Ja ku birimwo

KU WA 22 RUHESHI 2020
UBURUSIYA

Nta mvo yotuma dutinya uruhamo

Nta mvo yotuma dutinya uruhamo

Mw’ikoraniro rya buri mwaka ryo mu 2019, umuvukanyi Mark Sanderson wo mu Nama Nyobozi yaratanze insiguro ivuga iti: “Ni igiki dukwiye gutinya?” Iyo nsiguro yarimwo akavidewo k’ivyabonywe vy’abavukanyi na bashiki bacu bariko barashikirwa n’uruhamo mu Burusiya.