n’umugore wiwe Yevgeniya n’abana biwe batanu.

Mu ntango z’umwaka wa 2021, inzu ya Nikolayev yaratewe n’abasirikare bajejwe umutekano hamwe n’abapolisi. Aleksandr yaciye afatwa arajanwa mu gasho yagirizwa kubwira umuryango wiwe n’abagenzi ivyerekeye Bibiliya.

Imbere y’uko Aleksandr afatwa, yaravuze icamufasha kuguma ari intahemuka. Yavuze ati: «Narabonye ko gutinya abantu no gukekeranya bishobora gutuma ntiyumvira neza. Rero, ndagerageza kutagwa muri uwo mutego. Ndasenga Yehova kugira amfashe kumwizigira mperejeko kandi yarankomeje.»

Turahimbarwa no kuba Aleksandr yararekuwe kandi akaba yarasubiye kwifatanya n’umuryango wiwe. Nta gukeka ko Yehova «akunda» abasavyi biwe b’intahemuka kubera ko bamwizigira kandi bakagaragaza umutima rugabo iyo bariko bararenganywa.​—Zaburi 149:4.